Mika
umusozi w’inzu ya Yehova+
uzokomezwa hejuru y’amasonga y’iyindi misozi.
Uzoduzwa hejuru y’imirambi,
kandi amahanga azoja kuri wo ari ikigwi+.
2 Amahanga menshi azojayo avuge ati:
«Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova
no ku nzu y’Imana ya Yakobo+.
Azotwigisha inzira ziwe,
natwe tuzigenderemwo.»
Kuko i Siyoni hazova amategeko*,
i Yeruzalemu hakava ijambo rya Yehova.
Nta hanga rizofata inkota ngo rirwanye irindi hanga,
eka ntibazokwongera kwiga kurwana+.
4 Umwe wese muri bo azokwicara* munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni+
ata n’umwe amutera ubwoba+,
kuko akanwa ka Yehova Nyeningabo kabivuze.
5 Kuko ihanga rimwerimwe ryose rizogendera mw’izina ry’imana yaryo,
ariko twebwe tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu+ gushika ibihe bidahera.
6 Yehova avuze ati: «Kuri uwo musi,
nzokoranya abahoze bacumbagira,
negeranirize hamwe abashwiragiye+
be n’abo namereye nabi.
7 Nzotuma mu bahoze bacumbagira hagira abasigara+,
abari barirukaniwe kure ndabagire ihanga rikomeye+.
Yehova azobaganza ari ku musozi Siyoni,
kuva ubu no gushika ibihe bidahera.
8 Nayo wewe ga munara wo gucungererako ubusho,
wewe gasozi k’umukobwa wa Siyoni+,
ya nganji ya mbere* izokugarukako+,
bwa bwami bw’umukobwa wa Yeruzalemu bukugarukeko+.
9 Kubera iki none uvuza urwamo?
Mbega nta mwami ufise?
Umujanama wawe yoba yapfuye?
Ko none wafashwe n’ububabare nk’umugore ariko aribaruka+?
10 Ewe mukobwa wa Siyoni, niwigonyonzore unihe
nk’umugore ariko aribaruka,
kuko ubu uzova mu gisagara, uje kuba mu gahinga.
Uzoshika i Babiloni+.
Aho ni ho uzotabarirwa+.
Ni ho Yehova azogucungurira agukure mu maboko y’abansi bawe+.
11 Ubu rero amahanga menshi azokoranywa ngo akurwanye.
Azovuga ngo: “Nahumanywe,
maze amaso yacu yibonere ukuntu ivyo bishikira Siyoni.”
12 Ariko ayo mahanga ntazi ivyiyumviro vya Yehova,
kandi ntategera umugambi* wiwe,
kuko azoyakoraniriza ku mbuga yo mu murima* nka kurya kw’umuganda w’ibinyantete bihejeje kwimburwa.
13 Ewe mukobwa wa Siyoni, haguruka ukubite nk’uko bakubita intete+,
kuko amahembe yawe nzoyahindura icuma
n’ibinono vyawe ndabihindure umujumpu,
kandi uzosya amahanga menshi+.
Itunga baronse mu bubeshi uzoryegurira Yehova,
ibintu batunze uvyegurire Umukama w’ukuri w’isi yose+.»