Abalewi
5 Umuntu niyabona ikibi kiriko kirakorwa canke akakimenya hanyuma akumva bahamagara* uwoza kuba icabona+ ariko ntavuge ico azi, azoba acumuye kandi azobihanirwa.
2 Umuntu niyakora ku kintu gihumanye, waba ari umuvyimba w’igikoko co mw’ishamba, uw’igitungwa canke uw’udukoko dutoduto*+, uwo muntu azoba ahumanye. Azokwagirwa n’icaha naho yoba yabigize atabizi. 3 Umuntu niyakora ku buhumane bw’umuntu+ atabizi, ni ukuvuga ikintu cose cotuma ahumana, azoca yagirwa n’icaha niyaramuka abimenye.
4 Umuntu niyihutagiza akarahira ko azokora ikintu, caba ari ciza canke kibi, ariko mu nyuma akamenya ko yihuse kurahira, azokwagirwa n’icaha*+.
5 Nihagira ikimwagira muri ivyo bintu, abwirizwa kwatura+ ingene yacumuye. 6 Azozanira kandi Yehova ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha ku bw’igicumuro yakoze+, ni ukuvuga ishashi y’intama canke y’impene kugira ibe ishikanwa ry’igicumuro. Umuherezi azomusabira akurweko igicumuro* yakoze.
7 Ariko nimba adashobora kuronka intama, azozanira Yehova ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha rigizwe n’intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto+. Imwe izoba iy’ishikanwa ry’igicumuro, iyindi iy’ishikanwa riturirwa+. 8 Azozizanira umuherezi, na we abanze gushikana imwe y’ishikanwa ry’igicumuro. Azoyica umutwe* ariko ntaze awudendure. 9 Azomijagira amaraso makeyi y’iryo shikanwa ku ruhande rw’igicaniro, ayasigaye ace ayasuka ku mushinge w’igicaniro+. Ni ishikanwa ry’igicumuro. 10 Iyindi azoyitanga nk’ishikanwa riturirwa nk’uko bisabwa n’amategeko+. Umuherezi azomusabira* akurweko igicumuro yakoze, kandi azobabarirwa+.
11 Nimba na ho adashobora kuronka intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto, azozana ishikanwa ry’igicumuro rigizwe n’ic’icumi c’ingero ya efa*+ y’ifu inoze. Ntaze ayishiremwo amavuta canke imibavu*, kuko ari ishikanwa ry’igicumuro. 12 Azoyizanira umuherezi, na we ayoreko urushi kugira rube ikimenyetso* c’iryo shikanwa ryose. Azoca ayiturira ifumbe umwotsi ku gicaniro, hejuru y’amashikanwa ya Yehova bashikanisha umuriro. Ni ishikanwa ry’igicumuro. 13 Umuherezi azomusabira akurweko igicumuro yakoze, ico ari co cose mu bicumuro vyavuzwe, kandi azobabarirwa+. Ibisigaye kuri iryo shikanwa bizoba ivy’umuherezi+, nka kurya bigenda ku mashikanwa y’intete+.”»
14 Yehova abandanya kubwira Musa ati: 15 «Umuntu niyahemuka agacumura ku bintu vyeranda vya Yehova+ atabishaka, azozanira Yehova ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha rigizwe n’impfizi y’intama itagira akanenge akuye mu busho bwiwe+. Igiciro cayo muri shekeli z’ifeza kizoshingwa hisunzwe shekeli* y’akarorero y’aheranda*+. 16 Ategerezwa kandi kuriha ibintu vyeranda yacumuyeko, yongereko ica gatanu c’igiciro cavyo+. Azobiha umuherezi kugira amutangire impongano*+ akoresheje impfizi y’intama y’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha, kandi azobabarirwa+.
17 Umuntu niyacumura agakora ico ari co cose mu bintu Yehova yabujije, naho yoba yagikoze atabizi, azokwagirwa n’icaha kandi azobihanirwa+. 18 Akwiye kuzanira umuherezi ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha rigizwe n’impfizi y’intama itagira akanenge akuye mu busho yisunze igiciro cashinzwe+. Umuherezi azomutangira impongano ku bw’iryo kosa yakoze atabizi kandi atabishaka, kandi azobabarirwa. 19 Ni ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha. Emwe, aba yagiriwe no gucumura kuri Yehova.»