Yobu
28 Hariho ikibanza bacukuramwo ifeza,
hakabaho n’ikibanza batyororeramwo inzahabu+.
2 Ubutare bw’icuma babukura mw’ivu,
umujumpu na wo ukava mu mabuye bashongesheje+.
4 Barimba ibinogo kure y’aho abantu baba,
ahantu hibagiwe, kure y’aho abantu baca.
Bamwebamwe bamanukayo benena ku migozi.
6 Amabuye yaho arimwo safiro,
ivu ryaho na ryo ririmwo inzahabu.
7 Iyo nzira nta gisiga na kimwe kiyizi,
n’ikinyamwanira cirabura nticigeze kiyibona.
8 Ibikoko bikaze ntivyigeze biyihonyoramwo,
mbere n’intambwe ntiyigeze iyicamwo.
9 Abantu bamenagura ibitandara vy’isare n’amaboko,
imisozi bakayirandurana n’imishinge yayo.
11 Bagomera amasoko y’inzuzi,
bagashira ahabona ivyari binyegejwe.
14 Amazi y’ibenga yavuze ati: “Ntiburi muri jewe!”
Ikiyaga na co giti: “Ntiburi iwanje+!”
18 Ibuye ryitwa korali n’iryitwa kirisitalo yoyo ntiyovugwa+,
kuko isaho yuzuye ubukerebutsi irusha agaciro iyuzuye imaragarita*.
19 Ntibwogereranywa n’ibuye ry’i Kushi ryitwa topazi+,
kandi n’inzahabu itavanze ntiyoshobora kubugura.
23 Imana ni yo izi inzira ija iyo buri.
Ni yo yonyene izi aho buba+,
24 kuko yitegereza gushika no ku mpera y’isi,
ikabona ibintu vyose biri munsi y’ijuru+.
25 Igihe yaha inguvu* umuyaga+,
igapima ingene amazi yose angana+,
26 igihe yashingira imvura amategeko+,
igacira inzira ibicu vy’imvura n’umuturagaro+,
27 ni ho yabona ubukerebutsi yongera irabusigura.
Yarabushinze yongera irabusuzuma.
28 Iraheza ibwira umuntu iti: