Samweli wa kabiri
16 Dawidi arenganye gatoyi nya songa+, ahura na Ziba+ wa musuku wa Mefibosheti+. Yari afise indogobwa zibiri ziriko ivyo bicarako. Zari zikoreye imikate 200, udukate 100 dukozwe mu nzabibu zumye n’utundi 100 dukozwe mu vyamwa vyera mu ci*, n’umubindi munini w’umuvinyu+. 2 Maze umwami abwira Ziba ati: «Kubera iki uzanye ivyo bintu?» Ziba amwishura ati: «Mwami, indogobwa nazizanye ngo abo mu rugo rwawe bazozigendereko. Imikate n’ivyamwa vyo mu ci nabizaniye imisore yawe. Umuvinyu na wo ni uwo guhembura abazoba baruhijwe n’urugendo rwo mu bugaragwa+.» 3 Umwami aca amubaza ati: «None mwene shobuja*+ ari hehe?» Ziba yishura umwami ati: «Yigumiye i Yeruzalemu, avuga ngo uyu musi Abisirayeli baramusubiza ubwami bwa se+.» 4 Umwami aca amubwira ati: «Urazi rero, ibintu vyose vya Mefibosheti bibaye rwawe+.» Ziba yishura ati: «Ndagukuriye ubwatsi* databuja. Ese wokwama undaba ryiza mwami+.»
5 Umwami Dawidi ashitse i Bahurimu, umugabo umwe wo mu muryango wa Sawuli aza amutumbereye, atangura kumuvuma+. Yitwa Shimeyi+, akaba yari mwene Gera. 6 Atangura gutera amabuye umwami Dawidi n’abasuku biwe bose n’abantu bose bari kumwe na we, n’abagabo b’intwari bari iburyo n’ibubamfu bwiwe. 7 Shimeyi yavuma umwami ati: «Genda urakagenda wa mwicanyi we! Wa mburakimazi we! 8 Yehova agarukanye ku gatwe kawe amaraso yose y’abo mu muryango wa Sawuli washeshe. Wanyaze ubwami Sawuli none Yehova abuhaye umuhungu wawe Abusalomu. Amaraso washeshe araguhumiye+!»
9 Maze Abishayi mwene Zeruwiya+ abwira umwami ati: «Mwami wanje, iyo mbwa ipfuye+ yubahuka gute kukuvuma+? Ndagusavye ureke ngende ndamuce umutwe+.» 10 Mugabo umwami avuga ati: «Mbega yemwe bene Zeruwiya+, ivyo birabaraba? Nimumureke amvume+. None Yehova ari we yamutumye+ ngo amvume, hari uwomubwira ngo: “Ivyo ugira ni ibiki?”» 11 Dawidi aca abwira Abishayi n’abasuku biwe bose ati: «Honyene umwana nivyariye ariko arondera kunyica+, hari akantu Umubenyamini+! Nimumureke amvume kuko ari Yehova yamutumye. 12 Hari aho Yehova yobona amagorwa ndimwo+, Yehova agasubira kungirira neza, iyi mivumo y’uyu musi ntimfate+.» 13 Dawidi n’abantu biwe babandanya urugendo. Shimeyi yagendera ku ruhande rw’umusozi abangabanganye na Dawidi, akagenda amuvuma+, amutera amabuye, atumura n’inkungugu nyinshi.
14 Amaherezo umwami n’abantu bose bari kumwe na we bashika iyo bari baroye barushe cane, baca bararuhuka.
15 Nayo Abusalomu n’Abisirayeli bose bari bamushigikiye, bari bashitse i Yeruzalemu. Na Ahitofeli+ yari kumwe na we. 16 Hushayi+ Umwaruki+ wa mugenzi* wa Dawidi, ashitse kwa Abusalomu, amubwira ati: «Umwami nahangame+! Umwami nahangame!» 17 Abusalomu aca abaza Hushayi ati: «Mbega urwo ni rwo rukundo* ukunda umugenzi wawe? Kubera iki mutajanye?» 18 Hushayi yishura Abusalomu ati: «Jewe ndi ku ruhande rw’uwo Yehova yatoye, ashigikiwe n’aba bantu be n’abandi Bisirayeli bose. Ni we tuzogumana. 19 Mbe hoho ntakoreye umwana w’umugenzi wanje, wumva nokorera nde? Kurya nyene nakoreye so ni ko nawe nzogukorera+.»
20 Maze Abusalomu abwira Ahitofeli ati: «Dukore iki? Nta co mwompanura*+?» 21 Ahitofeli yishura Abusalomu ati: «Ryamana n’incoreke za so+, zimwe yasiga ngo zitwararike ikirimba*+. Abisirayeli bose bazoca bamenya ko usigaye uri ikivume kuri so, bitume abari ku ruhande rwawe bakomera.» 22 Nuko bashingira Abusalomu ihema hejuru y’inzu*+, maze aryamana n’incoreke za se+, bene umurango barorera*+.
23 Muri iyo misi, impanuro Ahitofeli+ yatanga yabonwa nk’ijambo rivuye ku Mana y’ukuri*. Ukwo ni ko Dawidi na Abusalomu babona impanuro zose Ahitofeli atanze.