ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 17
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Samweli: ibirimwo

      • Hushayi atoba impanuro ya Ahitofeli (1-14)

      • Baburira Dawidi agaca ahunga Abusalomu (15-29)

        • Baruzilayi n’abandi baronsa Dawidi ivyo akeneye (27-29)

2 Samweli 17:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «yaregeye amaboko yompi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 16:14
  • +Zb 37:12; 41:9; 55:12, 13

2 Samweli 17:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 15:32; 16:16

2 Samweli 17:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 15:34

2 Samweli 17:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «badundumiwe mu mutima.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 16:18; 2Sm 15:18; 23:8, 18; 1Ng 11:26
  • +Img 17:12
  • +1Sm 17:50; 18:7; 19:8; 2Sm 10:18

2 Samweli 17:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu mwobo», «mu kinogo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 22:1; 23:19

2 Samweli 17:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 49:9; 2Sm 1:23; Yes 31:4
  • +1Sm 18:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/8/1996, rup. 32

2 Samweli 17:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 20:1
  • +1Bm 4:20

2 Samweli 17:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «yategetse ko bavuruga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 21:1
  • +2Sm 15:31, 34; 16:23; Img 19:21; 21:30
  • +Gus 2:30; 2Ng 25:20

2 Samweli 17:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 8:17; 15:35

2 Samweli 17:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «nturare mu biyaya vy’ubugaragwa.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «muramirwa.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 35:24, 25

2 Samweli 17:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 1:42
  • +2Sm 15:27, 36; 18:19
  • +Yos 15:7, 12; 18:16, 20; 1Bm 1:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    ‘Igihugu ciza’, rup. 20-21

2 Samweli 17:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 16:5; 19:16

2 Samweli 17:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 1:19; Yos 2:3-5; 1Sm 19:12, 14; 21:2

2 Samweli 17:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 17:1, 2

2 Samweli 17:23

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ahaye amategeko.»

  • *

    Canke «ariniga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 15:20, 51; 2Sm 15:12
  • +2Bm 20:1
  • +1Sm 31:4; 1Bm 16:18; Zb 5:10; 55:23; Mt 27:3, 5; Ivk 1:18

2 Samweli 17:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 32:1, 2; Yos 13:24, 26

2 Samweli 17:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 19:13; 20:4, 10
  • +2Sm 8:16
  • +1Ng 2:16, 17

2 Samweli 17:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 32:1; Gus 3:15

2 Samweli 17:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 3:11; Yos 13:24, 25; 2Sm 12:26, 29
  • +2Sm 9:3-5
  • +2Sm 19:31, 32; 1Bm 2:7

2 Samweli 17:28

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ubwoko bw’ibiharage.

2 Samweli 17:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «amasoro.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urubu rw’inka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 11:25
  • +1Sm 25:18; 2Sm 16:2

