Samweli wa mbere
31 Abafilisitiya barwana n’Abisirayeli+. Abasoda ba Isirayeli bahunga Abafilisitiya kandi benshi muri bo bicirwa ku musozi Gilibowa+. 2 Abafilisitiya baguma basatira Sawuli n’abahungu biwe gushika aho bica abo bahungu ba Sawuli, ari bo Yonatani+, Abinadabu na Malikishuwa+. 3 Urugamba rurakomera, Abafilisitiya basugereza cane Sawuli. Abarasisha umuheto baramubona, baramurasa arakomereka cane+. 4 Sawuli aca abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: «Sokora inkota yawe uyinsogote, kugira ngo abo bagabo batagenyerewe*+ ntibaze ngo bansogote, bakanyica rubi*.» Mugabo uwumutwaza ibirwanisho aranka kuko yari afise ubwoba bwinshi. Nuko Sawuli afata inkota, ayitako+. 5 Uwumutwaza ibirwanisho abonye ko Sawuli apfuye+, na we nyene aca afata inkota yiwe ayitako, apfana na we. 6 Gutyo Sawuli, abahungu biwe batatu, uwumutwaza ibirwanisho n’abantu biwe bose*, bapfira hamwe kuri uwo musi+. 7 Abisirayeli baba mu kiyaya n’ababa mu karere ka Yorodani, babonye yuko ingabo za Isirayeli zahunze be n’uko Sawuli n’abahungu biwe bapfuye, baca bata ibisagara vyabo barahunga+. Abafilisitiya baraza babibamwo.
8 Bukeye, Abafilisitiya baza gusahura ibintu vy’abo bishe, maze bubuka ku biziga vya Sawuli n’abahungu biwe batatu ku musozi Gilibowa+. 9 Sawuli bamuca umutwe, bamwambura n’ibirwanisho vyiwe. Baca barungika intumwa mu gihugu cose c’Abafilisitiya kugira babimenyekanishe+ mu nsengero* z’ibigirwamana vyabo+ no mu bantu. 10 Bashira ibirwanisho vyiwe mu rusengero* rurimwo ibishusho vya Ashitoreti, ikiziga ciwe na co bakimanika ku ruzitiro rw’i Beti-Shani+. 11 Ab’i Yabeshi-Gileyadi+ bumvise ivyo Abafilisitiya bagiriye Sawuli, 12 abarwanyi bose baca barahaguruka bagenda ijoro ryose maze bakura ikiziga ca Sawuli n’ibiziga vy’abahungu biwe ku ruzitiro rw’i Beti-Shani. Baraheza basubira i Yabeshi, babituririrayo. 13 Maze bafata amagufa yabo+, bayahamba i Yabeshi+ munsi y’igiti c’umwesheri, baraheza bamara imisi indwi bisonzesheje.