ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 30
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Itanguriro: ibirimwo

      • Biluha avyara Dani na Nafutali (1-8)

      • Zilupa avyara Gadi na Asheri (9-13)

      • Leya avyara Isakari na Zabuloni (14-21)

      • Rasheli avyara Yozefu (22-24)

      • Ibitungwa vya Yakobo vyongerekana (25-43)

Itanguriro 30:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «avyarire ku bibero vyanje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 29:29

Itanguriro 30:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 35:22

Itanguriro 30:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «umucamanza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 35:25; 46:23; 49:16

Itanguriro 30:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «ukunyinyurana kwanje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 35:25; 46:24; 49:21; Gus 33:23

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/8/2002, rup. 29-30

Itanguriro 30:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 35:26

Itanguriro 30:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «umugisha.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 49:19; Gh 32:33

Itanguriro 30:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «uwunezerewe», «agahimbare.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lk 1:46, 48
  • +It 35:26; 46:17; 49:20; Gus 33:24

Itanguriro 30:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Vyari ivyamwa abantu biyumvira ko bifasha kurondoka.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 29:32

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2004, rup. 28

Itanguriro 30:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 29:30

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2004, rup. 28

Itanguriro 30:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «ni impembo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 35:23; 46:13; 49:14; Gus 33:18

Itanguriro 30:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rs 4:11

Itanguriro 30:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «kwihangana.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 29:32
  • +It 35:23; 46:15; Zb 127:3
  • +It 46:14; 49:13; Gus 33:18

Itanguriro 30:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 34:1

Itanguriro 30:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 29:31

Itanguriro 30:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lk 1:24, 25

Itanguriro 30:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni impfunyapfunyo y’izina «Yosifiya.» Risobanura ngo «Yehova niyongereze (nagwize).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 35:24; 45:4; Gus 33:13; Ivk 7:9

Itanguriro 30:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 28:15; 31:13

Itanguriro 30:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 31:41; Hs 12:12

Itanguriro 30:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ibimenyetso.»

Itanguriro 30:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 31:7

Itanguriro 30:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 31:38

Itanguriro 30:30

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 32:9, 10

Itanguriro 30:31

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Hs 12:12

Itanguriro 30:32

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 31:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2003, rup. 30

Itanguriro 30:33

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ko mvuga ukuri.»

Itanguriro 30:34

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 31:8

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2003, rup. 30

Itanguriro 30:35

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2003, rup. 30

Itanguriro 30:36

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2003, rup. 30

Itanguriro 30:42

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 31:9

Itanguriro 30:43

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 32:5; 36:6, 7

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ita. 30:3It 29:29
Ita. 30:4It 35:22
Ita. 30:6It 35:25; 46:23; 49:16
Ita. 30:8It 35:25; 46:24; 49:21; Gus 33:23
Ita. 30:9It 35:26
Ita. 30:11It 49:19; Gh 32:33
Ita. 30:13Lk 1:46, 48
Ita. 30:13It 35:26; 46:17; 49:20; Gus 33:24
Ita. 30:14It 29:32
Ita. 30:15It 29:30
Ita. 30:18It 35:23; 46:13; 49:14; Gus 33:18
Ita. 30:19Rs 4:11
Ita. 30:20It 29:32
Ita. 30:20It 35:23; 46:15; Zb 127:3
Ita. 30:20It 46:14; 49:13; Gus 33:18
Ita. 30:21It 34:1
Ita. 30:22It 29:31
Ita. 30:23Lk 1:24, 25
Ita. 30:24It 35:24; 45:4; Gus 33:13; Ivk 7:9
Ita. 30:25It 28:15; 31:13
Ita. 30:26It 31:41; Hs 12:12
Ita. 30:28It 31:7
Ita. 30:29It 31:38
Ita. 30:30It 32:9, 10
Ita. 30:31Hs 12:12
Ita. 30:32It 31:7
Ita. 30:34It 31:8
Ita. 30:42It 31:9
Ita. 30:43It 32:5; 36:6, 7
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
  • 38
  • 39
  • 40
  • 41
  • 42
  • 43
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Itanguriro 30:1-43

Itanguriro

30 Rasheli abonye ko atavyariye abana Yakobo, aca agirira ishari mwenewabo, atangura kubwira Yakobo ati: «Mpa abana, ahandiho ndapfa.» 2 Yakobo aca aramushavurira cane, amubwira ati: «Mbega mbaye mu kibanza c’Imana, yo yakwimye abana?» 3 Rasheli amwishura ati: «Ng’uyu umusukukazi wanje Biluha+. Nuryamane na we kugira amvyarire* abana, nanje ndonke abana biciye kuri we.» 4 Nuko amuha umusukukazi wiwe Biluha ngo amubere umugore, Yakobo araheza aryamana na we+. 5 Biluha asama inda, avyarira Yakobo umwana w’umuhungu. 6 Rasheli aca avuga ati: «Imana yambereye umucamanza yongera iranyumviriza, maze impa umuhungu.» Ni co gituma yamwise Dani*+. 7 Biluha umusukukazi wa Rasheli yongera gusama inda, avyarira Yakobo umuhungu agira kabiri. 8 Rasheli aca avuga ati: «Naniganye na mwenewacu bikomeye nongera ndamutsinda!» Nuko amwita Nafutali*+.

9 Leya abonye ko yahagaritse kuvyara, aca afata Zilupa umusukukazi wiwe amuha Yakobo ngo amubere umugore+. 10 Maze Zilupa umusukukazi wa Leya avyarira Yakobo umuhungu. 11 Leya aca avuga ati: «Mbega umugisha!» Araheza amwita Gadi*+. 12 Inyuma y’ivyo, Zilupa umusukukazi wa Leya avyarira Yakobo umuhungu agira kabiri. 13 Leya aca avuga ati: «Mbega umunezero! Abagore ntibazobura kunyita umuhirwe+.» Nuko amwita Asheri*+.

14 Mw’iyimbura ry’ingano, Rubeni+ yariko atembera mu gahinga aza abona ivyamwa vy’amadudayimu*, aca abizanira nyina wiwe Leya. Rasheli aca abwira Leya ati: «Ndagusavye umpe ku madudayimu umuhungu wawe yakuzaniye.» 15 Na we amwishura ati: «Wibaza ko ari ikintu gitoyi kuba warantwaye umugabo+? None ugira utware n’amadudayimu y’umuhungu wanje?» Rasheli amwishura ati: «Sawa, uyu musi aca arara iwawe niwampa ku madudayimu y’umuhungu wawe.»

16 Yakobo atashe avuye mu gahinga ku mugoroba, Leya aca aja kumusanganira, amubwira ati: «Uyu musi uza kuryamana nanje, kuko nakuguze amadudayimu y’umuhungu wanje.» Yakobo aca aryamana na we muri iryo joro. 17 Imana iraheza yishura isengesho rya Leya. Nuko aribungenga maze avyarira Yakobo umuhungu agira gatanu. 18 Leya aca avuga ati: «Imana yampaye impembo yanje, kuko umugabo wanje namuhaye umusukukazi wanje.» Nuko amwita Isakari*+. 19 Leya asubira gusama inda, avyarira Yakobo umuhungu agira gatandatu+. 20 Aca avuga ati: «Imana yangabiye, emwe ingabire nziza cane! Ubu nawe nu umugabo wanje azonyihanganira+, kuko namuvyariye abahungu batandatu+.» Nuko amwita Zabuloni*+. 21 Mu nyuma avyara umukobwa, araheza amwita Dina+.

22 Amaherezo Imana yibuka Rasheli, yishura isengesho ryiwe maze imuha gusama inda+. 23 Rasheli aribungenga hanyuma avyara umuhungu, aca avuga ati: «Imana yankuyeko iceyi+!» 24 Nuko amwita Yozefu*+, avuga ati: «Yehova anyongeye uwundi muhungu.»

25 Rasheli amaze kuvyara Yozefu, Yakobo aca abwira Labani ati: «Ndungika nsubire iwacu mu gihugu canje+. 26 Mpa abagore banje nakoreye hamwe n’abana banje, mpeze ngende, kuko uzi neza ibintu vyose nagukoreye+.» 27 Labani amwishura ati: «Ndakwinginze ugumane nanje! Ndabona ibimenyamenya* vy’uko Yehova ariko arampezagira kubera wewe.» 28 Yongerako ati: «Mbwira impembo ushaka nzoyiguha+.» 29 Yakobo aca amubwira ati: «Urazi neza ingene nagukoreye n’ingene ibitungwa vyawe vyagwiriye kubera jewe+. 30 Nta vyinshi wari ufise ntaraza, ariko ubu ibitungwa vyawe vyaragwiriye, biba vyinshi cane. Yehova yaraguhezagiye kuva aho nshikiye. None nzokorera urugo rwanje ryari+?»

31 Labani amubaza ati: «None ndaguhe iki?» Yakobo amwishura ati: «Nta na kimwe! Niwangirira iki kintu kimwe, nzosubira kuragira ibitungwa vyawe nongere ndabirinde+. 32 Uyu musi tuze guca mu busho bwawe bwose. Uze gushira ku ruhande intama zose z’utudorodonzi n’iz’ibirabagu, isuguru z’intama zose zisa n’ivu hamwe n’impene zose zivyara z’utudorodonzi n’iz’ibirabagu. Iyo ni yo izoba impembo yanje guhera ubu+. 33 Uzobona ko ndi umugororotsi* umusi uzoza gusuzuma impembo yanje. Niwasanga mfise impene ivyara itari iy’utudorodonzi canke y’ibirabagu canke isuguru y’intama idasa n’ivu, izoba ari iyo nivye.»

34 Labani aca amubwira ati: «Ni vyiza! Nibibe nk’uko ubivuze+.» 35 Nuko kuri uwo musi, Labani ashira ku ruhande amasuguru y’impene y’uturongorongo n’ay’ibirabagu n’impene zose zivyara z’utudorodonzi n’iz’ibirabagu, ibitungwa vyose vyariko ibara ryera hamwe n’amasuguru y’intama yose asa n’ivu, abiha abahungu biwe ngo abe ari bo babiragira. 36 Inyuma y’ivyo, Labani atandukana na Yakobo, aja ahantu umuntu yogenda imisi itatu. Yakobo yaragira ibitungwa vya Labani vyari bisigaye.

37 Maze Yakobo afata inkoni zikiri mbisi z’igiti c’umuribeni, iz’igiti ca shakedi n’iz’igiti c’umwarumoni arazishishura uduce tumwetumwe, haca haboneka umutumba w’indani wera. 38 Aca afata izo nkoni azishira imbere y’ibitungwa, mu migazo no mu mato binyweramwo, kugira bije kunywa amazi bice bishaka kwima biri imbere y’izo nkoni.

39 Ibitungwa rero vyaca vyima biri imbere y’izo nkoni, hanyuma bikavyara iz’uturongorongo, iz’utudorodonzi n’iz’ibirabagu. 40 Yakobo yaca afata izivutse akazishira ku ruhande, izisigaye zo mu busho bwa Labani agaca azihindukiza zikaraba iz’uturongorongo n’izisa n’ivu. Ibitungwa vyiwe yabigumiza ukwavyo, ntiyabivanga n’ivya Labani. 41 Igihe cose ibitungwa bivyibushe bishatse kwima, Yakobo yaca ashira za nkoni mu ngomero imbere yavyo, kugira vyimire iruhande y’izo nkoni. 42 Ariko igihe ari ibitungwa vyonze bishatse kwima, ntiyashiraho izo nkoni. Ivyonze vyaguma ari ivya Labani, ariko ibivyibushe bikaba ivya Yakobo+.

43 Nuko Yakobo aratunga cane, agira amasho menshi, abasuku, abasukukazi, ingamiya hamwe n’indogobwa+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika