ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 29
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Itanguriro: ibirimwo

      • Yakobo ahura na Rasheli (1-14)

      • Yakobo akunda Rasheli (15-20)

      • Yakobo arongora Leya na Rasheli (21-29)

      • Abahungu bane Yakobo yavyaranye na Leya: Rubeni, Simeyoni, Lewi na Yuda (30-35)

Itanguriro 29:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga igihugu cari mu buseruko bwa Kanani.

Itanguriro 29:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 27:42, 43; Ivk 7:2

Itanguriro 29:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 24:29
  • +It 24:24; 31:53

Itanguriro 29:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 46:19; Rs 4:11

Itanguriro 29:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umusi ugeze hagati.»

Itanguriro 29:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mwenewabo.»

Itanguriro 29:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 24:29

Itanguriro 29:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «uri igufa ryanje n’umubiri wanje.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2003, rup. 29

Itanguriro 29:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mwenewacu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 28:5
  • +It 30:27, 28; 31:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2003, rup. 29

Itanguriro 29:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rs 4:11

Itanguriro 29:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «amaso akeye.»

Itanguriro 29:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 31:41

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2003, rup. 29

Itanguriro 29:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 30:26; Hs 12:12

Itanguriro 29:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «turyamane.»

Itanguriro 29:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 16:1, 2; 30:9; 46:18

Itanguriro 29:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 31:7, 42

Itanguriro 29:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «nuhimbaze indwi y’ubugeni.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 31:41

Itanguriro 29:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 35:22
  • +It 30:1, 3

Itanguriro 29:30

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «aryamana.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Hs 12:12

Itanguriro 29:31

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «yanka.»

  • *

    Canke «yari ingumba.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 46:15; Rs 4:11
  • +It 30:22

Itanguriro 29:32

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «raba, umuhungu!»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 35:22; 37:22; 49:3, 4; Kv 6:14; 1Ng 5:1
  • +It 30:20; 1Sm 1:5, 6; Lk 1:24, 25

Itanguriro 29:33

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «kwumva.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 34:25; 49:5; 1Ng 4:24

Itanguriro 29:34

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «gufatana», «kwifatanya.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 34:25; 49:5; Kv 6:16; Gh 3:12; 1Ng 6:1

Itanguriro 29:35

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «uwuninahazwa», «imvo yo kuninahazwa.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 35:23; 37:26; 44:18; 49:8; 1Ng 2:3; Ivh 5:5

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ita. 29:4It 27:42, 43; Ivk 7:2
Ita. 29:5It 24:29
Ita. 29:5It 24:24; 31:53
Ita. 29:6It 46:19; Rs 4:11
Ita. 29:13It 24:29
Ita. 29:15It 28:5
Ita. 29:15It 30:27, 28; 31:7
Ita. 29:16Rs 4:11
Ita. 29:18It 31:41
Ita. 29:20It 30:26; Hs 12:12
Ita. 29:24It 16:1, 2; 30:9; 46:18
Ita. 29:25It 31:7, 42
Ita. 29:27It 31:41
Ita. 29:29It 35:22
Ita. 29:29It 30:1, 3
Ita. 29:30Hs 12:12
Ita. 29:31It 46:15; Rs 4:11
Ita. 29:31It 30:22
Ita. 29:32It 35:22; 37:22; 49:3, 4; Kv 6:14; 1Ng 5:1
Ita. 29:32It 30:20; 1Sm 1:5, 6; Lk 1:24, 25
Ita. 29:33It 34:25; 49:5; 1Ng 4:24
Ita. 29:34It 34:25; 49:5; Kv 6:16; Gh 3:12; 1Ng 6:1
Ita. 29:35It 35:23; 37:26; 44:18; 49:8; 1Ng 2:3; Ivh 5:5
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Itanguriro 29:1-35

Itanguriro

29 Inyuma y’ivyo, Yakobo abandanya urugendo aja mu gihugu co mu buseruko*. 2 Nuko abona iriba mu gahinga hamwe n’imigwi itatu y’ubusho bw’intama iryamye iruhande yaryo, kuko abungere bari bamenyereye kuhazana ibitungwa kugira binywe amazi. Iryo riba ryari ripfundikijwe ibuye rinini. 3 Ubusho bwose bumaze gukoranira ng’aho, baca batembagaza iryo buye ripfundikiye iriba, bagaha amazi ibitungwa. Bahejeje baca basubiza iryo buye mu kibanza caryo, bagapfundikira iryo riba.

