Samweli wa kabiri
11 Mu ntango z’umwaka*, abami barakunda kuja ku rugamba. Dawidi arungika rero Yowabu ari kumwe n’abantu biwe n’ingabo zose za Isirayeli kugira baje guhonya Abamoni. Baragenda bugariza igisagara ca Raba+. Ariko Dawidi we aguma i Yeruzalemu+.
2 Igihe kimwe ku mugoroba, umwami Dawidi ava ku gitanda ciwe, agendagenda hejuru ku nzu* yiwe*. Ari aho hejuru abona umugore ariko yiyuhagira, kandi uwo mugore yari mwiza cane. 3 Dawidi atuma umuntu kubaza uwo mugore uwo ari we, maze uwo muntu amubwira ati: «Yitwa Batisheba+. Ni umukobwa wa Eliyamu+, akaba n’umugore wa Uriya+ Umuheti+.» 4 Dawidi ni kwo guca atuma abaja kumuzana+. Ageze iwe Dawidi aca aryamana na we+. (Ico gihe uwo mugore yariko arihumanura*+.) Mu nyuma nya mugore asubira iwe.
5 Uwo mugore aribungenga, maze atuma uwuja kubwira Dawidi ko yibungenze. 6 Dawidi arungikira rero Yowabu ubutumwa bugira buti: «Ndungikira Uriya Umuheti.» Yowabu aca aramurungika. 7 Uriya ashitse, Dawidi amubaza amakuru ya Yowabu n’ay’ingabo n’ingene urugamba rwariko ruragenda. 8 Dawidi ni kwo kubwira Uriya ati: «Itahire iwawe, uruhuke*.» Uriya aca ava i bwami aherekejwe n’ingabire umwami amuhaye*. 9 Ariko Uriya arara mu bwinjiriro bw’inzu y’umwami hamwe n’abandi basuku b’umwami bose, ntiyataha iwe. 10 Nuko bamenyesha Dawidi bati: «Uriya ntiyatashe iwe.» Dawidi aca abaza Uriya ati: «Kubera iki utatashe iwawe kandi wari uvuye ku rugendo?» 11 Uriya yishura Dawidi ati: «Isandugu+ n’abantu bo mu muryango wa Yuda no mu yindi miryango ya Isirayeli bacumbitse mu mahema. Kandi databuja Yowabu n’abantu biwe bakambitse mu gahinga. Wumva nokwubahuka gute kuja iwanje, nkarya, nkanywa, nkaryamana n’umugore wanje+? Ndarahiye imbere yawe mwami*, nta vyo nokora!»
12 Maze Dawidi abwira Uriya ati: «Guma ng’aha n’uyu musi, nzoheza ndakurungike ejo.» Uriya rero aguma i Yeruzalemu uwo musi n’uwukurikira. 13 Nuko Dawidi amutumako ngo barye bongere banywe, maze aramuboreza. Mugabo ku mugoroba aja kurarana n’abasuku b’umwami, aho kuja iwe. 14 Mu gitondo, Dawidi yandikira ikete Yowabu hanyuma arirungikana Uriya. 15 Yanditse ati: «Nimushire Uriya imbere aho urugamba rukomeye cane, muheze mumuve inyuma kugira bamwice+.»
16 Kubera ko Yowabu yari amaze kwihweza neza igisagara, yari azi ahari abarwanyi b’intwari b’Abamoni. Aho ni ho yaciye ashira Uriya. 17 Abagabo bo muri ico gisagara basohotse kurwana na Yowabu, bica bamwe mu basoda ba Dawidi, harimwo na Uriya Umuheti+. 18 Nuko Yowabu arungika uwuja kumenyesha Dawidi ingene urugamba rwagenze. 19 Amutegeka ati: «Urangije kubwira umwami ingene urugamba rwagenze, 20 hari aho yoca ashavura akakubwira ati: “Kubera iki mwarwaniye hafi cane y’igisagara? Ntimwari muzi ko boca babarasa bari hejuru y’uruzitiro? 21 Ntimuzi uwishe Abimeleki+ mwene Yerubesheti*+? Umugore si we yamutereyeko ingasiro* ari hejuru y’uruhome, agapfira i Tebezi? Kubera iki none mwegereye cane uruzitiro?” Uraca uvuga uti: “Umusuku wawe Uriya Umuheti na we nyene yapfuye.”»
22 Nya ntumwa rero ija kwiganira Dawidi ivyo Yowabu yamutumye vyose. 23 Nuko iyo ntumwa ibwira Dawidi iti: «Abansi baturushije inguvu gushika aho baza kuturwanya hanze y’igisagara. Mugabo twabasubije inyuma gushika kw’irembo ry’igisagara. 24 Abarasisha umuheto bagumye baturasa bari hejuru y’uruzitiro, kandi bamwe mu ngabo zawe mwami baguye ku rugamba, harimwo n’umusuku wawe Uriya Umuheti+.» 25 Dawidi aca abwira nya ntumwa ati: «Genda ubwire Yowabu uti: “Ivyabaye ntibiguhagarike umutima, kuko inkota ipfa uwo ihitanye. Niwongereze ibitero kuri ico gisagara, ugifate+.” Na wewe uheze umuremeshe.»
26 Muka Uriya yumvise ko umugabo wiwe yapfuye, aca atangura kumuririra. 27 Ikiringo co kumuririra kikimara kurangira, Dawidi amutumako bamuzana iwe. Aca aba umugore wiwe+ maze amuvyarira umuhungu. Mugabo ivyo Dawidi yakoze bibabaza cane Yehova*+.