ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 13
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Samweli: ibirimwo

      • Amunoni asambanya Tamari ku nguvu (1-22)

      • Abusalomu yica Amunoni (23-33)

      • Abusalomu ahungira i Geshuri (34-39)

2 Samweli 13:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 3:9
  • +2Sm 3:2

2 Samweli 13:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 13:35
  • +1Sm 16:9; 1Ng 2:13

2 Samweli 13:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 18:9; 20:17

2 Samweli 13:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umukate w’uruhoza.»

2 Samweli 13:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umukate w’uruhoza.»

2 Samweli 13:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «uwo mukate w’uruhoza.»

2 Samweli 13:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 18:9, 29; 20:17; Gus 27:22
  • +It 34:2, 7; Abc 20:5, 6

2 Samweli 13:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ibimaramare.»

2 Samweli 13:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «iriko udusharizo.»

2 Samweli 13:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 7:6; Est 4:1; Yr 6:26

2 Samweli 13:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 3:3; 13:1
  • +Lw 18:9; Gus 27:22

2 Samweli 13:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 19:13

2 Samweli 13:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 18:19
  • +It 34:7

2 Samweli 13:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 1:9, 19
  • +Yoh 11:54

2 Samweli 13:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 55:21; Img 10:18; 26:24-26

2 Samweli 13:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «inyumpu.» Ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.

2 Samweli 13:32

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 13:3
  • +1Sm 16:9; 1Ng 2:13
  • +2Sm 12:10
  • +It 27:41; Zb 7:14; Img 18:19
  • +Lw 18:9, 29
  • +2Sm 13:12-14

2 Samweli 13:33

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ntushire ku mutima.»

2 Samweli 13:34

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 13:38

2 Samweli 13:35

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 13:3

2 Samweli 13:37

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 3:3

2 Samweli 13:38

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 3:14; Yos 12:4, 5; 2Sm 14:23

2 Samweli 13:39

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «yari amaze guhozwa urupfu.»

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Sam. 13:11Ng 3:9
2 Sam. 13:12Sm 3:2
2 Sam. 13:32Sm 13:35
2 Sam. 13:31Sm 16:9; 1Ng 2:13
2 Sam. 13:4Lw 18:9; 20:17
2 Sam. 13:12Lw 18:9, 29; 20:17; Gus 27:22
2 Sam. 13:12It 34:2, 7; Abc 20:5, 6
2 Sam. 13:19Yos 7:6; Est 4:1; Yr 6:26
2 Sam. 13:202Sm 3:3; 13:1
2 Sam. 13:20Lw 18:9; Gus 27:22
2 Sam. 13:21Img 19:13
2 Sam. 13:22Img 18:19
2 Sam. 13:22It 34:7
2 Sam. 13:231Bm 1:9, 19
2 Sam. 13:23Yoh 11:54
2 Sam. 13:26Zb 55:21; Img 10:18; 26:24-26
2 Sam. 13:322Sm 13:3
2 Sam. 13:321Sm 16:9; 1Ng 2:13
2 Sam. 13:322Sm 12:10
2 Sam. 13:32It 27:41; Zb 7:14; Img 18:19
2 Sam. 13:32Lw 18:9, 29
2 Sam. 13:322Sm 13:12-14
2 Sam. 13:342Sm 13:38
2 Sam. 13:352Sm 13:3
2 Sam. 13:372Sm 3:3
2 Sam. 13:38Gus 3:14; Yos 12:4, 5; 2Sm 14:23
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
  • 38
  • 39
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Samweli 13:1-39

Samweli wa kabiri

13 Abusalomu umuhungu wa Dawidi yari afise mushikiwe yitwa Tamari+. Yari mwiza. Maze uwundi muhungu wa Dawidi yitwa Amunoni+ aramukunda. 2 Amunoni arwazwa n’intimba y’urukundo afitiye mushikiwe Tamari kubera yari akiri isugi, bigatuma Amunoni abona yuko bidashoboka ko amuronka. 3 Amunoni rero yari afise umugenzi yitwa Yehonadabu+, mwene Shimeya+. Shimeya yari mwenewabo na Dawidi. Uwo Yehonadabu yari umuntu w’umunyabwenge. 4 Amubwira rero ati: «Kubera iki wama uvyukana umubabaro kandi uri umwana w’umwami? Aho ntiwombwira ikibitera?» Amunoni amwishura ati: «Ndi mu guhwera kubera Tamari mushiki+ wa Abusalomu mwenewacu.» 5 Yehonadabu asubizayo ati: «Uraryama ku gitanda wirwaze. So niyaza kukuraba, uramubwira uti: “Ndagusavye Tamari mushikanje aze kundaba, ampe utwo kurya. Ateguriye imbere yanje utwo kurya tw’umurwayi* akatumpa, nodutamira.”»

6 Nuko Amunoni araryama arirwaza, maze umwami aza kumuraba. Amunoni aca abwira umwami ati: «Ndagusavye mushikanje Tamari aze ng’aha akorere imbere yanje udukate tubiri dufise imero y’umutima, aheze atumpe ndadufungure.» 7 Dawidi aca arungika uwuja kubwira Tamari aho yari ari muhira ati: «Ndagusavye uje kwa musazāwe Amunoni, umuronderere utwo kurya*.» 8 Tamari aca aja kwa musazawe Amunoni. Amunoni yari aryamye. Nuko afata igicumbe akibumbabumbira imbere yiwe, maze agikoramwo udukate. 9 Tamari aca atora ipanu yariko utwo dukate, aratumuha. Mugabo Amunoni yanka gufungura, avuga ati: «Nimusohoke mwese!» Bose baca barasohoka.

10 Amunoni aca abwira Tamari ati: «Nzanira utwo dufungurwa* mu cumba, abe ari yo utumpera.» Nuko Tamari atora nya dukate yari yakoze dufise imero y’umutima, atuzanira musazawe Amunoni mu cumba. 11 Atumuzaniye ngo afungure, Amunoni aca aramucakira, amubwira ati: «Ingo turyamane, mushikanje.» 12 Mugabo Tamari amwishura ati: «Oya musazanje, ntunyambike ibara! Ivyo ntibibaho muri Isirayeli+. Ntukore ico kintu c’agaterasoni+. 13 Ibara* uzoba unyambitse ntiryopfa rimvuyeko. Kandi nawe ubwawe uzocika akamenyo muri Isirayeli. Ndagusavye rero uvugane n’umwami kuko atokunyima.» 14 Mugabo Amunoni yanka kumwumviriza, amukorera ibiteye isoni, amusambanya ku nguvu. 15 Amunoni aca aramwanka urunuka. Urwanko yamwanse rwabaye rwinshi kuruta urukundo yari yaramukunze. Amunoni aca amubwira ati: «Hoshi genda!» 16 Tamari na we amubwira ati: «Oya musazanje, kunyirukana vyoba ari bibi kurusha ivyo uhejeje kunkorera.» Mugabo yanka kumwumviriza.

17 Amunoni aca ahamagara umusore yamukorera, amubwira ati: «Ndagusavye unkure uyu muntu mu maso, uce wugara umuryango.» 18 (Tamari yari yambaye ikanzu idasanzwe*. Mwene izo zambara abakobwa b’umwami bakiri isugi.) Nya musore aca aramusohora, yugara umuryango. 19 Maze Tamari yiyorerako umunyota ku mutwe+, yitaburirako na ya kanzu nziza yari yambaye. Aca yikorera amaboko, ava ng’aho, agenda ararira.

20 Musazawe Abusalomu+ aca amubaza ati: «Mbega musazāwe Amunoni ni we yagukoreye ivyo? Niwinumire rero mushikanje, urya ni musazāwe+. Ntubishireko umutima.» Maze Tamari aja kuba kwa musazawe Abusalomu, atabonana n’abantu. 21 Umwami Dawidi yumvise ivyo bintu vyose, arashavura cane+. Ariko yanka kubabaza umuhungu wiwe Amunoni kubera yamukunda. Ni we yari imfura yiwe. 22 Abusalomu nta na kimwe yavugana na Amunoni, caba kibi canke ciza. Yaramwanka+ kubera yakoreye ibiteye isoni mushikiwe Tamari+.

23 Haheze imyaka ibiri yuzuye, Abusalomu atumira abahungu b’umwami bose ku musi mukuru+. Ico gihe abantu ba Abusalomu bariko bamwa ubwoya bw’intama ziwe i Bayali-Hazori hafi y’akarere ka Efurayimu+. 24 Abusalomu rero aja kuraba umwami, amubwira ati: «Mwami wanje, hari abantu bariko baramwa ubwoya bw’intama zanje. Ndagusavye uze tujane mwe n’abasuku bawe.» 25 Ariko umwami abwira Abusalomu ati: «Oya mwananje. Tuje twese twokubera umuzigo.» Abusalomu aguma amwinginga ariko umwami yanka kujana na we, mugabo aramuhezagira. 26 Abusalomu aca avuga ati: «Wewe ko utaza, ndagusavye upfume ureka mwenewacu Amunoni tujane+.» Umwami amwishura ati: «Kubera iki wipfuza ko mujana?» 27 Mugabo Abusalomu aramwinginga, umwami arateba aremera ko Amunoni n’abandi bahungu biwe bose bajana na Abusalomu.

28 Maze Abusalomu ategeka abasuku biwe ati: «Mugume murikanuye. Amunoni niyatangura kuryoherwa kubera akavinyu, nca ndababwira mumwice kandi muce mumwica. Ntimutinye. Ni je ndabibategetse. Mukomere kandi mugire umutima rugabo.» 29 Nuko abasuku ba Abusalomu bica Amunoni nk’uko Abusalomu yabategetse. Abandi bahungu b’umwami bose baca barahaguruka, umwe wese yurira indogobwa* yiwe arahunga. 30 Bakiri mu nzira, Dawidi yumva inkuru ivuga ngo: «Abusalomu yishe abahungu bose b’umwami, nta n’umwe muri bo yasigaye.» 31 Umwami aca arahaguruka, yitaburirako impuzu maze arambarara hasi. Abasuku biwe bose na bo nyene bitaburirako impuzu, baguma bahagaze iruhande yiwe.

32 Ariko Yehonadabu+ mwene Shimeya+, Shimeya mwenewabo na Dawidi, avuga ati: «Mwami wanje, ntiwiyumvire yuko ari abahungu bawe bose bishwe. Ni Amunoni wenyene yapfuye+. Abusalomu ni we yategetse ko bamwica, kandi yateguye uwo mugambi+ kuva umusi Amunoni yakorera ibiteye isoni mushikiwe+ Tamari+. 33 Rero mwami wanje, ntiwemere* ayo makuru avuga ko abahungu bawe bose bapfuye. Amunoni ni we gusa yapfuye.»

34 Nayo Abusalomu yari yahunze+. Mu nyuma, inderetsi igize gutya ibona abantu benshi bariko bazanana ibarabara ryari inyuma yayo, ryaca mu mbavu y’umusozi. 35 Yehonadabu+ aca abwira umwami ati: «Raba mwami abahungu bawe baragarutse. Ni bimwe namye ndakubwira databuja.» 36 Akirangiza kuvuga, abahungu b’umwami barashika bariko bararira baboroga. Umwami n’abasuku biwe bose na bo nyene bararira cane. 37 Abusalomu we yari yahunze, aja kwa Talimayi+ mwene Amihudi akaba n’umwami wa Geshuri. Maze Dawidi amara imisi myinshi aririra umuhungu wiwe. 38 Abusalomu yamaze imyaka itatu i Geshuri+, aho yahungiye.

39 Amaherezo umwami Dawidi yipfuza cane kuja kuraba Abusalomu kuko yari amaze gukira umubabaro w’urupfu* rwa Amunoni.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika