Samweli wa kabiri
3 Intambara yari hagati y’abashigikiye umuryango wa Sawuli n’abashigikiye Dawidi imara igihe kirekire. Dawidi aguma akomera+, mugabo abashigikiye Sawuli baguma batakaza inguvu+.
2 Ico gihe Dawidi yaba i Heburoni+. Yahavyariye aba bahungu: imfura yitwa Amunoni+, yavyawe na Ahinowamu+ w’i Yezireli. 3 Uwa kabiri yari Kileyabu yavyawe na Abigayili+, umugore asigwa na Nabali w’i Karumeli. Uwa gatatu yari Abusalomu+ yavyawe na Mayaka. Mayaka yari umukobwa wa Talimayi+ umwami w’i Geshuri. 4 Uwa kane yari Adoniya+ yavyawe na Hagita. Uwa gatanu yari Shefatiya yavyawe na Abitali. 5 Uwa gatandatu yari Itireyamu yavyawe n’umugore wa Dawidi yitwa Egila. Abo ni bo Dawidi yavyariye i Heburoni.
6 Mu gihe intambara hagati y’abashigikiye umuryango wa Sawuli n’abashigikiye Dawidi yari ikibandanya, Abuneri+ we yaguma arushiriza kuba umuntu akomeye mu muryango wa Sawuli. 7 Sawuli yari afise incoreke yitwa Rizipa+. Yari umukobwa wa Aya. Umusi umwe Ishibosheti+ abaza Abuneri ati: «Kubera iki waryamanye n’incoreke ya dawe+?» 8 Abuneri ashavuzwa cane n’amajambo ya Ishibosheti, amubwira ati: «Mbega mbaye imbwa* yo mu Buyuda? Namye ngirira neza* umuryango wa so wawe Sawuli na benewabo n’abagenzi biwe, gushika n’ubu. Nawe sinaguhemukiye ngo ndagushore kwa Dawidi. Yamara uno musi unyagirije ikosa kubera naryamanye n’umugore. 9 Imana izobimpanire bimwe bikomeye, nintagirira Dawidi ivyo Yehova yamurahiye+. 10 Imana yarahiye ko izokwaka ubwami abo mu muryango wa Sawuli, igakomeza intebe y’ubwami ya Dawidi, kugira aganze Isirayeli n’Ubuyuda, kuva i Dani gushika Beri-Sheba+.» 11 Ishibosheti ntiyubahuka kugira ico yishura Abuneri, kuko yamutinya+.
12 Ubwo nyene Abuneri atuma intumwa kuri Dawidi ati: «Mbega wibaza ko igihugu ari ica nde?» Yongerako ati: «Nugirane isezerano nanje. Nzoheza nkore ivyo nshoboye vyose* kugira Abisirayeli bose baje ku ruhande rwawe+.» 13 Dawidi amwishura ati: «Ni vyiza. Nzogirana isezerano nawe. Ariko ikintu conyene ndagusavye ni iki: ntuze urenguke imbere yanje utanzaniye Mikali+ umukobwa wa Sawuli.» 14 Dawidi aca atuma intumwa kuri Ishibosheti+ mwene Sawuli ati: «Mpa umugore wanje Mikali, uwo nakoye udushato* 100 tw’Abafilisitiya+.» 15 Ishibosheti rero atuma abaja kumutora ku mugabo wiwe Palitiyeli+ mwene Layishi. 16 Ariko umugabo wiwe aramukurikira, agenda aramuririra gushika i Bahurimu+. Maze Abuneri amubwira ati: «Subira inyuma!» Aca asubira inyuma.
17 Abuneri yari yarungikiye ubutumwa abashingantahe bo muri Isirayeli ati: «Mumaze igihe mwipfuza ko Dawidi ababera umwami. 18 Ubu rero nimugire ico mukoze kuko Yehova yabwiye Dawidi ati: “Wewe umusavyi wanje Dawidi+, ni wewe nzokoresha ngo ntabare abantu banje b’Abisirayeli, ndabakize Abafilisitiya n’abansi babo bose.”» 19 Abuneri aca aja kuvugana n’Ababenyamini+. Mu nyuma aja i Heburoni kubonana na Dawidi mu mwiherero, amubwira ivyo bumvikanye n’Ababenyamini bose be n’abandi Bisirayeli.
20 Igihe Abuneri yaza kwa Dawidi i Heburoni ari kumwe n’abagabo 20, Dawidi yaciye abagirira umusi mukuru. 21 Maze Abuneri abwira Dawidi ati: «Nkundira ngende mwami, nje kugukoraniriza Abisirayeli bose, kugira bagirane isezerano nawe. Uzoheza uganze abo ushaka* bose.» Dawidi aca arungika Abuneri, yigira amahoro.
22 Ubwo nyene abantu ba Dawidi bazanana na Yowabu bavuye kugaba igitero. Baje basahuye ibintu vyinshi cane. Abuneri yari yamaze kuvana na Dawidi i Heburoni, yamurungitse amahoro. 23 Yowabu+ n’ingabo zose zari kumwe na we bashitse, Yowabu amenya ko Abuneri+ mwene Neri+ yaje kuraba umwami, na we akamurungika amahoro. 24 Yowabu aca aja iyo umwami ari, amubwira ati: «Ivyo wakoze ni ibiki? Abuneri arashobora kuza kukuraba ukamureka akigira? 25 None Abuneri mwene Neri ntumuzi? Nta kindi camuzanye atari ukuguhenda kugira amenye ivyo ukora vyose n’imigambi yose ufise.»
26 Yowabu aca ava imbere ya Dawidi, maze arungika intumwa ngo zikurikire Abuneri, ziraheza zimugarurira kw’itangi y’i Sira. Ariko Dawidi nta vyo yari azi. 27 Abuneri agarutse i Heburoni+, Yowabu aca aramwikebukanya mw’irembo kugira bavugane. Ariko aca amuzibura inkota mu nda arapfa+ kubera ko yishe mwenewabo* Asaheli+. 28 Aho Dawidi avyumviye, aca avuga ati: «Jewe n’abo ntwara Yehova ntaze yigere aduharurako amaraso+ ya Abuneri mwene Neri. 29 Ayo maraso aze agaruke ku gatwe ka Yowabu+ n’abo mu muryango wa se bose. Mu muryango wa Yowabu ntihaze higere habura umugabo arwaye indwara ituma ajojota mu bihimba vy’irondoka+, canke umunyamibembe+ canke umugabo akora ivyo guhinga inyuzi*, canke uwicwa n’inkota canke uwukenye ibifungurwa+.» 30 Yowabu na mwenewabo Abishayi+ bishe Abuneri+ kubera yari yarishe mwenewabo Asaheli mu rugamba+ rwabereye i Gibeyoni.
31 Maze Dawidi abwira Yowabu n’abantu bose bari kumwe ati: «Nimutabure impuzu zanyu, mukenyere amagunira, muborogere Abuneri.» Igihe bariko baraja guhamba Abuneri, umwami Dawidi yagendera inyuma y’inderuzo. 32 Nuko bahamba Abuneri i Heburoni. Umwami aririra ku mva ya Abuneri araboroga, n’abantu bose bararira. 33 Maze umwami acurira intimba Abuneri ati:
«Mbega Abuneri yari akwiye gupfa nk’umuntu w’imburabwenge?
Wapfuye nk’uwishwe n’inkozi z’ikibi*+.»
Abantu bose baca bongera kumuririra.
35 Mu nyuma hakiri ku murango, abantu bose bazanira Dawidi umukate kugira bamuhoze*. Ariko Dawidi aranka ararahira, avuga ati: «Imana izobimpanire bimwe bikomeye, nihagira umukate canke ikindi kintu ntamira izuba ritararenga+!» 36 Abantu bose barabibona barabishima, nk’uko bari basanzwe bashima ivyo umwami akora vyose. 37 Kuri uwo musi, abantu bose ba Dawidi n’Abisirayeli bose, bamenya yuko umwami atari we yicishije Abuneri mwene Neri+. 38 Maze umwami abwira abantu biwe ati: «Uyu musi Isirayeli ibuze umutware n’umugabo w’intwari+. 39 Uyu musi numva ncitse intege naho narobanuwe* ngo mbe umwami+, kandi aba bagabo, aba bahungu ba Zeruwiya+, barakaze cane+. Yehova ahe inkozi y’ikibi igihano gikwiranye n’ikibi ikora+.»