ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Imigani 27
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Imigani 27:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ata wumenya ico umusi uvyara.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lk 12:19, 20; Yak 4:13, 14

Imigani 27:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «n’umuntu utazi.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «n’umunyamahanga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 25:27; Yr 9:23; 2Kr 10:18

Imigani 27:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 25:25

Imigani 27:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 37:9-11; Img 14:30; Ivk 17:5

Imigani 27:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 19:17; Mt 18:15

Imigani 27:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «agusomagura bitavuye ku mutima.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 12:7, 9; Zb 141:5; Ivh 3:19

Imigani 27:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ahonyanga.»

Imigani 27:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ihungira kure.»

Imigani 27:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 23:16; Img 15:23; 16:24

Imigani 27:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 17:17; 18:24

Imigani 27:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ba inkerebutsi.»

  • *

    Canke «uwuntuka», «uwuncokora.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 10:1; 23:15; 2Yh 4
  • +Yb 1:8, 9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 7

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 1 2018 rup. 15

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    12/2016, rup. 30

    Umunara w’Inderetsi,

    15/11/2012, rup. 12-13

    15/4/2009, rup. 7-11

    15/8/2006, rup. 26

    15/4/2003, rup. 14-15

    Umwigisha, rup. 208-211

    Senga Imana, rup. 66

    Abahurikiye hamwe, rup. 60

Imigani 27:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abantu batazi utuntu n’utundi.»

  • *

    Canke «bigahanwa.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 18:10; Yes 26:20; Heb 11:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2015, rup. 8-9

Imigani 27:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umunyamahangakazi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 20:16

Imigani 27:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «aguma atorana amahinyu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 21:9, 19

Imigani 27:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu maso h’umugenzi wiwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 23:16; Heb 10:24, 25

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 48

Imigani 27:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 13:4
  • +It 39:2; Img 17:2

Imigani 27:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «Abadoni.» Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 30:15, 16

Imigani 27:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ni ko no gukezwa bihishura ico umuntu ari.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 17:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/8/2011, rup. 29

    15/9/2006, rup. 19

Imigani 27:23

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «gushira umutima», «kwitwararika.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kl 3:23

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    2/2022, rup. 17

    Yeremiya, rup. 131

Imigani 27:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «uko urunganwe rukurikira urundi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 23:4, 5; 1Tm 6:17

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Imig. 27:1Lk 12:19, 20; Yak 4:13, 14
Imig. 27:2Img 25:27; Yr 9:23; 2Kr 10:18
Imig. 27:31Sm 25:25
Imig. 27:4It 37:9-11; Img 14:30; Ivk 17:5
Imig. 27:5Lw 19:17; Mt 18:15
Imig. 27:62Sm 12:7, 9; Zb 141:5; Ivh 3:19
Imig. 27:91Sm 23:16; Img 15:23; 16:24
Imig. 27:10Img 17:17; 18:24
Imig. 27:11Img 10:1; 23:15; 2Yh 4
Imig. 27:11Yb 1:8, 9
Imig. 27:12Img 18:10; Yes 26:20; Heb 11:7
Imig. 27:13Img 20:16
Imig. 27:15Img 21:9, 19
Imig. 27:171Sm 23:16; Heb 10:24, 25
Imig. 27:18Img 13:4
Imig. 27:18It 39:2; Img 17:2
Imig. 27:20Img 30:15, 16
Imig. 27:21Img 17:3
Imig. 27:23Kl 3:23
Imig. 27:24Img 23:4, 5; 1Tm 6:17
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Imigani 27:1-27

Imigani

27 Ntiwiratire umusi w’ejo,

kuko ata wumenya ico buca bucana*+.

 2 Wopfuma ushemezwa n’uwundi*, atari akanwa kawe.

Wopfuma ushemezwa n’abandi*, hako ushemezwa n’iminwa yawe+.

 3 Ibuye riraremereye kandi n’umusenyi uraremereye,

ariko ingorane zikwegwa n’ikijuju ziraremereye kubiruta vyose+.

 4 Hariho uburake bukaze hakaba n’ishavu ryonona nk’isegenya,

ariko ishari ni ribi kubisumba vyose+.

 5 Gukosorwa ata guca ku ruhande biruta urukundo ruhishijwe+.

 6 Umugenzi w’umwizigirwa aragukosora naho vyokubabaza+,

ariko umwansi wewe aguma agusomagura*.

 7 Uwuhimvye ariyankisha* ubuki bwo mu kimamara,

ariko uwushonje mbere n’ibirura yumva ko bisosa.

 8 Kurya kw’inyoni iyerera kure* y’icari cayo,

ni ko n’umuntu ayerera kure y’aho aba.

 9 Nka kurya amavuta n’imibavu binezereza umutima,

ni ko n’umugenzi aguha impanuro nziza amera+.

10 Ntuhebe umugenzi wawe canke umugenzi wa so,

kandi ntiwinjire mu nzu ya mwenewanyu igihe uri mu vyago.

Umubanyi ari hafi aruta uwo muvukana ari kure+.

11 Ca ubwenge* mwananje, unezereze umutima wanje+,

kugira nshobore kwishura uwunsomborotsa*+.

12 Umunyabwenge arihisha abonye akaga kaje+,

ariko ibijuju* birabandanya inzira maze bikibonerako*.

13 Umuntu niyishinga ingurane y’umuntu atazi, uraca ufata impuzu yiwe,

ariko niyishinga ingurane y’umugore w’igihumbu*, uraca umwaka ingwati+.

14 Iyo umuntu azindutse arahezagira mugenziwe n’ijwi ryumvikana,

bifatwa nk’umuvumo.

15 Umugore w’amahane* ameze nk’igisenge kiguma kiva ku musi w’imvura+.

16 Uwushoboye kumutururuza aba ashoboye no gutururuza umuyaga,

kandi aba ashoboye gupfumbata amavuta mu kuboko kwiwe kw’ukuryo.

17 Kurya icuma gikarisha ikindi,

ni ko umuntu akarisha umugenzi wiwe*+.

18 Uwubungabunga igiti c’umusukoni azorya ivyamwa vyaco+,

kandi uwitwararika shebuja azoterwa iteka+.

19 Kurya umuntu yibona mu maso aravye mu mazi,

ni ko umutima w’uwundi muntu ushobora kuduhishurira ico turi.

20 Nka kurya ukuzimu n’ikibanza c’agatikizo* bitigera bihaga+,

ni ko n’amaso y’umuntu atigera ahaga.

21 Kurya inkono yo mu ruganda ityorora ifeza, ifuru na yo igatyorora inzahabu+,

ni ko n’umuntu asuzumwa n’amajambo yo kumukeza*.

22 Naho wosekura igipfu n’umuhini

nka kurya basekura intete mw’isekuro,

ubupfu bwaco ntibukivako.

23 Ukwiye kumenya neza* ingene ubusho bwawe bumeze.

Nubungabunge intama zawe+,

24 kuko itunga ritamaho ibihe vyose+,

kandi n’urugori ntirwamaho imyaka yose*.

25 Ivyatsi bitoto birahera hakaza ibindi,

hanyuma bakegeranya ivyatsi vyo ku misozi.

26 Impfizi z’intama zizokuronsa ivyambarwa,

amasuguru y’impene na yo akuronse amahera yo kugura itongo.

27 Kandi uzoronka n’amata y’impene ahagije agutunga,

atunge urugo rwawe hamwe n’abasukukazi bawe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika