Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo ya Dawidi umusavyi wa Yehova. Amajambo yayo yayabwiye Yehova igihe Yehova yamurokora mu kuboko kw’abansi biwe bose no mu kuboko kwa Sawuli. Yamubwiye+ ati:
18 Ewe Yehova wewe nkomezi zanje, ndagukunda cane+!
2 Yehova ni urutare rwanje n’igihome canje gikomeye, kandi ni we ankiza+.
Imana yanje ni yo gitandara canje+ mpungirako.
Ni yo nkinzo yanje n’ihembe* rinkiza*, ubuhungiro bwanje butekanye*+.
6 Nambaje Yehova mu marushwa yanje,
nguma ntabaza Imana yanje.
7 Isi yaciye itangura kunyiganga no gutigita+,
imishinge y’imisozi irajugumira,
iguma itigita kubera bari bashavuje Imana+.
8 Umwotsi utangura gufumba mu mazuru yayo,
mu kanwa kayo na ho hava umuriro utema ugatongora+,
hirya no hino yayo amakara arurumba akarabagiza.
10 Yaje iguruka iri ku mukerubi+,
ishunguruka iri ku mababa y’umumarayika*+.
12 Ukwakaka kw’imbere yayo
kwatuma urubura n’amakara arurumba bica mu bicu bikarengana.
13 Maze Yehova atangura guturagara ari mw’ijuru+,
ijwi rya Musumbavyose rirumvikana+,
riherekejwe n’urubura hamwe n’amakara arurumba.
15 Mu nda y’ikiyaga* hatangura kuboneka+,
imishinge y’isi ija ahabona kubera ugukankama kwawe, ewe Yehova,
kubera uguhuhuta kw’impemu zo mu mazuru yawe+.
21 Nagumye ngendera mu nzira za Yehova,
sinakora ikibi co guheba Imana yanje.
22 Ingingo zose yashinze ndazamiza ku muzirikanyi.
Amategeko yayo sinzoyirengagiza.
24 Yehova nanyishure ivyiza yisunze ubugororotsi bwanje+,
yisunze ukuntu amaboko yanje ata kibi yakoze imbere yiwe+.
25 Ntiwigera uhemukira intahemuka+,
kandi umuntu w’intungane umubera intungane+.
26 Uwuguma adahumanye umubera uwudahumanye+,
ariko uwugoramye umwereka ko uri umunyabwenge+.
28 Ewe Yehova, ni wewe watsa itara ryanje,
ukaba n’Imana yanje ituma umwiza unkikuje uhinduka umuco+.
29 Ni wewe unshoboza gutera akagwi k’abambuzi+.
Inkomezi z’Imana yanje ni zo zinshoboza kwurira uruzitiro+.
Abera inkinzo abamuhungirako bose+.
31 None hari iyindi Mana iriho atari Yehova+?
Hari ikindi gitandara kiriho atari Imana yacu+?
34 Yigisha ibiganza vyanje kurwana intambara.
Amaboko yanje agonda umuheto w’umujumpu.
35 Umpa inkinzo yawe y’ubukiriro+.
Ukuryo kwawe kuranshigikira.
Ukwicisha bugufi kwawe gutuma mba uwuhambaye+.
37 Nzokurikirana abansi banje ndabahamvye.
Nzogaruka ari uko ndabahoneje.
41 Baratabaza ariko ntibaronke uwubakiza,
bagatabaza na Yehova ariko ntagende abishuye.
42 Nzobahonda banoge nk’umukungugu uguruwe n’umuyaga.
Nzobashibura nk’urwondo rwo mw’ibarabara.
43 Uzonkiza abantora amahinyu mw’ihanga ryanje+.
Uzongira umukuru w’amahanga+.
Abantu ntari nzi bazonkorera+.
44 Bazopfa kwumva amakuru yanje bace bangamburukira.
Abanyamahanga bazoza imbere yanje bahinda agashitsi+.
46 Yehova ni muzima! Nashemezwe we Gitandara canje+!
Imana y’ubukiriro bwanje nishirwe hejuru+!