Imigani
3 Ibuye riraremereye kandi n’umusenyi uraremereye,
ariko ingorane zikwegwa n’ikijuju ziraremereye kubiruta vyose+.
5 Gukosorwa ata guca ku ruhande biruta urukundo ruhishijwe+.
10 Ntuhebe umugenzi wawe canke umugenzi wa so,
kandi ntiwinjire mu nzu ya mwenewanyu igihe uri mu vyago.
Umubanyi ari hafi aruta uwo muvukana ari kure+.
13 Umuntu niyishinga ingurane y’umuntu atazi, uraca ufata impuzu yiwe,
ariko niyishinga ingurane y’umugore w’igihumbu*, uraca umwaka ingwati+.
14 Iyo umuntu azindutse arahezagira mugenziwe n’ijwi ryumvikana,
bifatwa nk’umuvumo.
15 Umugore w’amahane* ameze nk’igisenge kiguma kiva ku musi w’imvura+.
16 Uwushoboye kumutururuza aba ashoboye no gutururuza umuyaga,
kandi aba ashoboye gupfumbata amavuta mu kuboko kwiwe kw’ukuryo.
18 Uwubungabunga igiti c’umusukoni azorya ivyamwa vyaco+,
kandi uwitwararika shebuja azoterwa iteka+.
19 Kurya umuntu yibona mu maso aravye mu mazi,
ni ko umutima w’uwundi muntu ushobora kuduhishurira ico turi.
21 Kurya inkono yo mu ruganda ityorora ifeza, ifuru na yo igatyorora inzahabu+,
ni ko n’umuntu asuzumwa n’amajambo yo kumukeza*.
23 Ukwiye kumenya neza* ingene ubusho bwawe bumeze.
Nubungabunge intama zawe+,
24 kuko itunga ritamaho ibihe vyose+,
kandi n’urugori ntirwamaho imyaka yose*.
25 Ivyatsi bitoto birahera hakaza ibindi,
hanyuma bakegeranya ivyatsi vyo ku misozi.
26 Impfizi z’intama zizokuronsa ivyambarwa,
amasuguru y’impene na yo akuronse amahera yo kugura itongo.
27 Kandi uzoronka n’amata y’impene ahagije agutunga,
atunge urugo rwawe hamwe n’abasukukazi bawe.