Samweli wa kabiri
17 Maze Ahitofeli abwira Abusalomu ati: «Nkundira ntore abagabo 12.000, nkurikire Dawidi muri iri joro. 2 Ndaheza ndamutere atiteguye. Azoba arushe, ata n’utuguvu asigaranye*+. Aca ata umutwe hanyuma abantu bose bari kumwe na we bace bahunga, maze nice umwami wenyene+. 3 Abantu bose nca ndabagarukana kuri wewe. Uwo urondera niyapfa, abantu biwe bose baca bagaruka kuri wewe maze amahoro asasagare.» 4 Abusalomu n’abashingantahe bose bo muri Isirayeli bashima cane ico ciyumviro.
5 Ariko Abusalomu avuga ati: «Nihagire uwuhamagara Hushayi+ Umwaruki, twumve na we ico abivugako.» 6 Hushayi ashitse, Abusalomu amubwira ati: «Ahitofeli yaduhanuye uku n’uku. Wumva iyo mpanuro twoyikurikiza? Canke na ho utubwire ico twokora.» 7 Hushayi aca abwira Abusalomu ati: «Ubu hoho impanuro Ahitofeli yatanze, si nziza+.»
8 Hushayi yongerako ati: «Urazi neza ko so n’abantu biwe ari intwari+, kandi bakaba baratse* nk’idubu yabuze ivyana vyayo mu gahinga+. Urazi kandi ko so ari umurwanyi+, rero ntaza kurarana n’abo bari kumwe. 9 N’ubu nyene wosanga yinyegeje mw’isenga* canke ahandi hantu+. Kandi abaye ari we atangura kudutera, abovyumva boca bavuga ngo: “Ingabo za Abusalomu zatsinzwe.” 10 Mbere n’umugabo w’intwari afise umutima nk’uw’intambwe+, ntiyobura kugira ubwoba agacika intege. Kuko Abisirayeli bose bazi ko so ari umurwanyi akomeye+ be n’uko abantu bari kumwe na we ari abagabo b’intwari. 11 Impanuro yanje rero ni iyi: koranya Abisirayeli bose kuva i Dani gushika i Beri-Sheba+, baze ari benshi nk’umusenyi uri ku nkengera y’ikiyaga+. Maze ubaje imbere, muje ku rugamba. 12 Tuzomutera iyo azoba ari hose, tumugweko nk’uko urume rugwa rugatondera hasi. Yaba we canke abari kumwe na we, nta n’umwe azosigara. 13 Niyahungira mu gisagara kanaka, Abisirayeli bose bazoca baza bagisenyure maze bagikwegeshe imigozi gushika mu mwonga, ntihagire n’akabuye gasigara.»
14 Maze Abusalomu n’abagabo bose bo muri Isirayeli bavuga bati: «Impanuro ya Hushayi Umwaruki ni nziza+ kuruta iya Ahitofeli.» Ivyo vyabaye kubera ko Yehova yari yafashe ingingo yo kuvuruga* impanuro itomoye ya Ahitofeli+. Yehova yashaka kuzana ivyago kuri Abusalomu+.
15 Mu nyuma, Hushayi abwira abaherezi Sadoki na Abiyatari+ ati: «Ahitofeli yahanuye Abusalomu n’abashingantahe bo muri Isirayeli uku n’uku, nanje ndabahanura uku. 16 Nimurungike ningoga uwuja kuburira Dawidi ati: “Nturare mu bugaragwa hafi y’aho bajabukira Yorodani*, ahubwo nyarutsa ujabuke. Ahandiho wewe n’abo muri kumwe bose murahona*+.”»
17 Yonatani+ na Ahimasi+ bari i Eni-Rogeli+ kubera ko batashaka uwubabona binjiye mu gisagara. Nuko umusukukazi umwe abashira ubwo butumwa kugira baje kubumenyesha umwami Dawidi. 18 Ariko umusore umwe arababona, aja kubibwira Abusalomu. Yonatani na Ahimasi baca bava ng’aho ningoga, baja i Bahurimu+ ku rugo rw’umugabo umwe yari afise ikinogo c’amazi mu kigo, bacinyegezamwo. 19 Maze umugore w’uwo mugabo atora ikintu agipfukisha nya kinogo. Araheza agisanzako intete zihuye, ntihagira uwubica n’ikanda. 20 Abasuku ba Abusalomu bahashitse, babaza uwo mugore bati: «Ahimasi na Yonatani bari hehe?» Abishura ati: «Baciye ng’aha bagana ku ruzi+.» Abo basuku baja kubarondera mugabo ntibabatora, maze basubira i Yeruzalemu.
21 Bamaze kugenda, Yonatani na Ahimasi baca bava muri ca kinogo, baja kubwira umwami Dawidi ivyo batumwe. Bamubwira bati: «Nimunyarutse mujabuke uruzi.» Baraheza bamwiganira impanuro Ahitofeli yatanze yo kubagirira nabi+. 22 Dawidi n’abari kumwe na we bose, baca bava hasi bajabuka uruzi Yorodani. Bwakeye bose bamaze kujabuka.
23 Ahitofeli abonye ko batakurikije impanuro yabahaye, aca ategura indogobwa ayurirako, aja iwe mu gisagara iwabo+. Asiga atunganije* ivyo mu rugo rwiwe+, aca arimanika*+ arapfa. Baca bamuhamba aho bahamvye ba sekuruza.
24 Nayo Dawidi, aja i Mahanayimu+. Abusalomu na we ajabuka Yorodani ari kumwe n’ingabo zose za Isirayeli. 25 Amasa+ ni we Abusalomu yagize umukuru w’ingabo mu kibanza ca Yowabu+. Se wa Amasa yari Umwisirayeli yitwa Itira, nyina akaba Abigayili+ mwene Nahashi. Abigayili yari mwenewabo na Zeruwiya, nyina wa Yowabu. 26 Nuko Abusalomu n’ingabo za Isirayeli bakambika mu karere ka Gileyadi+.
27 Dawidi akimara gushika i Mahanayimu, Shobi mwene Nahashi wo mu gisagara c’Abamoni citwa Raba+, na Makiri+ mwene Amiyeli w’i Lo-Debari na Baruzilayi+ Umunyagileyadi w’i Rogelimu 28 bazana ibisaswa, amabesani, inkono, ingano, intete za sayiri, ifu, intete zikaranze, ibiharo*, inkore, intete zumye, 29 ubuki, amavuta*, intama n’iforomaji*. Babizanira Dawidi n’abo bari kumwe ngo babirye+, kuko biyumviriye bati: «Aba bantu bari mu bugaragwa barashonje, bararushe kandi baranyotewe+.»