Kuvayo
32 Muri uwo mwanya, abantu babona ko Musa yari atevye kugaruka ava ku musozi+. Baca bakoranira kuri Aroni, bamubwira bati: «Duhingurire imana izotuja imbere+ kuko tutazi ivyashikiye uwo Musa, wa mugabo yadukura mu gihugu ca Misiri.» 2 Aroni abishura ati: «Tora amahereni y’inzahabu+ ari ku matwi y’abagore banyu, abahungu banyu n’abakobwa banyu maze muyanzanire.» 3 Abantu bose baca batangura gukura amahereni y’inzahabu bambaye ku matwi maze bayazanira Aroni. 4 Na we atora izo nzahabu, azihinguramwo igishusho* c’inyana akoresheje icuma*+. Baca batangura kuvuga bati: «Ewe Isirayeli, ng’iyi Imana yawe yagukuye mu Misiri+.»
5 Aroni ngo abibone, aca yubaka igicaniro imbere y’ico gishusho maze asemerera ati: «Ejo hariho umusi mukuru wa Yehova.» 6 Nuko bavyuka kare mu gitondo, batangura gushikana amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira. Ivyo biheze, baricara kugira barye bongere banywe. Hanyuma barahaguruka kugira biryohere+.
7 Yehova aca abwira Musa ati: «Genda manuka, kuko abantu bawe wakuye mu Misiri bakoze ivy’ubupfu+. 8 Bataye ningoga inzira nabategetse kugenderamwo+. Bihinguriye igishusho c’inyana, kandi baguma bacunamira bongera bagishikanira ibimazi, bavuga ngo: “Ewe Isirayeli, ng’iyi Imana yawe yagukuye mu Misiri.”» 9 Yehova yongera kubwira Musa ati: «Nabonye ko aba bantu ari intumva*+. 10 Ubu rero reka nkwereke: ngira ndabarandure n’ishavu n’akantu, hanyuma ndagukuremwo ihanga rikomeye mu kibanza cabo+.»
11 Musa aca atakambira Yehova Imana yiwe+ ati: «Kubera iki ga Yehova worakarira abantu bawe wakuye mu Misiri ukoresheje ububasha bwawe buhambaye n’ukuboko kwawe gukomeye+? 12 Ushaka Abanyamisiri birirwe baravuga ngo: “Bwa bundi yabakuye ino kugira abagirire nabi. Yashaka kubicira mu misozi kugira abazimanganye kw’isi+.” Ndakwinginze utsinde ishavu, uhindure* ingingo wafashe yo guteza ivyago abantu bawe. 13 Ibuka abasavyi bawe Aburahamu, Izahaki na Isirayeli, abo wewe ubwawe warahiye uti: “Nzogwiza uruvyaro* rwanyu nk’inyenyeri zo mu kirere+, kandi iki gihugu cose navuze nzogiha uruvyaro rwanyu, kugira rucigabire ibihe vyose+.”»
14 Yehova aca arahindura ingingo yari yafashe, ntiyateza abantu biwe ivyago yari yavuze+.
15 Musa aca ava ku musozi aramanuka, afise mu minwe+ vya bisate bibiri biriko amabwirizwa*+. Vyari vyanditseko ku mpande zose, imbere n’inyuma. 16 Ivyo bisate vyari vyakozwe n’Imana, kandi n’inyandiko yari kuri vyo yari yanditswe* n’Imana+. 17 Yosuwa yumvise urwamo rw’abantu kubera bariko bavuza induru, abwira Musa ati: «Hari urwamo rw’intambara mw’ikambi.» 18 Mugabo Musa amwishura ati:
«Si urwamo rw’abaririmba bigina intsinzi*,
kandi si urwamo rw’abarira kubera batsinzwe.
Ndiko numva urwamo rw’indirimbo z’ubundi bwoko.»
19 Musa ashitse hafi y’ikambi akabona ca gishusho c’inyana+ n’ingene bariko baratamba, aca ararungura n’ishavu maze aterera hasi vya bisate vy’amabuye vyari mu minwe yiwe, abisabiriza munsi y’umusozi+. 20 Aca afata ca gishusho c’inyana bari bakoze aragiturira, aragisya gicika ifu+. Araheza ayimijagira ku mazi maze ayanywesha Abisirayeli+. 21 Musa aca abaza Aroni ati: «Aba bantu bakugize iki ku buryo ubakwegera igicumuro gikomeye gutya?» 22 Aroni amwishura ati: «Ntushavure databuja*, usanzwe uzi neza ko aba bantu bakunda gukora ikibi+. 23 Bambwiye bati: “Duhingurire imana izotuja imbere kuko tutazi ivyashikiye uwo Musa, wa mugabo yadukura mu gihugu ca Misiri+.” 24 Nanje nabishuye nti: “Abambaye inzahabu mwese nimuzikure muzimpe.” Naciye ndaziterera mu muriro, haca havamwo iyo nyana.»
25 Musa abona ko abantu bari bisutse mu kibi kuko Aroni yari yabarekeranye, ku buryo bakora ibintu biteye isoni imbere y’abansi babo. 26 Musa aca ahagarara mw’irembo ry’ikambi maze avuga ati: «Ni nde ari ku ruhande rwa Yehova? Naze aha ndi+!» Abalewi bose baca bakoranira aho ari. 27 Aca ababwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Umwe wese natore inkota yiwe anyuragire irya n’ino mw’ikambi, yice mwenewabo, umubanyi wiwe n’umugenzi wiwe somambike+.”» 28 Abalewi baca bakora ivyo Musa ababwiye, bica nk’abagabo 3.000 kuri uwo musi. 29 Musa yongera kubabwira ati: «Nimwiyegurire igikorwa ca Yehova uno musi, kuko umwe wese yemeye kwica umuhungu wiwe na mwenewabo+. Uno musi Imana irabaha umuhezagiro+.»
30 Bukeye, Musa abwira abantu ati: «Igicumuro mwakoze kirakomeye cane. Ubu rero ngira nduge ku musozi gutakambira Yehova, ndabe ko yoharira igicumuro canyu+.» 31 Nuko Musa asubira kwa Yehova, avuga ati: «Igicumuro aba bantu bakoze kirakomeye cane! Bubahutse kwihingurira inyana y’inzahabu+! 32 Ubu rero nimba bishoboka, ndakwinginze ubaharire igicumuro cabo+. Atari ukwo, ndagusavye umpanagure mu gitabu cawe+.» 33 Ariko Yehova amwishura ati: «Uwancumuyeko ni we nzohanagura mu gitabu canje. 34 Ubu rero genda, ujane abo bantu aho nakubwiye, kandi umumarayika wanje azogendera imbere yawe+. Umusi hageze ko ndababaza ivyo bakoze, nzobahanira ikosa ryabo.» 35 Yehova aca atangura guteza abantu ivyago kubera bari bahinguye ya nyana, imwe Aroni yari yabakoreye.