Samweli wa kabiri
15 Inyuma y’ivyo, Abusalomu akoresha umukogote agenderamwo, arondera n’amafarasi be n’abagabo 50 baza bariruka imbere yiwe+. 2 Abusalomu yaravyuka kare, agahagarara iruhande y’inzira ija kw’irembo ry’igisagara+. Igihe umuntu yaba aje kuraba umwami ngo amutunganirize mu rubanza rwiwe+, Abusalomu yaca amuhamagara, akamubaza ati: «Uva mu gisagara ikihe?» Na we agaca amubwira umuryango wo muri Isirayeli avamwo. 3 Abusalomu yaca amubwira ati: «Mu bisanzwe, ikibazo cawe ni co kandi kiratomoye. Mugabo umwami nta muntu yategekanije wo kwumviriza ikibazo cawe.» 4 Akongerako ati: «Iyo nza kuba ndi umucamanza mu gihugu, umuntu wese afise imburano canke urubanza yoje nkamutunganiriza.»
5 Hagize uwumwegera ngo amwunamire, Abusalomu yaca amufata akamusoma+. 6 Ivyo ni vyo Abusalomu yagira ku bantu bose baba baje kuraba umwami ngo abatunganirize. Nuko Abusalomu aguma yigarurira imitima y’Abisirayeli+.
7 Haheze imyaka ine*, Abusalomu abwira umwami ati: «Nkundira nje i Heburoni+ gushitsa indagano naraganiye Yehova. 8 Kuko igihe jewe umusavyi wawe naba i Geshuri+ muri Siriya, naraganiye Yehova+ ko niyangarukana i Yeruzalemu, nzoshikanira ikimazi* Yehova.» 9 Umwami aca amubwira ati: «Genda amahoro.» Nuko Abusalomu ava ng’aho, aja i Heburoni.
10 Abusalomu aca arungika intumwa mu mpisho mu miryango yose ya Isirayeli, ababwira ati: «Mukimara kwumva ijwi ry’inzamba, muce mutangaza muti: “Abusalomu abaye umwami i Heburoni+!”» 11 Abusalomu yari yatumiye abagabo 200 bavuye i Yeruzalemu, bagenda bajanye na we. Bagiye ata co bicura, batazi umugambi uriko urategurwa. 12 Vyongeye, igihe Abusalomu yariko arashikana ibimazi, atuma intumwa i Gilo guhamagara Ahitofeli+. Ahitofeli yari umujanama* wa Dawidi+ ava mu gisagara ca Gilo+. Uwo mugambi wa Abusalomu uguma urushiriza gukomera, abamushigikiye na bo baguma bongerekana+.
13 Mu nyuma haza umuntu amenyesha Dawidi ati: «Abisirayeli bose umutima wabo usigaye uri kuri Abusalomu.» 14 Dawidi aca abwira abasuku biwe bose bari kumwe i Yeruzalemu ati: «Nimuze duhunge+, Abusalomu ntahave atumara twese! Nimunyaruke ntituze tubona adushikiriye akaduhonya, ababa mu gisagara akabicisha inkota+.» 15 Abasuku b’umwami baca bamwishura bati: «Ico utubwira cose mwami, twebwe abasuku bawe turagikora+.» 16 Nuko umwami aragenda, abo mu rugo rwiwe bose baramukurikira. Mugabo asiga incoreke cumi+ ngo zitwararike ikirimba*. 17 Umwami abandanya urugendo, we n’abantu bose bari bamukurikiye maze bahagarara i Beti-Merihaki.
