ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 8
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Abami: ibirimwo

      • Wa mugore w’i Shunemu asubizwa itongo (1-6)

      • Elisha, Beni-Hadadi na Hazayeli (7-15)

      • Yehoramu, umwami w’Ubuyuda (16-24)

      • Ahaziya, umwami w’Ubuyuda (25-29)

2 Abami 8:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «yagarukanira ubuzima.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 4:32-35
  • +Lw 26:19; Gus 28:15, 23; 1Bm 17:1

2 Abami 8:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 13:2, 3

2 Abami 8:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 2:14, 20, 21; 3:17; 4:4, 7; 6:5-7; 7:1

2 Abami 8:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 4:32-35
  • +Gh 36:9

2 Abami 8:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 7:8
  • +1Bm 20:1; 2Bm 6:24
  • +1Bm 17:24

2 Abami 8:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 19:15
  • +1Sm 9:8; 1Bm 14:2, 3

2 Abami 8:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Yakoresheje iyo mvugo kugira yerekane icubahiro.

2 Abami 8:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 8:15

2 Abami 8:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ubafomoze.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 10:32; 12:17; 13:3; Am 1:3
  • +Gus 28:63; Am 1:13

2 Abami 8:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 19:15

2 Abami 8:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 8:10

2 Abami 8:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abumupfuka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 16:8, 10; 2Bm 11:1; 15:8, 10
  • +1Bm 19:15

2 Abami 8:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 22:50; 2Ng 21:3, 5
  • +2Bm 1:17

2 Abami 8:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 12:28-30
  • +1Bm 16:32, 33; 21:25
  • +2Bm 8:26, 27; 2Ng 18:1
  • +2Ng 21:6, 7

2 Abami 8:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga uwumukomokako.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 49:10; 2Sm 7:16, 17
  • +1Bm 11:36; Zb 132:17

2 Abami 8:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 27:40; 2Sm 8:14
  • +1Bm 22:47; 2Ng 21:8-10

2 Abami 8:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu mahema yabo.»

2 Abami 8:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 21:13; 2Bm 19:8

2 Abami 8:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «aryama hamwe na ba sekuruza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 2:10; 2Ng 21:18-20
  • +1Ng 3:10, 11; 2Ng 21:16, 17; 22:1, 2

2 Abami 8:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 9:29

2 Abami 8:26

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 11:1, 13, 16
  • +1Bm 16:16, 23

2 Abami 8:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 16:33
  • +2Bm 8:16, 18; 2Ng 22:3, 4

2 Abami 8:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 21:38; 1Bm 22:2, 3
  • +1Bm 19:17; 2Ng 22:5

2 Abami 8:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Rama.» Ni izina Ramoti-Gileyadi rivunaguye.

  • *

    Canke «yari yakomeretse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 19:17, 18; 1Bm 21:1; 2Ng 22:6
  • +2Bm 9:15

