Samweli wa mbere
15 Maze Samweli abwira Sawuli ati: «Ni jewe Yehova yatumye kukurobanuza amavuta* ngo ube umwami aganza abantu biwe b’Abisirayeli+. Umviriza rero ivyo Yehova agira akubwire+. 2 Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Ngira nihore Abamaleki ku vyo bagiriye Abisirayeli, kuko babateye igihe bava mu Misiri+. 3 Genda rero wice Abamaleki+, ubatikizanye+ n’ivyo bafise vyose. Ntihagire n’umwe usigaza*. Wice abagabo n’abagore, abana n’inzoya, inka n’intama, ingamiya n’indogobwa+.”» 4 Sawuli aca akoranya ingabo, aziharurira i Telayimu: hari abasoda 10.000 bo mu muryango wa Yuda, n’abasoda 200.000 bo mu yindi miryango ya Isirayeli+.
5 Nuko Sawuli n’ingabo ziwe baragenda, bashika hafi y’igisagara c’Abamaleki, binyegeza hafi y’umubande*. 6 Maze Sawuli abwira Abakeni+ ati: «Nimugende muve mu Bamaleki kugira sindabahonereze hamwe na bo+. Mwebwe mwaragiriye neza Abisirayeli*+ igihe bava mu Misiri.» Abakeni baca baritandukanya n’Abamaleki. 7 Inyuma y’ivyo, Sawuli yica Abamaleki+ kuva i Havila+ gushika i Shura+, hafi ya Misiri. 8 Afata Agagi+ umwami w’Abamaleki ari muzima, abandi bose abicisha inkota+. 9 Mugabo Sawuli n’ingabo ziwe ntibica* Agagi n’ibitungwa vyizavyiza: uri intama, inka n’ibindi bitungwa binuze+. Ntibatikiza n’ibintu vyiza vyose vyariyo. Ibintu vyose ata co bimaze canke batashaka ni vyo gusa batikije.
10 Maze Yehova abwira Samweli ati: 11 «Ndicujije* kubona Sawuli naramugize umwami, kuko yanteye akagere akanka gukora ivyo namutegetse+.» Ivyo bibabaza cane Samweli, amara ijoro ryose aririra Yehova+. 12 Samweli avyuka kare mu gitondo kugira aje kubonana na Sawuli. Mugabo bamumenyesha ko Sawuli yagiye i Karumeli+, akahashinga icibutso ciwe+ agaca amanuka i Gilugali. 13 Igihe amaherezo Samweli yabonana na Sawuli, Sawuli amubwira ati: «Yehova aguhezagire. Narakoze ivyo Yehova yantegetse.» 14 Mugabo Samweli avuga ati: «None urwo rwamo rw’intama n’inka numva rusobanura iki+?» 15 Sawuli yishura ati: «Ni ivyo bakuye mu Bamaleki. Abasoda baranse kwica* intama nzizanziza n’inka nzizanziza kugira babishikanire Yehova Imana yawe. Mugabo ibisigaye vyose twarabitikije.» 16 Samweli aca abwira Sawuli ati: «Geza aho! Reka ndakubwire ivyo Yehova yaraye ambwiye iri joro+.» Sawuli na we ati: «Mbwira.»
17 Samweli yongerako ati: «Igihe Yehova yakurobanuza amavuta ngo ube umwami wa Isirayeli+, ukaba indongozi* y’imiryango ya Isirayeli, wabona ko uri umuntu ata co amaze+. 18 Mu nyuma Yehova yagushinze igikorwa, akubwira ati: “Genda utikize Abamaleki+, ba bacumuzi. Ubarwanye gushika ubahoneje+.” 19 Kubera iki none utagamburukiye Yehova? Kubera iki waciye uja mu vyo gusahura n’umunoho mwinshi+, ugakora ivyo Yehova adashaka?»
20 Ariko Sawuli abwira Samweli ati: «Mugabo naragamburukiye Yehova. Naragiye gukora igikorwa Yehova yantumye. Narazanye Agagi umwami w’Abamaleki, ariko Abamaleki bo narabatikije+. 21 Gusa mu bintu vyabwirizwa gutikizwa, abantu baciye basahuramwo intama n’inka nzizanziza kugira babishikanire Yehova Imana yawe i Gilugali+.»
22 Samweli aca amwishura ati: «Mbega wibaza ko ari igiki gihimbara Yehova cane? Ni amashikanwa aturirwa be n’ibimazi+ canke ni ukugamburukira Yehova? Erega kugamburuka biruta gutanga ikimazi+, kwumvira* bikaruta gutanga ibinure+ vy’impfizi z’intama. 23 Kugarariza+ ni cokimwe no gukora igicumuro co kuragura+. Kwita imbere na vyo ni cokimwe no gukoresha amageza no gusenga ibigirwamana*. Ko wanse kwumvira ivyo Yehova yagutegetse+, na we arakwanse ntagishaka ko uba umwami+.»
24 Maze Sawuli abwira Samweli ati: «Naracumuye, kuko nahonyanze itegeko rya Yehova n’ivyo wambwiye. Naratinye abantu nkora ivyo bavuze. 25 Ndagusavye rero umbabarire kubera igicumuro nakoze, usubire inyuma tujane nje kwunamira Yehova+.» 26 Mugabo Samweli abwira Sawuli ati: «Sinsubira inyuma ngo njane nawe, kuko wanse kwumvira ivyo Yehova yagutegetse. Yehova na we yarakwanse ntagishaka ko uba umwami wa Isirayeli+.» 27 Samweli ahindukiye ngo agende, Sawuli aca acakira umutwe w’impuzu yiwe itagira amaboko, ica iramwiyaka*. 28 Samweli aca amubwira ati: «Uyu musi Yehova akwatse ubwami bwa Isirayeli, kandi azobuha uwundi muntu ameze neza kukurusha+. 29 Kandi Imana Rudasumbwa ya Isirayeli+ ntizobesha+ canke ngo yihindukize mw’ijambo*, kuko atari umuntu ngo yihindukize mw’ijambo*+.»
30 Na we avuga ati: «Naracumuye. Mugabo ndagusavye untere iteka imbere y’abashingantahe bacu n’imbere y’abandi Bisirayeli. Ingo dusubirane inyuma, mpeze nunamire Yehova Imana yawe+.» 31 Nuko Samweli asubira inyuma ajana na Sawuli, maze Sawuli yunamira Yehova. 32 Samweli aca avuga ati: «Nimunzanire hano Agagi umwami w’Abamaleki.» Maze Agagi aja iyo Samweli ari adashaka*, kuko Agagi yari yagumye yibwira ati: «Ni ukuri singipfuye*.» 33 Ariko Samweli amubwira ati: «Kurya nyene inkota yawe yahekuye abagore, ni ko na nyoko wawe agiye guhekurwa bimwe bikomeye.» Samweli aca atemaguza inkota Agagi imbere ya Yehova i Gilugali+.
34 Samweli aca aja i Rama, Sawuli na we asubira iwe i Gibeya. 35 Samweli yarinze apfa adasubiye kubona Sawuli, kuko yari ababajwe cane na Sawuli+. Yehova na we aricuza kubona yaratoye Sawuli ngo abe umwami wa Isirayeli+.