Yobu
4 Mbega hari umuntu ahumanye yovyara uwudahumanye+?
Nta n’umwe.
5 Nimba imisi yiwe yarashinzwe,
aho rero igitigiri c’amezi yiwe kiri mu maboko yawe.
Waramushingiye akarimbi ntarengwa+.
7 Erega hariho icizigiro no ku giti.
Iyo ciciwe, kirasubira kunaga,
kandi iminago yaco ikabandanya gukura.
8 Naho imizi yaco yosazira mu kuzimu
n’igishitsi caco kigapfira mw’ivu,
9 gipfa kwumva amazi gusa kigaca kinaga,
kikazana amashami nk’igiterwa gishasha.
11 Amazi arazimangana mu kiyaga,
kandi n’uruzi ruratumuka rugakama.
12 Umuntu na we nyene araryama ntasubire kuvyuka+.
Igihe cose ijuru rizoba rikiriho ntazokwikangura,
kandi nta wuzomukangura mw’itiro ryiwe+.
13 Iyaba wompishije mu kuzimu+,
ukanyegeza gushika ishavu ryawe riheze,
ukanshingira igihe maze ukanyibuka+!
14 Iyo umuntu apfuye, mbega yosubira kubaho+?
15 Uzohamagara, nanje nitabe+.
Uzoba ushashaye igikorwa c’amaboko yawe.
16 Ariko ubu uguma uharura intambuko zanje zose,
uguma ureretse igicumuro canje.
17 Igicumuro canje cugaraniwe mw’isaho,
ikosa ryanje warariboshe ushirako n’uburembo.
18 Nka kurya kw’umusozi usenyutse ugasanzara,
nka kurya igitandara gikurwa mu kibanza caco,
19 nka kurya nyene amazi akorogoshora amabuye,
imivo y’ayo mazi na yo igakukumura ivu ryo hasi,
ni ko waranduye icizigiro c’umuntu.
22 Yumva ububabare igihe gusa akiri muzima.
Agandara igihe gusa akiriho.»