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Sam. 17:22Sm 16:14
2 Sam. 17:2Zb 37:12; 41:9; 55:12, 13
2 Sam. 17:52Sm 15:32; 16:16
2 Sam. 17:72Sm 15:34
2 Sam. 17:81Sm 16:18; 2Sm 15:18; 23:8, 18; 1Ng 11:26
2 Sam. 17:8Img 17:12
2 Sam. 17:81Sm 17:50; 18:7; 19:8; 2Sm 10:18
2 Sam. 17:91Sm 22:1; 23:19
2 Sam. 17:10It 49:9; 2Sm 1:23; Yes 31:4
2 Sam. 17:101Sm 18:5
2 Sam. 17:11Abc 20:1
2 Sam. 17:111Bm 4:20
2 Sam. 17:14Img 21:1
2 Sam. 17:142Sm 15:31, 34; 16:23; Img 19:21; 21:30
2 Sam. 17:14Gus 2:30; 2Ng 25:20
2 Sam. 17:152Sm 8:17; 15:35
2 Sam. 17:16Zb 35:24, 25
2 Sam. 17:171Bm 1:42
2 Sam. 17:172Sm 15:27, 36; 18:19
2 Sam. 17:17Yos 15:7, 12; 18:16, 20; 1Bm 1:9
2 Sam. 17:182Sm 16:5; 19:16
2 Sam. 17:20Kv 1:19; Yos 2:3-5; 1Sm 19:12, 14; 21:2
2 Sam. 17:212Sm 17:1, 2
2 Sam. 17:23Yos 15:20, 51; 2Sm 15:12
2 Sam. 17:232Bm 20:1
2 Sam. 17:231Sm 31:4; 1Bm 16:18; Zb 5:10; 55:23; Mt 27:3, 5; Ivk 1:18
2 Sam. 17:24It 32:1, 2; Yos 13:24, 26
2 Sam. 17:252Sm 19:13; 20:4, 10
2 Sam. 17:252Sm 8:16
2 Sam. 17:251Ng 2:16, 17
2 Sam. 17:26Gh 32:1; Gus 3:15
2 Sam. 17:27Gus 3:11; Yos 13:24, 25; 2Sm 12:26, 29
2 Sam. 17:272Sm 9:3-5
2 Sam. 17:272Sm 19:31, 32; 1Bm 2:7
2 Sam. 17:29Img 11:25
2 Sam. 17:291Sm 25:18; 2Sm 16:2
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Samweli 17:1-29

Samweli wa kabiri

17 Maze Ahitofeli abwira Abusalomu ati: «Nkundira ntore abagabo 12.000, nkurikire Dawidi muri iri joro. 2 Ndaheza ndamutere atiteguye. Azoba arushe, ata n’utuguvu asigaranye*+. Aca ata umutwe hanyuma abantu bose bari kumwe na we bace bahunga, maze nice umwami wenyene+. 3 Abantu bose nca ndabagarukana kuri wewe. Uwo urondera niyapfa, abantu biwe bose baca bagaruka kuri wewe maze amahoro asasagare.» 4 Abusalomu n’abashingantahe bose bo muri Isirayeli bashima cane ico ciyumviro.

5 Ariko Abusalomu avuga ati: «Nihagire uwuhamagara Hushayi+ Umwaruki, twumve na we ico abivugako.» 6 Hushayi ashitse, Abusalomu amubwira ati: «Ahitofeli yaduhanuye uku n’uku. Wumva iyo mpanuro twoyikurikiza? Canke na ho utubwire ico twokora.» 7 Hushayi aca abwira Abusalomu ati: «Ubu hoho impanuro Ahitofeli yatanze, si nziza+.»

8 Hushayi yongerako ati: «Urazi neza ko so n’abantu biwe ari intwari+, kandi bakaba baratse* nk’idubu yabuze ivyana vyayo mu gahinga+. Urazi kandi ko so ari umurwanyi+, rero ntaza kurarana n’abo bari kumwe. 9 N’ubu nyene wosanga yinyegeje mw’isenga* canke ahandi hantu+. Kandi abaye ari we atangura kudutera, abovyumva boca bavuga ngo: “Ingabo za Abusalomu zatsinzwe.” 10 Mbere n’umugabo w’intwari afise umutima nk’uw’intambwe+, ntiyobura kugira ubwoba agacika intege. Kuko Abisirayeli bose bazi ko so ari umurwanyi akomeye+ be n’uko abantu bari kumwe na we ari abagabo b’intwari. 11 Impanuro yanje rero ni iyi: koranya Abisirayeli bose kuva i Dani gushika i Beri-Sheba+, baze ari benshi nk’umusenyi uri ku nkengera y’ikiyaga+. Maze ubaje imbere, muje ku rugamba. 12 Tuzomutera iyo azoba ari hose, tumugweko nk’uko urume rugwa rugatondera hasi. Yaba we canke abari kumwe na we, nta n’umwe azosigara. 13 Niyahungira mu gisagara kanaka, Abisirayeli bose bazoca baza bagisenyure maze bagikwegeshe imigozi gushika mu mwonga, ntihagire n’akabuye gasigara.»

14 Maze Abusalomu n’abagabo bose bo muri Isirayeli bavuga bati: «Impanuro ya Hushayi Umwaruki ni nziza+ kuruta iya Ahitofeli.» Ivyo vyabaye kubera ko Yehova yari yafashe ingingo yo kuvuruga* impanuro itomoye ya Ahitofeli+. Yehova yashaka kuzana ivyago kuri Abusalomu+.

15 Mu nyuma, Hushayi abwira abaherezi Sadoki na Abiyatari+ ati: «Ahitofeli yahanuye Abusalomu n’abashingantahe bo muri Isirayeli uku n’uku, nanje ndabahanura uku. 16 Nimurungike ningoga uwuja kuburira Dawidi ati: “Nturare mu bugaragwa hafi y’aho bajabukira Yorodani*, ahubwo nyarutsa ujabuke. Ahandiho wewe n’abo muri kumwe bose murahona*+.”»

17 Yonatani+ na Ahimasi+ bari i Eni-Rogeli+ kubera ko batashaka uwubabona binjiye mu gisagara. Nuko umusukukazi umwe abashira ubwo butumwa kugira baje kubumenyesha umwami Dawidi. 18 Ariko umusore umwe arababona, aja kubibwira Abusalomu. Yonatani na Ahimasi baca bava ng’aho ningoga, baja i Bahurimu+ ku rugo rw’umugabo umwe yari afise ikinogo c’amazi mu kigo, bacinyegezamwo. 19 Maze umugore w’uwo mugabo atora ikintu agipfukisha nya kinogo. Araheza agisanzako intete zihuye, ntihagira uwubica n’ikanda. 20 Abasuku ba Abusalomu bahashitse, babaza uwo mugore bati: «Ahimasi na Yonatani bari hehe?» Abishura ati: «Baciye ng’aha bagana ku ruzi+.» Abo basuku baja kubarondera mugabo ntibabatora, maze basubira i Yeruzalemu.

21 Bamaze kugenda, Yonatani na Ahimasi baca bava muri ca kinogo, baja kubwira umwami Dawidi ivyo batumwe. Bamubwira bati: «Nimunyarutse mujabuke uruzi.» Baraheza bamwiganira impanuro Ahitofeli yatanze yo kubagirira nabi+. 22 Dawidi n’abari kumwe na we bose, baca bava hasi bajabuka uruzi Yorodani. Bwakeye bose bamaze kujabuka.

23 Ahitofeli abonye ko batakurikije impanuro yabahaye, aca ategura indogobwa ayurirako, aja iwe mu gisagara iwabo+. Asiga atunganije* ivyo mu rugo rwiwe+, aca arimanika*+ arapfa. Baca bamuhamba aho bahamvye ba sekuruza.

24 Nayo Dawidi, aja i Mahanayimu+. Abusalomu na we ajabuka Yorodani ari kumwe n’ingabo zose za Isirayeli. 25 Amasa+ ni we Abusalomu yagize umukuru w’ingabo mu kibanza ca Yowabu+. Se wa Amasa yari Umwisirayeli yitwa Itira, nyina akaba Abigayili+ mwene Nahashi. Abigayili yari mwenewabo na Zeruwiya, nyina wa Yowabu. 26 Nuko Abusalomu n’ingabo za Isirayeli bakambika mu karere ka Gileyadi+.

27 Dawidi akimara gushika i Mahanayimu, Shobi mwene Nahashi wo mu gisagara c’Abamoni citwa Raba+, na Makiri+ mwene Amiyeli w’i Lo-Debari na Baruzilayi+ Umunyagileyadi w’i Rogelimu 28 bazana ibisaswa, amabesani, inkono, ingano, intete za sayiri, ifu, intete zikaranze, ibiharo*, inkore, intete zumye, 29 ubuki, amavuta*, intama n’iforomaji*. Babizanira Dawidi n’abo bari kumwe ngo babirye+, kuko biyumviriye bati: «Aba bantu bari mu bugaragwa barashonje, bararushe kandi baranyotewe+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika