Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi, umusavyi wa Yehova.
36 Igicumuro ni co civugira mu mutima w’umubisha.
Nta gutinya Imana kuri muri we+.
2 Kuko aguma yihuma amaso
ku buryo atabona ikosa ryiwe ngo aryanke+.
3 Amajambo ava mu kanwa kiwe ni ibinyoma gusa bibabaza.
Nta bwenge afise bwo gukora iciza.
4 Aguma ategura imigambi mibi no mu gitanda ciwe.
Ari mu nzira mbi,
kandi ntaheba ikibi.
5 Ewe Yehova, urukundo rwawe rushika kw’ijuru+,
ubwizigirwa bwawe bugashika ku bicu.
6 Ubugororotsi bwawe bumeze nk’imisozi mininiminini+.
Imanza zawe zimeze nk’amazi menshi y’ibenga rirerire+.
Ewe Yehova, ni wewe uzigama abantu n’ibikoko+.
7 Ewe Mana, ese ukuntu urukundo rwawe ari urw’agaciro+!
Mu gitutu c’amababa yawe ni ho abana b’abantu bahungira+.
8 Binywera ibintu biryoshe cane vyo mu nzu yawe+,
ukabanywesha ku vyiza vyawe bitemba nk’uruzi+.
9 Ni wewe soko ry’ubuzima+.
Umuco wawe ni wo utuma tubona umuco+.
10 Bandanya kwereka urukundo rwawe abakuzi+,
wereke ubutungane bwawe abafise umutima ugororotse+.
11 Ntureke ngo ikirenge c’abibona kimponyange,
canke ngo ukuboko kw’ababisha kunyirukane.
12 Aho ni ho inkozi z’ikibi zaguye.
Zaratembagaye kandi ntizishobora kuvyuka+.