Indirimbo ya Salomo
1 Indirimbo nziza kuruta izindi*, ikaba ari iya Salomo+:
3 Akamoto k’amavuta yawe ni keza cane+.
Izina ryawe rimeze nk’amavuta amota basuka ku mutwe+.
Ni co gituma abakobwa bagukunda.
Kuko umwami yanyinjije mu vyumba vyiwe!
Reka turyoherwe, tunezeranwe.
Duhayagize* urukundo rwawe kuruta umuvinyu.
Ni co gituma bagukunda*.
5 Mwa bakobwa b’i Yeruzalemu, ndirabura ariko ndi mwiza.
Meze nk’amahema y’i Kedari+, nk’ibitambara vy’amahema+ ya Salomo.
6 Ntimundabe cane ngo ni uko nirabura,
ngo ni uko izuba ryambabuye.
Basazanje baranshavuriye,
baca bandungika gucunga imirima y’imizabibu,
ariko umurima wanje bwite sinawucunze.
Kubera iki noba nk’umugore yitwikiriye*
hagati y’ibitungwa vya bagenzawe?»
8 «Nimba utahazi, ga mwigeme mwiza kuruta abandi bose,
nukurikire inzira ibitungwa vyaciyemwo,
uragire imyagazi yawe y’impene iruhande y’amahema y’abungere.»
9 «Rukundo rwanje, uri mwiza nk’ifarasi* iboheye ku mikogote ya Farawo+.
15 «Uri mwiza rukundo rwanje!
Uri mwiza cane! Amaso yawe asa n’ay’inuma+.»
16 «Mukunzi wanje, uri mwiza kandi urahimbaye+.
Amababi y’ibiti atibagurika mw’ishamba ni yo gitanda cacu.