Samweli wa mbere
13 Sawuli yari afise imyaka . . .* igihe yaba umwami+. Amaze imyaka ibiri aganza Isirayeli, 2 atora abagabo 3.000 muri Isirayeli. Ibihumbi bibiri muri bo bagumana na Sawuli i Mikimashi no mu karere k’imisozi k’i Beteli, 1.000 na bo bagumana na Yonatani+ i Gibeya+ mu karere ka Benyamini. Abasigaye bose arabarungika, umwe wese asubira iwe. 3 Nuko Yonatani atera ikirindiro c’Abafilisitiya+ cari i Geba+ arabatsinda maze Abafilisitiya barabimenya. Sawuli aca ategeka ko havuzwa inzamba+ mu gihugu cose kugira Abaheburayo babimenye. 4 Abisirayeli bose bumva ko Sawuli yateye ikirindiro c’Abafilisitiya akabatsinda kandi ko Abafilisitiya basigaye banka urunuka Abisirayeli. Abantu baca baterwa akamo ngo bakurikire Sawuli i Gilugali+.
5 Abafilisitiya na bo bakoranira hamwe ngo barwane n’Abisirayeli. Bari bafise imikogote y’intambara 30.000 n’abagendera ku mafarasi 6.000 n’ingabo nyinshi nk’udutete tw’umusenyi wo ku nkengera y’ikiyaga+. Nuko baraduga bakambika i Mikimashi mu buseruko bw’i Beti-Aveni+. 6 Abagabo bo muri Isirayeli babona ko bageze habi, kuko bari basugerejwe cane. Nuko baja kwinyegeza mu masenga+, mu myobo, mu bitandara, mu bibanza vyo mu kuzimu no mu binogo babikamwo amazi. 7 Hari n’Abaheburayo bajabutse Yorodani, baja i Gileyadi no mu karere ka Gadi+. Mugabo Sawuli yari akiri i Gilugali. Abari kumwe na we bose bariko barajugumira kubera ubwoba. 8 Aguma arindiriye imisi indwi y’isango Samweli yamuhaye, mugabo Samweli ntiyaza i Gilugali. Abantu na bo bariko baramuta bakigira. 9 Amaherezo Sawuli avuga ati: «Nimunzanire igitungwa c’ikimazi giturirwa n’ibitungwa vy’ibimazi vyo gusangira.» Aca atanga ikimazi giturirwa+.
10 Mugabo akirangiza gushikana ico kimazi, Samweli aca arashika. Nuko Sawuli aja kumusanganira ngo amuramutse*. 11 Samweli aca amubwira ati: «Ivyo wakoze ni ibiki?» Sawuli na we yishura ati: «Nabonye abantu bariko baramperako+, nawe utarashika kuri rya sango wampa, Abafilisitiya na bo bariko bakoranira i Mikimashi+. 12 Naciye nibwira nti: “Noneho Abafilisitiya bahava baza kuntera i Gilugali ntarasaba Yehova umuhezagiro*.” Nca mbona rero ko ntegerezwa gushikana ikimazi giturirwa.»
13 Samweli aca abwira Sawuli ati: «Wakoze ivy’ubupfu. Ntiwagamburutse ibwirizwa Yehova Imana yawe yaguhaye+. Iyo ugamburuka, Yehova yokomeje ubwami bwawe muri Isirayeli, bukagumaho ibihe vyose. 14 Ubu rero ubwami bwawe ntibuzoramba+. Yehova azorondera umuntu ahimbara umutima wiwe+. Yehova azomugira indongozi y’abantu biwe+ kuko utagamburutse ivyo Yehova yagutegetse+.»
15 Maze Samweli ava i Gilugali aduga i Gibeya mu karere ka Benyamini, Sawuli na we aharura abantu. Abari bakiri kumwe na we bari abagabo nka 600+. 16 Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani n’abantu bari bakiri kumwe na bo, baguma i Geba+ mu karere ka Benyamini. Nayo Abafilisitiya bari bakambitse i Mikimashi+. 17 Imigwi itatu y’abasoda yarava mw’ikambi y’Abafilisitiya, ikaja gutera Abisirayeli. Umwe wafata inzira ija i Ofura yerekeza mu karere ka Shuwali. 18 Uwundi mugwi wafata inzira y’i Beti-Horoni+, uwa gatatu na wo ugafata inzira yerekeza ku rubibe rurabana n’umubande wa Zeboyimu, amaja mu bugaragwa.
19 Ico gihe nta mucuzi yaboneka mu gihugu cose ca Isirayeli, kuko Abafilisitiya batashaka ko Abaheburayo bacura inkota canke amacumu. 20 Abisirayeli bose babwirizwa kumanuka ku Bafilisitiya kugira ngo bakarihishe amasuka* yabo, amasipiri*, amashoka canke udukero. 21 Bariha ipimu* mu gukarisha amasuka, amasipiri, ibikoresho vy’amenyo atatu, amashoka no mu gusubirishamwo imihunda* y’inka kugira ngo ikomere. 22 Mu bari kumwe na Sawuli na Yonatani nta n’umwe yari afise inkota canke icumu yokoresha mu rugamba+. Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani ni bo bonyene bari bafise ibirwanisho.
23 Abafilisitiya bari bashinze ikirindiro aho abantu bajabukira imanga y’i Mikimashi+.