Abaroma
13 Umuntu wese nagamburukire* abakuru batuganza*+, kuko ubukuru bwose buriho buva ku Mana+. Abakuru bahari bashizwe n’Imana mu bibanza vyabo bitandukanye*+. 2 Ni co gituma umuntu wese arwanya ubukuru aba arwanije indinganizo y’Imana. Abarwanya iyo ndinganizo bazoba bikwegeye igihano*. 3 Kuko abaganza ari abo gutinywa, ariko ntibatinywa n’abakora iciza, ahubwo batinywa n’abakora ikibi+. Ushaka none kudatinya abakuru? Guma ukora iciza+, na bo bazoguhayagiza. 4 Ni abakozi* b’Imana bakora ku neza yawe. Mugabo nimba ukora ikibi, tinya kuko badatwarira inkota ubusa. Ni abakozi b’Imana bajejwe guhana inkozi z’ikibi*.
5 Murafise rero imvo zumvikana zo kugamburuka*, atari kubera ico gihano* gusa, mugabo kandi kubera ijwi ryanyu ryo mu mutima+. 6 Ni na co gituma muriha amakori, kuko ari abakozi b’Imana bakorera abantu, bama bakora ico gikorwa. 7 Muhe bose ivyabo: uwusaba ikori mumuhe ikori+, uwusaba ikibuguro* mumuhe ikibuguro, uwusaba gutinywa mumutinye+, uwusaba iteka mumuhe iryo teka+.
8 Ntihagire umuntu n’umwe mugirira ideni, kiretse iryo gukundana+, kuko uwukunda mugenziwe aba ashikije amategeko+. 9 Kuko aya mategeko ngo «ntukarenge ibigo+, ntukice+, ntukibe+, ntukipfuze ivy’abandi*+», hamwe n’ayandi mabwirizwa yose, bipoperanirijwe muri aya majambo agira ati: «Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.» 10 Uwufise urukundo ntagirira nabi mugenziwe+. Uwukundana rero aba yubahirije amategeko+.
11 Ivyo mubikore kubera muzi ikiringo tugezemwo, yuko isaha yo kwikangura mukava mw’itiro imaze kugera+. Ubukiriro bwacu ubu buri hafi kuruta igihe twacika abemera. 12 Ijoro rigeze kure, bugira buce. Duhebe rero ibikorwa vy’umwiza+ maze twambare ibirwanisho vy’umuco+. 13 Twigenze mu buryo bubereye+, nko ku murango. Twirinde kwidagadura birenze, kuborerwa, gusambana, inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo*+, kuryana no kugira ishari+. 14 Ahubwo mwambare Umukama Yezu Kristu+, kandi ntimutegekanye guhaza ivyipfuzo vy’umubiri+.