4 Yakobo ababaza ati: «Benewacu, muri aba he?» Na bo bati: «Turi ab’i Harani+.» 5 Yongerako ati: «Mwoba muzi Labani+ umwuzukuru wa Nahori+?» Na bo bati: «Turamuzi.» 6 Asubizayo ati: «Arakomeye?» Bamwishura bati: «Arakomeye, kandi ng’urya Rasheli+ umukobwa wiwe azanye intama!» 7 Nuko ababwira ati: «Erega haracari kare*. Ntiharagera ko mwegeranya ubusho. Nimuhe amazi intama hanyuma muje kuziragira.» 8 Bamubwira bati: «Ntitwemerewe kuziha amazi ubusho bwose butarakoranira hamwe. Bumaze gukoranira hamwe, duca dutembagaza iryo buye hanyuma tukaziha amazi.»

9 Akiriko aravugana na bo, Rasheli aca arashika azanye intama za se, kuko yari umwungere. 10 Yakobo abonye Rasheli umukobwa wa Labani musaza wa nyina wiwe hamwe n’intama za Labani, ubwo nyene aca yegera iriba atembagaza rya buye maze aha amazi intama za Labani. 11 Yakobo araheza asoma Rasheli, aca araturikisha ararira. 12 Hanyuma abwira Rasheli ko yari incuti* ya se wiwe be n’uko yari umuhungu wa Rebeka. Rasheli aca yiruka kubibwira se wiwe.

13 Labani+ akimara kwumva amakuru ya Yakobo umuhungu wa mushikiwe, aca yiruka kumusanganira, aramugumbira, aramusoma maze amujana muhira iwe. Na we aca atangura kwiganira Labani ivyari vyamushikiye vyose. 14 Labani amubwira ati: «Uri incuti yanje y’amaraso* vy’ukuri.» Yakobo aca agumana na we ukwezi kwose.

15 Mu nyuma Labani abwira Yakobo ati: «Unkorere kuri gusa ngo ni uko uri incuti yanje*+? Mbwira, ushaka nzoguhembe iki+?» 16 Labani yari afise abakobwa babiri. Mukuru yitwa Leya, mutoyi na we Rasheli+. 17 Leya ntiyari afise amaso meza*, ariko Rasheli yari umukobwa mwiza cane, ateye igomwe. 18 Kubera yuko Yakobo yakunda cane Rasheli, abwira Labani ati: «Ndemeye kugukorera imyaka indwi kugira umpe Rasheli umukobwa wawe mutoyi+.» 19 Labani amwishura ati: «Nopfuma ndamuha wewe hako ndamuha uwundi mugabo. Niwigumanire nanje.» 20 Yakobo rero akora imyaka indwi kugira aronke Rasheli+, ariko kuri we wamengo ni imisi mikeya kuko yamukunda cane.

21 Maze Yakobo abwira Labani ati: «Mpa umugore wanje tubane*, kuko ikiringo twasezeranye caheze.» 22 Labani aca akoranya abantu bose bo mu kibano, agira umusi mukuru. 23 Ariko bugorovye, afata umukobwa wiwe Leya aba ari we amuha ngo abe umugore wiwe. 24 Labani kandi afata Zilupa umusukukazi wiwe amuha Leya kugira amukorere+. 25 Bukeye, Yakobo asanga bamuhaye Leya. Aca abwira Labani ati: «Ibi wankoreye ni ibiki? Sinagukoreye kugira umpe Rasheli? Kubera iki wampenze+?» 26 Labani amwishura ati: «Mu mico yacu umukobwa mutoyi ntatanga mukuruwe kurongorwa. 27 Numarane indwi* n’uwo mukobwa mukuru hanyuma nzoguha mutoyi wiwe, uce unkorera yindi myaka indwi+.» 28 Yakobo aca abigenza gutyo nyene, amarana indwi n’uwo mukobwa mukuru, hanyuma Labani amuha Rasheli ngo amubere umugore. 29 Labani kandi afata Biluha+ umusukukazi wiwe amuha Rasheli kugira amukorere+.

30 Maze Yakobo atwara* na Rasheli, aramukunda cane kuruta Leya, araheza akorera Labani yindi myaka indwi+. 31 Yehova abonye ko Yakobo adakunda* Leya, aca amuha ubushobozi bwo kuvyara+, ariko Rasheli we ntiyavyara*+. 32 Nuko Leya asama inda, avyara umuhungu maze amwita Rubeni*+, kuko yavuga ati: «Yehova yabonye amagorwa yanje+. Ubu umugabo wanje agiye kunkunda.» 33 Asubira gusama inda, avyara umuhungu maze avuga ati: «Yehova yumvise isengesho ryanje, kubera azi ko umugabo wanje atankunda. Ni co gituma anyongeye n’uyu.» Aca amwita Simeyoni*+. 34 Yongera gusama inda, avyara umuhungu maze avuga ati: «Ubu hoho umugabo wanje azokwifatanya nanje, kuko ndamuvyariye abahungu batatu.» Ni co catumye yitwa Lewi*+. 35 Nuko asubira kandi gusama inda, avyara umuhungu maze avuga ati: «Ubu ngiye kuninahaza Yehova.» Ni co gituma yamwise Yuda*+. Aca arahagarika kuvyara.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika