ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 10
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Samweli: ibirimwo

      • Dawidi atsinda Abamoni n’Abasiriya (1-19)

2 Samweli 10:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 19:36, 38; Abc 10:7; 11:12, 33; 1Sm 11:1
  • +1Ng 19:1-5

2 Samweli 10:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nzokwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»

2 Samweli 10:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «bagitate.»

2 Samweli 10:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 19:27

2 Samweli 10:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 18:21

2 Samweli 10:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu bagabo b’i Tobu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 13:21
  • +2Sm 8:5
  • +Yos 13:13
  • +1Ng 19:6, 7

2 Samweli 10:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 23:8; 1Ng 19:8, 9

2 Samweli 10:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu bagabo b’i Tobu.»

2 Samweli 10:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 19:10-13

2 Samweli 10:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «abashira mu kuboko kwa mwenewabo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 26:6; 2Sm 2:18; 23:18; 1Ng 2:15, 16
  • +Gh 21:24

2 Samweli 10:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 31:6
  • +Zb 37:5; 44:5; Img 29:25

2 Samweli 10:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 19:14, 15

2 Samweli 10:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 19:16

2 Samweli 10:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni uruzi Efurate.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 8:3-5
  • +It 15:18; Kv 23:31

2 Samweli 10:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 19:17-19

2 Samweli 10:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 20:1; Zb 18:37, 38

2 Samweli 10:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 15:18; Gus 20:10, 11

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Sam. 10:1It 19:36, 38; Abc 10:7; 11:12, 33; 1Sm 11:1
2 Sam. 10:11Ng 19:1-5
2 Sam. 10:4Lw 19:27
2 Sam. 10:5Yos 18:21
2 Sam. 10:6Gh 13:21
2 Sam. 10:62Sm 8:5
2 Sam. 10:6Yos 13:13
2 Sam. 10:61Ng 19:6, 7
2 Sam. 10:72Sm 23:8; 1Ng 19:8, 9
2 Sam. 10:91Ng 19:10-13
2 Sam. 10:101Sm 26:6; 2Sm 2:18; 23:18; 1Ng 2:15, 16
2 Sam. 10:10Gh 21:24
2 Sam. 10:12Gus 31:6
2 Sam. 10:12Zb 37:5; 44:5; Img 29:25
2 Sam. 10:131Ng 19:14, 15
2 Sam. 10:151Ng 19:16
2 Sam. 10:162Sm 8:3-5
2 Sam. 10:16It 15:18; Kv 23:31
2 Sam. 10:171Ng 19:17-19
2 Sam. 10:18Gus 20:1; Zb 18:37, 38
2 Sam. 10:19It 15:18; Gus 20:10, 11
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Samweli 10:1-19

Samweli wa kabiri

10 Mu nyuma umwami w’Abamoni+ arapfa, umuhungu wiwe Hanuni aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 2 Maze Dawidi avuga ati: «Nzogirira neza* Hanuni mwene Nahashi, nk’uko na se yangiriye neza.» Dawidi aca arungika abantu biwe ngo baje kumuhoza kubera yari yabuze se. Bageze mu gihugu c’Abamoni, 3 abakuru b’Abamoni babwira umwami wabo Hanuni bati: «Wibaza ko Dawidi arungitse abaguhoza kugira ngo atere iteka so? Ahubwo abarungitse kugira bihweze igisagara, basume urusaku* maze bagitembagaze.» 4 Hanuni aca afata abo bantu ba Dawidi, abamwa ubwanwa ku ruhande rumwe+ yongera agegenera impuzu zabo ku bisusu, araheza arabarungika. 5 Umwami Dawidi abimenye, ubwo nyene aca atuma abaja guhura na bo, kuko bari bateterejwe rwose. Abatuma kubabwira ngo: «Nimugume i Yeriko+ gushika ubwanwa bwanyu busubiye gukura, muheze mugaruke.»

6 Mu nyuma Abamoni babona yuko basigaye banukira Dawidi. Baca barungika intumwa ngo zihe amahera abaza kubafasha kurwana: haza abasoda b’Abasiriya 20.000 bavuye i Beti-Rehobu+ n’i Zoba+, n’abagabo 1.000 b’umwami w’i Mayaka+, n’abagabo 12.000 b’i Ishitobu*+. 7 Dawidi avyumvise, arungika Yowabu n’ingabo zose, ari kumwe n’abarwanyi b’intwari kurusha abandi+. 8 Maze Abamoni barasohoka batonda urugamba imbere y’irembo ry’igisagara. Nayo Abasiriya b’i Zoba n’i Rehobu be n’ingabo zavuye i Ishitobu* n’i Mayaka, bari ukwabo mu gahinga.

9 Yowabu abonye ko ibitero biriko bimuturuka imbere n’inyuma, aca afata bamwe mu basoda b’abahizi bo muri Isirayeli, abatondesha urugamba kugira barwane n’Abasiriya+. 10 Abasoda basigaye, abazeza mwenewabo* Abishayi+ kugira ngo abatondeshe urugamba barwane n’Abamoni+. 11 Yowabu aca amubwira ati: «Abasiriya nibandusha inguvu, uce uza untabare. Nawe Abamoni nibakurusha inguvu ndaza kugutabara. 12 Dukomere kandi tugire umutima rugabo+, turwanire abantu bacu n’ibisagara vy’Imana yacu. Yehova na we araheza akore ico abona ko kibereye+.»

13 Nuko Yowabu n’ingabo ziwe baregera kugira batane mu mitwe n’Abasiriya, maze Abasiriya barabahunga+. 14 Abamoni babonye ko Abasiriya bahunze, na bo nyene baca bahunga Abishayi binjira mu gisagara. Yowabu ahejeje kurwana n’Abamoni, aca asubira i Yeruzalemu.

15 Abasiriya bamaze kubona ko batsinzwe n’Abisirayeli, baca basubira gukoranira hamwe+. 16 Hadadezeri+ aca atumako Abasiriya bo mu karere ka rwa ruzi runini*+ maze baza i Helamu. Shobaki umukuru w’ingabo za Hadadezeri ni we yari abarongoye.

17 Dawidi abimenye, aca akoranya ingabo za Isirayeli zose maze ajabuka Yorodani ashika i Helamu. Abasiriya na bo baca batonda urugamba maze batana mu mitwe na Dawidi+. 18 Mugabo Abasiriya bahunga Abisirayeli. Dawidi yica muri bo abasoda 700 batwara imikogote n’abasoda 40.000 barwanira ku mafarasi. Yica na Shobaki umukuru w’ingabo zabo, agwa aho+. 19 Abami bose batwarwa na Hadadezeri babonye ko batsinzwe n’Abisirayeli, baca bagirana amasezerano y’amahoro n’Abisirayeli bemera kuganzwa na bo+. Abasiriya baratinya ntibongera gufasha Abamoni.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika