Samweli wa mbere
12 Amaherezo Samweli abwira Abisirayeli bose ati: «Narakoze* ivyo mwansavye vyose ndagena umwami wo kubaganza+. 2 Ng’uyu umwami abatwara*+. Nayo jewe ndashaje, mfise n’imvi ku mutwe. Abahungu banje na bo muri kumwe+. Mwebwe narabayoboye kuva nkiri muto gushika n’uyu musi+. 3 Ndi hano. Nimunyagirize imbere ya Yehova n’imbere y’uwo yarobanuje amavuta*+. Ni nde natwaye impfizi canke indogobwa+? Ni nde naririye utwiwe canke nakandamije? Hari uwampaye igiturire* nkacakira bigatuma nirengagiza ivyo yakoze+? Nimba hari ivyo natwaye, nimuvuge ndabibasubize+.» 4 Na bo bishura bati: «Nta we waririye utwiwe canke ngo umukandamize, eka nta n’ikintu c’umuntu wigeze wakira.» 5 Ababwira rero ati: «Yehova nambere icabona uyu musi, eka n’uwo yarobanuje amavuta ambere icabona, yuko ata kintu na kimwe munyagiriza*.» Na bo bishura bati: «Nabe icabona.»
6 Samweli aca ababwira ati: «Yehova nabe icabona, we yakoresheje Musa na Aroni agakura ba sogokuruza banyu mu gihugu ca Misiri+. 7 Ubu rero nimuhagarare aho, ndabacire urubanza imbere ya Yehova mfatiye ku vyiza* vyose Yehova yabakoreye mwe na ba sogokuruza banyu.
8 Yakobo yaragiye mu Misiri+. Mu nyuma ba sogokuruza banyu batangura gutabaza Yehova+, maze Yehova arungika Musa+ na Aroni kugira bakure ba sogokuruza banyu mu Misiri ngo baze kuba muri iki gihugu+. 9 Mugabo baribagiye Yehova Imana yabo maze arareka+ Sisera*+ umukuru w’ingabo za Hazori, n’Abafilisitiya+ n’umwami wa Mowabu+ barabatera. 10 Baraheza batabaza Yehova+ bati: “Twaracumuye+ kuko twahevye Yehova, dusenga* za Bayali+ n’ibishusho vya Ashitoreti+. Dukize abansi bacu, tuzoheza tugukorere.” 11 Nuko Yehova arungika Yerubayali+ na Bedani na Yefuta+ na Samweli+, abakiza abansi bose bari babakikuje kugira mwibereho mu mutekano+. 12 Mu nyuma Nahashi+ umwami w’Abamoni yaraje kubatera. Mubibonye mwagumye mumbwira ko ata kindi mushaka atari umwami+, kandi umwami wanyu ari Yehova Imana yanyu+. 13 Ng’uyu rero umwami mwashaka, umwe mwasaba. Uyu ni we mwami Yehova yagenye ngo abaganze+. 14 Nimwatinya Yehova+, mukamukorera+ kandi mukamugamburukira+, ntimugararize ivyo Yehova abategeka, mukayobokera Yehova Imana yanyu mwe n’umwami abaganza, bizobagendera neza. 15 Mugabo nimutagamburukira Yehova, mukagarariza ivyo Yehova abategeka, Yehova azobahana mwe na ba so+. 16 Ubu rero nimuhagarare murabe ikintu gikomeye Yehova agira akore imbere yanyu. 17 Ehe raba turi mu gihe c’iyimbura ry’ingano, ariko ngira nsabe Yehova atume haba imituragaro n’imvura. Muraheza mumenye mwongere mutahure yuko mwakoze ikintu Yehova abona ko ari kibi igihe mwisabira umwami+.»
18 Samweli aca yambaza Yehova, maze kuri uwo musi Yehova atuma haba imituragaro n’imvura. Abantu bose baca batinya cane Yehova na Samweli. 19 Nuko babwira Samweli bati: «Nudusengere kuri Yehova Imana yawe twebwe abasuku bawe+ kugira ntidupfe, kuko twongeye ikibi ku bicumuro vyacu vyose mu gusaba umwami.»
20 Samweli rero abwira abantu ati: «Ntimutinye. Ego ni ko mwarakoze ivyo bibi vyose, mugabo rero ntimureke gukurikira Yehova+. Mukorere Yehova n’umutima wanyu wose+. 21 Ntimumuhebe ngo mukurikire imana z’ikinyoma*+. Ntizishobora kubafasha+ canke kubatabara kubera yuko ata co zimaze*. 22 Yehova ntazobata mwebwe abantu biwe+ kubera izina ryiwe rihambaye+, kuko Yehova yiyemeje kubagira abiwe+. 23 Nayo jewe, sinokwubahuka kureka kubasengera kuko noba ncumuye kuri Yehova. Nzobandanya kubigisha inzira nziza kandi igororotse. 24 Gusa mutinye Yehova+ kandi mumukorere n’umutima wanyu wose mudahemuka*, kuko yabakoreye ibintu bikomeye+. 25 Mugabo nimwaguma mukora ikibi nkana, mwebwe n’umwami wanyu+ muzozimanganywa+.»