Samweli wa mbere
20 Maze Dawidi arahunga, ava i Nayoti mu gisagara ca Rama. Aja kuraba Yonatani amubwira ati: «Nakoze iki+? Ikosa ryanje ni irihe? Ni igicumuro ikihe nakoreye so muko arondera kunyica?» 2 Yonatani amwishura ati: «Ivyo ntibishoboka+! Ntuzopfa. Nta kintu na kimwe dawe azokora atabanje kukimbwira, caba gito canke igihambaye. None dawe yobimpishira iki? Ivyo ntibizoba.» 3 Mugabo Dawidi yongerako ati: «So arazi neza yuko unkunda+. Ni co gituma azokwibwira ko ubimenye vyokubabaza. Ariko ndakurahiye Yehova Imana nzima, na wewe ubwawe ndakurahiye yuko ari kabiri na rimwe nkicwa+.»
4 Yonatani aca abwira Dawidi ati: «Ico umbwira cose ndakigukorera.» 5 Dawidi amwishura ati: «Kubera ko ejo hari umusi mukuru w’imboneko y’ukwezi+, ndazi neza ko umwami yiteze ko tuzofungurira hamwe ku meza. Nyemerera rero nje kwinyegeza hanze y’igisagara gushika hirya y’ejo* ku mugoroba. 6 So niyaramuka abonye ko ntahari, uzoce umubwira uti: “Dawidi yaranyinginze ngo ndamuhe uruhusha rwo gukubitira iwabo mu gisagara ca Betelehemu+, kugira abe ari kumwe n’abo mu muryango wabo bose ku kimazi batanga buri mwaka+.” 7 Niyishura ati: “Nta ngorane”, azoba ari amahoro kuri jewe umusuku wawe. Mugabo niyashavura, uzoca umenya neza ko yiyemeje kungirira nabi. 8 Uze ungirire ubuntu*+, kuko twe nawe twagiranye isezerano imbere ya Yehova+. Mugabo nimba hari ikosa nakoze+, nunyiyicire. Kubera iki wokwirirwa urantwara kwa so?»
9 Yonatani na we amwishura ati: «Ivyo ntibishoboka! Ninamenya ko dawe yiyemeje kukugirira nabi, sinzobura guca ndabikumenyesha+.» 10 Maze Dawidi abwira Yonatani ati: «None so niyakwishura nabi, nzobimenya gute?» 11 Yonatani amubwira ati: «Ingo tuje hanze y’igisagara.» Nuko bompi baragenda. 12 Yonatani aca abwira Dawidi ati: «Yehova Imana ya Isirayeli abe icabona yuko ejo canke hirya y’ejo nzoraba uko nsokoroza dawe. Niyaba akubona neza, sinzobura kubikumenyesha. 13 Mugabo nimba dawe yipfuza kukugirira nabi, Yehova aze abimpanire bimwe bikomeye, nintabikumenyesha kugira wigire amahoro. Yehova aze abane nawe+, nk’uko nyene yabanye na dawe+. 14 Uzongirire ubuntu* nk’ubwa Yehova nkiriho, mbere n’igihe nzoba narapfuye+. 15 Ntuze wigere ureka kugirira ubuntu* umuryango wanje+, n’igihe Yehova azoba yazimanganije abansi bawe bose kw’isi.» 16 Yonatani rero agirana isezerano n’umuryango* wa Dawidi. Avuga ati: «Yehova azohana abansi ba Dawidi.» 17 Nuko Yonatani asaba Dawidi ngo asubire kumurahira yisunze urukundo yari amufitiye, kuko Yonatani yamukunda nk’uko yikunda+.
18 Yonatani aca amubwira ati: «Ejo ni umusi mukuru w’imboneko y’ukwezi+ kandi bazobona ko atari ho uri, kuko ikibanza cawe kizoba kigaragara. 19 Hirya y’ejo* bizorushiriza kwibonekeza ko atari ho uri. Uzoce rero uza aha hantu wari winyegeje wa musi*, uheze ugume hafi y’iri buye. 20 Nzoca ndasa imyampi itatu ku ruhande rumwe rwaryo, nk’uwuriko ararasa ikintu. 21 Nzoheza ntume umusuku wanje ndamubwire nti: “Genda utore irya myampi.” Ninamubwira nti: “Imyampi iri hino yawe, yitore”, uzoce ugaruka. Ndakurahiye Yehova Imana nzima, azoba ari amahoro kandi nta ngorane izoba ihari. 22 Mugabo ninabwira uwo muhungu nti: “Imyampi iri hirya yawe”, uzoce wigira kuko Yehova azoba ashimye ko ugenda. 23 Nayo ku bijanye n’isezerano twe nawe twagiranye+, Yehova abe icabona hagati yacu ibihe bidahera+.»
24 Nuko Dawidi yinyegeza hanze y’igisagara. Umusi mukuru w’imboneko y’ukwezi ugeze, umwami aricara kugira ngo afungure+. 25 Umwami yari yicaye aho asanzwe yicara hafi y’uruhome, Yonatani arabana na we. Abuneri+ yari yicaye iruhande ya Sawuli, mugabo ikibanza ca Dawidi caragaragara. 26 Uwo musi Sawuli nta kintu na kimwe yavuze, kuko yibwira ati: «Hari ikintu catumye ahumana+. Ivyo ari vyo vyose, ategerezwa kuba ahumanye.» 27 No ku musi ukurikira imboneko y’ukwezi, ikibanza ca Dawidi caragaragara. Sawuli aca abaza umuhungu wiwe Yonatani ati: «Kubera iki uyu musi n’ejo, mwene Yese+ ataje gufungura?» 28 Yonatani yishura Sawuli ati: «Dawidi yaranyinginze ngo ndamuhe uruhusha rwo kuja i Betelehemu+. 29 Yambwiye ati: “Ndagusavye unyemerere ngende mu gisagara iwacu kuko mu muryango wacu tuzotanga ikimazi, kandi mwenewacu ni we yantumyeko. Nimba rero ubishimye, ndagusavye ureke ngende mw’ibanga kuraba benewacu.” Ni co gituma ataje gusangira n’umwami.» 30 Sawuli aca ashavurira cane Yonatani, amubwira ati: «Wa mwana w’umugore w’umugarariji we! Wibaza ko ntazi yuko wahisemwo gushigikira mwene Yese? Uriko urimaramaza, umaramaza na nyoko*! 31 Igihe cose mwene Yese azoba akiriho, ntuzoshinga imizi, n’ubwami bwawe ntibuzorama+. Rungika rero umuntu aja kumunzanira, kuko ategerezwa gupfa*+.»
32 Ariko Yonatani abwira se wiwe Sawuli ati: «Kubera iki yokwicwa+? Yakoze iki?» 33 Sawuli aca amutera icumu kugira ngo amwice+. Yonatani araheza amenya ko se yari yiyemeje kwica Dawidi+. 34 Ubwo nyene Yonatani ava ku meza yaratse. Kuri uwo musi ugira kabiri*, ntiyarya ikintu na kimwe kubera yari ababajwe na Dawidi+ kandi se akaba yari yamumaramaje.
35 Bukeye mu gitondo, Yonatani aja hanze y’igisagara kuri rya sango yahana na Dawidi, ari kumwe n’umusuku akiri muto+. 36 Abwira rero nya musuku wiwe ati: «Ndagusavye wiruke, utore imyampi ngira ndase.» Nya musuku ariruka, maze Yonatani arasa umwampi uramurengana. 37 Uwo musuku ashitse ahari nya mwampi Yonatani yarashe, Yonatani aca aramuhamagara amubwira ati: «Raba ko uwo mwampi utari hirya yawe.» 38 Yonatani yongerako ati: «Nyarutsa nyarutsa, ntutebe!» Nya musuku atora imyampi shebuja yarashe maze agaruka iyo ari. 39 Ariko uwo musuku ntiyatahura ico ivyo bintu bisobanura. Yonatani na Dawidi ni bo gusa bari babizi. 40 Yonatani aca aha ibirwanisho vyiwe uwo musuku, amubwira ati: «Bitware mu gisagara.»
41 Nya musuku agiye, Dawidi aca ava aho yari anyegeye mu micungararo, mu bumanuko bw’aho Yonatani yari. Maze arunama incuro zitatu mu maso hiwe hashika hasi. Baca baragumbirana* bararira, Dawidi aba ari we arira cane. 42 Yonatani abwira Dawidi ati: «Genda amahoro, kuko twese twarahiye+ mw’izina rya Yehova duti: “Yehova abe icabona hagati yanje nawe no hagati y’uruvyaro* rwawe n’urwanje gushitsa ibihe bidahera+.”»
Dawidi aca aragenda, Yonatani na we asubira mu gisagara.