ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 89
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Zaburi: ibirimwo

      • «Nzoririmba urukundo rwa Yehova»

        • Isezerano nagiraniye na Dawidi (3)

        • Uruvyaro rwa Dawidi ruzokwamaho (4)

        • Uwo Imana yarobanuye ayita «Dawe» (26)

        • Isezerano yagiraniye na Dawidi ni ntakekeranywa (34-37)

        • Umuntu ntashobora kwikura mu vyara vy’ukuzimu (48)

Zaburi 89:akajambo k’intangamarara

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 4:30, 31; 1Ng 2:6

Zaburi 89:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

  • *

    Canke «iyaruka.»

Zaburi 89:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ruzokwama rukomeye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 16:41; Yes 54:10

Zaburi 89:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 7:8; 1Bm 8:16; Lk 1:32, 33
  • +Zb 132:11; Ezk 34:23; Hs 3:5; Yoh 7:42

Zaburi 89:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 17:11; Ivh 22:16
  • +2Sm 7:12, 13; Heb 1:8

Zaburi 89:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu bana b’Imana.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 40:5; 71:19
  • +Yb 38:7

Zaburi 89:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 6:2, 3
  • +Dn 7:9, 10

Zaburi 89:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 2:2; Zb 84:12
  • +Gus 32:4

Zaburi 89:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 31:35
  • +Zb 65:7; 107:29

Zaburi 89:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina rishobora kuba ryerekeza kuri Misiri canke Farawo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 30:7
  • +Kv 14:26; 15:4
  • +Kv 3:20; Gus 4:34; Lk 1:51

Zaburi 89:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Kr 10:26
  • +1Ng 29:11; Zb 50:12

Zaburi 89:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 19:22, 23
  • +Gus 3:8; Yos 12:1

Zaburi 89:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 6:6
  • +Kv 13:3
  • +Zb 44:3

Zaburi 89:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:4; Zb 71:19; Ivh 15:3
  • +Kv 34:6; Yr 9:24

Zaburi 89:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 10:10; Zb 98:6

Zaburi 89:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ihembe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 28:7
  • +1Sm 2:10

Zaburi 89:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 2:6

Zaburi 89:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 18:14
  • +2Sm 7:8

Zaburi 89:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 13:22
  • +1Sm 16:12, 13; Ivk 10:38

Zaburi 89:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 80:17; Yes 42:1

Zaburi 89:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ikibuguro.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 17:9

Zaburi 89:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 3:1; 7:9
  • +Zb 110:1

Zaburi 89:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 7:15; 1Ng 17:13; Ivk 13:34

Zaburi 89:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nzoshira ukuboko kwiwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 4:21; Zb 72:8

Zaburi 89:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 22:47; Zb 18:2

Zaburi 89:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 2:7; Heb 1:5
  • +1Tm 6:15; Ivh 1:5; 19:16

Zaburi 89:28

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nzomwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 13:34
  • +2Sm 23:5; Zb 89:34

Zaburi 89:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 9:7; Yr 33:17; Heb 1:8

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/12/2006, rup. 4

    Urashobora Kubaho, rup. 118

Zaburi 89:32

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ubugarariji.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 7:14; 1Bm 11:14, 31

Zaburi 89:33

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kumwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «canke ngo mve ku kudahemuka kwanje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 7:15; 1Bm 11:32, 36

Zaburi 89:34

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 33:20, 21
  • +Yak 1:17

Zaburi 89:35

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 23:19; Zb 132:11

Zaburi 89:36

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 7:16, 17; Zb 72:17; Yes 11:1; Yr 23:5; Yoh 12:34; Ivh 22:16
  • +Dn 7:14; Lk 1:32, 33

Zaburi 89:37

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «nk’icabona cizigirwa.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2007, rup. 32

Zaburi 89:38

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 28:9

Zaburi 89:40

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ubwugamo.»

Zaburi 89:41

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:37

Zaburi 89:42

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «washize hejuru ukuboko kw’ukuryo kw’abamurwanya.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:25

Zaburi 89:46

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 13:1

Zaburi 89:47

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yb 7:7; Zb 39:5

Zaburi 89:48

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yb 30:23; Zb 49:7, 9

Zaburi 89:49

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 7:12-15; Zb 132:11; Yes 55:3

Zaburi 89:50

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «gutwara mu gikiriza.»

Zaburi 89:52

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 41:13; 72:18

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Zab. 89:akajambo k’intangamarara1Bm 4:30, 31; 1Ng 2:6
Zab. 89:21Ng 16:41; Yes 54:10
Zab. 89:32Sm 7:8; 1Bm 8:16; Lk 1:32, 33
Zab. 89:3Zb 132:11; Ezk 34:23; Hs 3:5; Yoh 7:42
Zab. 89:41Ng 17:11; Ivh 22:16
Zab. 89:42Sm 7:12, 13; Heb 1:8
Zab. 89:6Zb 40:5; 71:19
Zab. 89:6Yb 38:7
Zab. 89:7Yes 6:2, 3
Zab. 89:7Dn 7:9, 10
Zab. 89:81Sm 2:2; Zb 84:12
Zab. 89:8Gus 32:4
Zab. 89:9Yr 31:35
Zab. 89:9Zb 65:7; 107:29
Zab. 89:10Yes 30:7
Zab. 89:10Kv 14:26; 15:4
Zab. 89:10Kv 3:20; Gus 4:34; Lk 1:51
Zab. 89:111Kr 10:26
Zab. 89:111Ng 29:11; Zb 50:12
Zab. 89:12Yos 19:22, 23
Zab. 89:12Gus 3:8; Yos 12:1
Zab. 89:13Kv 6:6
Zab. 89:13Kv 13:3
Zab. 89:13Zb 44:3
Zab. 89:14Gus 32:4; Zb 71:19; Ivh 15:3
Zab. 89:14Kv 34:6; Yr 9:24
Zab. 89:15Gh 10:10; Zb 98:6
Zab. 89:17Zb 28:7
Zab. 89:171Sm 2:10
Zab. 89:18Zb 2:6
Zab. 89:191Sm 18:14
Zab. 89:192Sm 7:8
Zab. 89:20Ivk 13:22
Zab. 89:201Sm 16:12, 13; Ivk 10:38
Zab. 89:21Zb 80:17; Yes 42:1
Zab. 89:221Ng 17:9
Zab. 89:232Sm 3:1; 7:9
Zab. 89:23Zb 110:1
Zab. 89:242Sm 7:15; 1Ng 17:13; Ivk 13:34
Zab. 89:251Bm 4:21; Zb 72:8
Zab. 89:262Sm 22:47; Zb 18:2
Zab. 89:27Zb 2:7; Heb 1:5
Zab. 89:271Tm 6:15; Ivh 1:5; 19:16
Zab. 89:28Ivk 13:34
Zab. 89:282Sm 23:5; Zb 89:34
Zab. 89:29Yes 9:7; Yr 33:17; Heb 1:8
Zab. 89:322Sm 7:14; 1Bm 11:14, 31
Zab. 89:332Sm 7:15; 1Bm 11:32, 36
Zab. 89:34Yr 33:20, 21
Zab. 89:34Yak 1:17
Zab. 89:35Gh 23:19; Zb 132:11
Zab. 89:362Sm 7:16, 17; Zb 72:17; Yes 11:1; Yr 23:5; Yoh 12:34; Ivh 22:16
Zab. 89:36Dn 7:14; Lk 1:32, 33
Zab. 89:381Ng 28:9
Zab. 89:41Gus 28:37
Zab. 89:42Gus 28:25
Zab. 89:46Zb 13:1
Zab. 89:47Yb 7:7; Zb 39:5
Zab. 89:48Yb 30:23; Zb 49:7, 9
Zab. 89:492Sm 7:12-15; Zb 132:11; Yes 55:3
Zab. 89:52Zb 41:13; 72:18
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
  • 38
  • 39
  • 40
  • 41
  • 42
  • 43
  • 44
  • 45
  • 46
  • 47
  • 48
  • 49
  • 50
  • 51
  • 52
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Zaburi 89:1-52

Zaburi

Ni indirimbo* ya Etani+ mwene Zera.

89 Nzoririmba urukundo* rwa Yehova ibihe vyose.

Nzomenyesha ukudahemuka kwawe uko urunganwe* ruzokurikira urundi.

 2 Kuko navuze nti: «Urukundo rwawe ruzokwamaho* ibihe vyose+,

kandi warashimangiye ukudahemuka kwawe mw’ijuru.»

 3 «Naragiraniye isezerano n’uwo nitoreye+.

Nararahiye Dawidi umusavyi wanje+ nti:

 4 “Nzoshigikira uruvyaro* rwawe+ ibihe vyose,

kandi nzokomeza intebe yawe y’ubwami uko urunganwe ruzokurikira urundi+.”» (Sela*)

 5 Ewe Yehova, ijuru riraninahaza ibitangaza vyawe,

emwe riraninahaza ukudahemuka kwawe mw’ishengero ry’aberanda.

 6 None ni nde mw’ijuru yogereranywa na Yehova+?

Ni nde asa na Yehova mu bamarayika*+?

 7 Imana irubahwa cane mw’ishengero ry’aberanda+.

Irahambaye kandi irateye ubwoba mu bayikikuje bose+.

 8 Ewe Yehova Mana Nyeningabo,

ni nde anganya inkomezi nawe ga Yehova*+?

Uri intahemuka muri vyose+.

 9 Ni wewe uganza ikiyaga gisuriranya+,

kandi iyo imikuba yaco yasaze urayitururuza+.

10 Warajanjaguye Rahabu*+ uramwica+.

Warashwiragije abansi bawe n’ukuboko kwawe gukomeye+.

11 Ijuru ni rwawe kandi n’isi ni rwawe+.

Isi n’ibiyuzuyemwo vyose+ ni wewe wabishizeho.

12 Uburaruko n’ubumanuko ni we wabiremye.

Umusozi Tabora+ na Herumoni+ birashemeza izina ryawe binezerewe.

13 Ukuboko kwawe kuri n’ububasha+.

Ukuboko kwawe kurakomeye+.

Ukuboko kwawe kw’ukuryo gushizwe hejuru+.

14 Ubugororotsi n’ubutungane ni vyo mushinge w’intebe yawe y’ubwami+,

kandi urukundo* n’ukudahemuka vyama imbere yawe+.

15 Ewe Yehova, hahiriwe abantu bagushemeza banezerewe+.

Baguma bagendera mu muco wo mu maso hawe.

16 Barahimbarwa n’izina ryawe bukarinda bwira,

kandi ubugororotsi bwawe butuma bashirwa hejuru.

17 Kuko ari wewe bwiza bwabo n’inkomezi zabo+,

kandi gushimwa nawe bituma inguvu* zacu zongerekana+.

18 Kuko inkinzo yacu iva kuri Yehova,

kandi umwami wacu ava kuri wa Mweranda wa Isirayeli+.

19 Ico gihe wabwiye intahemuka zawe mw’iyerekwa uti:

«Nahaye inkomezi umuntu w’intwari+,

nshira hejuru uwo natoye mu bantu+.

20 Nabonye umusavyi wanje Dawidi+,

kandi namurobanuje amavuta* yanje meranda+.

21 Ikiganza canje kizomushigikira+,

kandi ukuboko kwanje kuzomukomeza.

22 Nta mwansi azomutoza ikori*,

kandi nta muntu w’umubisha azomucinyiza+.

23 Nzomenagurira imbere yiwe abamurwanya+,

kandi nzotikiza abamwanka+.

24 Nzomwereka ubwizigirwa bwanje n’urukundo* rwanje+,

kandi inkomezi ziwe zizokwongerekana kubera izina ryanje.

25 Nzomuha ububasha* ku biyaga,

ndamuhe n’ububasha ku nzuzi+.

26 Azosemerera ambwira ati: “Uri Dawe,

Imana yanje n’Igitandara c’ubukiriro bwanje+.”

27 Nzomugira imfura+,

ndamurutishe abami bose bo kw’isi+.

28 Nzomukunda* ibihe vyose+,

kandi isezerano nagiraniye na we ntirizokwigera rihagarara+.

29 Nzotuma uruvyaro rwiwe rwamaho ibihe vyose,

ntume intebe yiwe y’ubwami iramba nk’ijuru+.

30 Abana biwe nibaheba itegeko ryanje

kandi ntibakurikize ingingo nashinze,

31 nibahonyanga ivyagezwe vyanje

kandi ntibakurikize amabwirizwa yanje,

32 nzobahanisha inkoni+ kubera ubugaba* bwabo,

ndabakubite kubera ikosa ryabo.

33 Ariko sinzokwigera ndeka kumukunda*+

canke ngo ndeke gushitsa ivyo nasezeranye*.

34 Sinzorenga kw’isezerano ryanje+

canke ngo mpindure ivyo navuze+.

35 Nararahiye rimwe rizima mu bweranda bwanje.

Sinzobesha Dawidi+.

36 Uruvyaro rwiwe ruzokwamaho ibihe vyose+.

Intebe yiwe y’ubwami izokwama imbere yanje nk’izuba+.

37 Izokwamaho ibihe vyose,

nka kurya nyene ukwezi kwama* mu kirere.» (Sela)

38 Ariko wewe waramushibuye, uramuta+.

Warashavuriye cane uwo warobanuje amavuta.

39 Warasuzuguye isezerano wagiraniye n’umusavyi wawe,

uhumanya urugori rwiwe mu kuruterera hasi.

40 Warabomoye impome* ziwe zose z’amabuye,

usenyurira hasi inzitiro ziwe, zisigara ari umusaka.

41 Abahita bose baramusahuye utwiwe,

kandi yacitse agatwengo ku babanyi biwe+.

42 Watumye abamurwanya batahukana intsinzi*+,

utuma abansi biwe bose banezerwa.

43 Vyongeye, warasubije inyuma inkota yiwe,

utuma atsindwa mu rugamba.

44 Watumye atakaza icubahiro ciwe,

utembagaza intebe yiwe y’ubwami.

45 Waragabanije imisi y’ubuto bwiwe,

utuma yuzura ibimaramare. (Sela)

46 Ewe Yehova, uzoguma winyegeje kugeza ryari? Ibihe vyose+?

Mbega ishavu ryawe rizoguma rirurumba nk’umuriro?

47 Niwibuke ko ubuzima bwanje ari bugufi+.

None waremeye ubusa abantu bose?

48 Ni nde muntu yoshobora kuguma abaho ntiyigere apfa+?

Mbega yoshobora kwikura mu vyara vy’ukuzimu? (Sela)

49 Ewe Yehova, vya bikorwa vyawe vy’urukundo* biri hehe,

bimwe warahira ko uzokorera Dawidi mu bwizigirwa bwawe+?

50 Ewe Yehova, niwibuke ibitutsi abasavyi bawe batukwa.

Niwibuke ko mbwirizwa kwikorera* ibitutsi vy’amahanga yose,

51 ibitutsi abansi bawe bavuga, ewe Yehova,

n’ingene batuka uwo warobanuje amavuta aho agiye hose.

52 Ese Yehova yoshemezwa ibihe vyose! Amen kandi Amen+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika