Zaburi
IGITABU CA KANE
(Zaburi 90-106)
Ni isengesho rya Musa, umuntu w’Imana y’ukuri+.
90 Ewe Yehova, watubereye ubuhungiro*+ kuva kera na rindi*.
2 Wamyeho n’imbere y’uko imisozi ivuka,
imbere y’uko urema isi, egome isi yimbuka+.
Uri Imana kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera+.
4 Kuko imyaka igihumbi ari nk’umusi umwe* kuri wewe+.
Ni nk’ikiringo kimwe gusa c’iterama* ryo mw’ijoro.
Ariko yuzuye ivyago n’imibabaro.
Ihera ningoga, natwe tukaba duhise+.
11 Ni nde yoshobora kumenya ububasha bw’ishavu ryawe?
Ishavu ryawe ringana n’icubahiro ukwiye guhabwa*+.
13 Ewe Yehova, nugaruke+. Ibintu bizoguma gutya gushika ryari+?
Niwumvire impuhwe abasavyi bawe+.
14 Nutwereke urukundo* rwawe+ mu gitondo,
kugira tuvuze impundu twongere tunezerwe+ imisi yose y’ubuzima bwacu.
15 Nutunezereze imisi ingana n’iyo wamaze uduteza amarushwa+,
imyaka ingana n’iyo twamaze mu magorwa+.
egome, nuhezagire igikorwa c’amaboko yacu+!