Zaburi
IGITABU CA GATANU
(Zaburi 107-150)
2 Abacunguwe* na Yehova nibabivuge,
abo yacunguye akabakura mu kuboko* kw’umwansi+,
3 abo yegeranije abakuye mu bihugu bitandukanye+,
abakuye mu buseruko no mu burengero,
mu buraruko no mu bumanuko+.
4 Barayerereye mu gahinga, mu bugaragwa.
Barabuze inzira yobajana mu gisagara bobamwo.
5 Barakubiswe n’inzara n’inyota,
uburuhe buhakwa kubica.
8 Abantu nibakengurukire Yehova+ kubera urukundo* rwiwe
no kubera ibikorwa bitangaje akorera abana b’abantu+!
10 Hari abari babayeho mu mwiza w’umuzitanya,
imbohe zariko zibabarizwa mu minyororo.
13 Baratakambiye Yehova mu maganya yabo,
na we arabakura mu vyago barimwo.
15 Abantu nibakengurukire Yehova kubera urukundo* rwiwe+
no kubera ibikorwa bitangaje akorera abana b’abantu!
18 Nta gifungurwa na kimwe bari bacipfuza.
Bagarukiye ku cobo.
19 Baratakambira Yehova mu maganya yabo,
na we akabakura mu vyago barimwo.
21 Abantu nibakengurukire Yehova kubera urukundo* rwiwe
no kubera ibikorwa bitangaje akorera abana b’abantu!
22 Nibamushikanire ibimazi vyo gukenguruka+,
kandi batangaze ibikorwa vyiwe biha akaruru k’umunezero.
23 Abagira ingendo mu kiyaga bari mu mato*,
bagakorera urudandaza rwabo ku mazi menshi+,
24 barabonye ibikorwa vya Yehova
n’ibintu bitangaje yaremye biri mu kiyaga+.
25 Barabonye ingene avuga rimwe hagaca haduka igihuhusi+,
maze kikaduza ibisebuzi vy’ikiyaga.
26 Baraduga bagashika kw’ijuru
bakongera bakamanuka gushika epfo ibwina.
Baratekerwa n’ubwoba kubera bageramiwe cane.
27 Barafatwa n’ibizunguzungu, bakadandabagirana nk’imborerwa
kandi ubuhanga bwabo bwose nta na kimwe bubamarira+.
30 Baranezerwa babonye ibisebuzi bitekanye,
na we akabayobora ku kivuko bipfuza.
31 Abantu nibakengurukire Yehova kubera urukundo* rwiwe
no kubera ibikorwa bitangaje akorera abana b’abantu+!
33 Ahindura inzuzi ubugaragwa,
amasoko y’amazi akayahindura ahantu hagadutse+,
34 ahantu hamera akahahindura isi y’umunyu+
kubera ububisha bw’abantu bahaba.
39 Ariko barongera kugabanuka, bagaca bugufi
kubera agahahazo, ivyago n’intuntu.