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Abm. 8:12Bm 4:32-35
2 Abm. 8:1Lw 26:19; Gus 28:15, 23; 1Bm 17:1
2 Abm. 8:2Yos 13:2, 3
2 Abm. 8:42Bm 2:14, 20, 21; 3:17; 4:4, 7; 6:5-7; 7:1
2 Abm. 8:52Bm 4:32-35
2 Abm. 8:5Gh 36:9
2 Abm. 8:7Yes 7:8
2 Abm. 8:71Bm 20:1; 2Bm 6:24
2 Abm. 8:71Bm 17:24
2 Abm. 8:81Bm 19:15
2 Abm. 8:81Sm 9:8; 1Bm 14:2, 3
2 Abm. 8:102Bm 8:15
2 Abm. 8:122Bm 10:32; 12:17; 13:3; Am 1:3
2 Abm. 8:12Gus 28:63; Am 1:13
2 Abm. 8:131Bm 19:15
2 Abm. 8:142Bm 8:10
2 Abm. 8:151Bm 16:8, 10; 2Bm 11:1; 15:8, 10
2 Abm. 8:151Bm 19:15
2 Abm. 8:161Bm 22:50; 2Ng 21:3, 5
2 Abm. 8:162Bm 1:17
2 Abm. 8:181Bm 12:28-30
2 Abm. 8:181Bm 16:32, 33; 21:25
2 Abm. 8:182Bm 8:26, 27; 2Ng 18:1
2 Abm. 8:182Ng 21:6, 7
2 Abm. 8:19It 49:10; 2Sm 7:16, 17
2 Abm. 8:191Bm 11:36; Zb 132:17
2 Abm. 8:20It 27:40; 2Sm 8:14
2 Abm. 8:201Bm 22:47; 2Ng 21:8-10
2 Abm. 8:22Yos 21:13; 2Bm 19:8
2 Abm. 8:241Bm 2:10; 2Ng 21:18-20
2 Abm. 8:241Ng 3:10, 11; 2Ng 21:16, 17; 22:1, 2
2 Abm. 8:252Bm 9:29
2 Abm. 8:262Bm 11:1, 13, 16
2 Abm. 8:261Bm 16:16, 23
2 Abm. 8:271Bm 16:33
2 Abm. 8:272Bm 8:16, 18; 2Ng 22:3, 4
2 Abm. 8:28Yos 21:38; 1Bm 22:2, 3
2 Abm. 8:281Bm 19:17; 2Ng 22:5
2 Abm. 8:29Yos 19:17, 18; 1Bm 21:1; 2Ng 22:6
2 Abm. 8:292Bm 9:15
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Abami 8:1-29

Abami ba kabiri

8 Elisha yari yarabwiye wa mugore yazurira* umwana w’umuhungu+ ati: «Haguruka wewe n’urugo rwawe mugende, murabe igihugu muja kubamwo, kuko Yehova yavuze ko muri iki gihugu hagiye kuba inzara+ y’imyaka indwi.» 2 Nuko uwo mugore akora nk’uko umuntu w’Imana y’ukuri yamubwiye. We n’urugo rwiwe baja kuba mu gihugu c’Abafilisitiya+, bamarayo imyaka indwi.

3 Iyo myaka indwi iheze, uwo mugore aragaruka avuye mu gihugu c’Abafilisitiya, maze aja gusaba umwami ngo asubizwe inzu yiwe n’itongo ryiwe. 4 Umwami yariko aravugana na Gehazi umusuku wa wa muntu w’Imana y’ukuri. Amubwira ati: «Ndagusavye unyiganire ibintu vyose bikomeye Elisha yakoze+.» 5 Akiriko ariganira umwami ingene Elisha yazuye uwari yapfuye+, baja babona wa mugore yazurira umwana aje kuraba umwami, kugira amusabe ngo asubizwe inzu yiwe n’itongo ryiwe+. Gehazi ni kwo guca avuga ati: «Ng’uyu wa mugore databuja mwami. Na wa muhungu wiwe Elisha yazura, ng’uyu.» 6 Umwami aca asaba nya mugore ngo abimwiganire, na we aca ajako arabimwiganira. Maze umwami amuha umukozi wo ku kirimba wo kumufasha. Amubwira ati: «Fasha uyu mugore asubizwe ivyiwe vyose, asubizwe n’ibingana n’umwimbu wovuye muri iryo tongo kuva umusi yava mu gihugu gushika ubu.»

7 Elisha aja i Damasiko+. Ico gihe Beni-Hadadi+ umwami wa Siriya yari arwaye. Bamumenyesha rero bati: «Wa muntu w’Imana y’ukuri+ yaje ino.» 8 Umwami aca abwira Hazayeli+ ati: «Ja kuraba uwo muntu w’Imana y’ukuri+, umushire n’ingabire. Umusabe ambarize Yehova ko nzokira.» 9 Hazayeli aca aja kuraba Elisha. Yagiye amushiriye ingabire igizwe n’ibintu vyiza vyose vy’i Damasiko, ibintu vyotwarwa n’ingamiya 40. Maze arashika ahagarara imbere yiwe, amubwira ati: «Umuhungu wawe* Beni-Hadadi umwami wa Siriya antumye kukubaza ati: “Ubona nzokira?”» 10 Elisha amwishura ati: «Genda umubwire uti: “Uzokira.” Mugabo Yehova yampishuriye ko azopfa+.» 11 Nuko Elisha umuntu w’Imana y’ukuri aguma araba Hazayeli gushika n’aho Hazayeli yumva isoni. Maze Elisha atangura kurira. 12 Hazayeli aca amubaza ati: «Urizwa n’iki ga databuja?» Na we amwishura ati: «Kubera nzi ikibi uzokorera Abisirayeli+. Ibibanza vyabo bikingijwe ibihome uzobiha umuriro, abagabo b’intwari ubicishe inkota, abana ubasavye, abagore bibungenze na bo ubapasure inda*+.» 13 Hazayeli aca avuga ati: «Ariko ga databuja, jewe imbwa y’imbwa, ikintu gikomeye nk’ico nogishobora?» Mugabo Elisha amwishura ati: «Yehova yanyeretse ko ugiye kuba umwami wa Siriya+.»

14 Hazayeli aca avana na Elisha asubira kwa shebuja, maze amubaza ati: «Elisha yakubwiye iki?» Na we ati: «Yambwiye ko uzokira+.» 15 Mugabo ku musi ukurikira, Hazayeli atora uburengeti abujobeka mu mazi, aca abumutsindagira* mu maso gushika apfuye+. Nuko Hazayeli atangura kuganza mu kibanza ciwe+.

16 Yehoramu+ mwene Yehoshafati umwami w’Ubuyuda yatanguye kuganza mu mwaka ugira gatanu Yehoramu+ mwene Ahabu ari umwami wa Isirayeli. Yehoshafati na we yari akiri umwami w’Ubuyuda. 17 Yehoramu yabaye umwami afise imyaka 32, aca amara imyaka umunani aganza i Yeruzalemu. 18 Yiganye akarorero kabi k’abami ba Isirayeli+, akora nk’ivyo abo mu muryango wa Ahabu bakoze+ kuko yari yararongoye umukobwa wa Ahabu+. Aguma akora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. 19 Mugabo Yehova ntiyashaka guhonya Ubuyuda kubera umusavyi wiwe Dawidi+. Yari yamusezeraniye ko azomuha itara*+ we n’abahungu biwe ibihe vyose.

20 Ku ntwaro ya Yehoramu, Abanyedomu bagarariza Ubuyuda+, biyimikira umwami+. 21 Yehoramu aca ajabukana n’imikogote yiwe yose aja i Zayiri maze Abanyedomu baramukikuza we hamwe n’abakuru bajejwe imikogote. Mugabo ahengera mw’ijoro aravyuka, arabarwanya arabatsinda. Abasoda baca bahungira iwabo*. 22 Abanyedomu bagumye bagarariza Ubuyuda gushika n’uyu musi. Ico gihe ab’i Libuna+ na bo nyene baragarariza.

23 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehoramu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 24 Maze Yehoramu arapfa*, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi+. Umuhungu wiwe Ahaziya+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.

25 Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’Ubuyuda yatanguye kuganza mu mwaka ugira 12 Yehoramu mwene Ahabu aganza Isirayeli+. 26 Ahaziya yari afise imyaka 22 igihe yatangura kuganza, amara umwaka umwe aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Ataliya+, akaba yari umwuzukuru* wa Omuri+ umwami wa Isirayeli. 27 Yakurikiye akarorero kabi k’abo mu muryango wa Ahabu+. Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi nk’abo mu muryango wa Ahabu, kuko se yari umukwe wabo+. 28 Umusi umwe aja i Ramoti-Gileyadi+ ari kumwe na Yehoramu mwene Ahabu kurwana na Hazayeli umwami wa Siriya, mugabo Abasiriya bakomeretsa Yehoramu+. 29 Maze umwami Yehoramu asubira i Yezireli+ kurwarirayo, kubera ko Abasiriya bari bamukomerekeje igihe yari i Ramoti* kurwana na Hazayeli umwami wa Siriya+. Nayo Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’Ubuyuda aja i Yezireli gusuhuza Yehoramu mwene Ahabu, kuko yari arwaye*.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika