Yobu
6 Yobu aca yishura ati:
3 Kuko usigaye uremereye gusumba umusenyi wo ku biyaga.
Ni co gituma mvuga ntabanje kwiyumvira*+.
4 Kuko imyampi ya Mushoboravyose yantobekeranije,
kandi ubumara bwayo buriko burankwiragiramwo+.
Ibintu biteye ubwoba biva ku Mana vyatonze kugira bindwanye.
5 Mbega indogobwa yo mw’ishamba+ yokwabira ifise ubwatsi?
Canke impfizi y’inka yokwabira ifise ivyo irya?
6 Mbega ivyo kurya bibishe vyoribwa bitagira umunyu?
Canke hari uburyohe buri mu mutobe w’igiterwa kitagira akanovera?
7 Naranse gukora ku bintu mwene ivyo.
Bimeze nk’umucafu uri mu bifungurwa vyanje.
8 Icompa Imana ikampa ico ndayisaba,
kandi igashitsa ico nipfuza!
10 Erega n’ivyo vyonduhurira.
Notamba ngatarika naho ndi mu bubabare budahera,
kuko ntahakanye amajambo ya wa Mweranda+.
11 Mbega hari inguvu mfise zo kuguma ndindiriye+?
Hari ico niteze ku buryo nobandanya kubaho*?
12 Mbega noba nkomeye nk’igitandara c’ibuye?
Canke umubiri wanje woba ukozwe mu cuma*?
13 Mbega nokwirwanako gute
kandi ivyanje vyose vyarayogeye?
17 Ariko igihe kigeze, ziruma zikazimangana.
Iyo haje ubushuhe zirakama.
18 Izo nzuzi zirata inzira yazo,
zigatemba zija mu bugaragwa hanyuma zikazimangana.
20 Baramaramaye kuko bataronse ico bari biteze.
Barashitseyo ariko bataha zirayoye.
22 Mbega hari uwo nigeze mbwira nti: “Ngabira ikintu”?
Canke hari uwo nasavye ikintu kivuye mu butunzi bwiwe?
23 Mbega nabasavye ngo munkize umwansi,
canke ngo munkize abancinyiza?
25 Amajambo y’ukuri ntababaza+!
Ariko ukunegurana kwanyu kumaze iki+?
26 Mbega mwagiye umugambi wo kunegura ivyo mvuga,
kandi ari amajambo y’umuntu yihebuye+, agururwa n’umuyaga?
28 Ubu rero nimuhindukire mundabe,
kuko ntobabesha imbonankubone.
29 Ndabasavye musubire mwiyumvire, ntimuntahure nabi.
Ni ukuri subira mwiyumvire, kuko ukugororoka kwanje kukiri kwose.
30 Mbega ururimi rwanje rwoba ruvuga ibitagororotse?
Mwibaza ko ntashoboye kumenya ko ikintu ari kibi?