18 Umwami aca asuzuma abasuku bose bari bahunganye na we*, n’Abakereti bose n’Abapeleti*+ bose, n’Abanyegati+ 600 bazananye na we* bavuye i Gati+. Bose baca* imbere y’umwami. 19 Maze umwami abwira Itayi+ Umunyegati ati: «Kubera iki wokwirirwa urajana natwe? Subira inyuma ugumane n’umwami mushasha. Erega uri umunyamahanga kandi waje uhunze. 20 Nta n’imisi irahaca uje, none ugira uze kuyererana natwe ntazi n’iyo turoye? Subirana inyuma n’abantu bawe. Yehova agume akugirira neza*, akubere n’umwizigirwa+.» 21 Itayi aca yishura umwami ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, nawe ubwawe ndakurahiye mwami: ari ugupfa ari ugukira, tuzojana aho uzoja hose+!» 22 Dawidi aca amubwira ati: «Nujabuke.» Nuko Itayi+ Umunyegati ajabuka umwonga ari kumwe n’abantu biwe bose n’imiryango yabo.
23 Abanyagihugu bose bararira baraboroga babonye abo bantu bose bari kumwe n’umwami bariko barajabuka batumbereye inzira ija mu bugaragwa. Aho hose bajabuka umwami ahagaze iruhande y’umwonga Kidironi+. 24 Sadoki+ n’Abalewi+ bose bareruye isandugu+ y’isezerano ry’Imana y’ukuri+, na bo nyene ni ho bari. Maze bashira nya sandugu y’Imana y’ukuri hasi. Abari bavuye mu gisagara bose bakiriko bararangiza kujabuka, Abiyatari+ na we nyene arashika. 25 Mugabo umwami abwira Sadoki ati: «Subiza iyo sandugu y’Imana y’ukuri mu gisagara+. Yehova niyaba abona ko ndamuhimbara, azongarukana nsubire kuyibona, mbone n’aho iba+. 26 Mugabo niyavuga ko ntakimuhimbara, azoheze rero akore ivyo abona ko ari vyiza.» 27 Umwami yongera kubwira umuherezi Sadoki ati: «Wewe uri umuntu ahishurirwa n’Imana*+. Subira mu gisagara impore, mugende mujanye n’abahungu banyu babiri, ari bo Ahimasi umuhungu wawe na Yonatani+ umuhungu wa Abiyatari. 28 Nzoba ndarindiririye mu bugaragwa hafi y’aho bajabukira Yorodani*, gushika mumenyesheje uko vyifashe+.» 29 Sadoki na Abiyatari basubiza rero isandugu y’Imana y’ukuri i Yeruzalemu, bagumayo.
30 Dawidi atangura kuduga umusozi* w’Imyelayo*+, agenda ararira. Yari yitwikiriye umutwe, ata n’ibirato yambaye. Abantu bari kumwe na we bose na bo nyene baduga barira, bitwikiriye umutwe. 31 Maze bamenyesha Dawidi bati: «Ahitofeli ari mu bashigikiye+ umugambi wa Abusalomu+.» Dawidi aca avuga ati: «Yehova, ndakwinginze utume impanuro* za Ahitofeli ziboneka ko ari ubujuju+!»
32 Dawidi ashitse kw’isonga aho abantu bakunda kuja kwunamira Imana, asanga Hushayi+ Umwaruki+ yaje kumusanganira. Yari yitaburiyeko ikanzu, yisutseko n’ivu ku mutwe*. 33 Ariko Dawidi amubwira ati: «Tujanye nta kintu kinini womfasha*. 34 Ariko usubiye mu gisagara womfasha cane. Wobwira Abusalomu uti: “Ndi umusuku wawe, mwami. Nahora nkorera so, ariko ubu nje kugukorera+.” Woheza rero ukamfasha kuvuruga impanuro za Ahitofeli+. 35 None abaherezi Sadoki na Abiyatari ntimuzoba muri kumwe? Uze ubabwire ivyo uzokwumva vyose mu nzu y’umwami+. 36 Ahimasi+ mwene Sadoki na Yonatani+ mwene Abiyatari na bo nyene ni yo bari. Muze mubatume baze kumbwira ivyo muzoba mwumvise vyose.» 37 Nuko Hushayi umugenzi* wa Dawidi+ ashika i Yeruzalemu, bihurirana n’uko Abusalomu na we ashitseyo.