Samweli wa kabiri
10 Mu nyuma umwami w’Abamoni+ arapfa, umuhungu wiwe Hanuni aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 2 Maze Dawidi avuga ati: «Nzogirira neza* Hanuni mwene Nahashi, nk’uko na se yangiriye neza.» Dawidi aca arungika abantu biwe ngo baje kumuhoza kubera yari yabuze se. Bageze mu gihugu c’Abamoni, 3 abakuru b’Abamoni babwira umwami wabo Hanuni bati: «Wibaza ko Dawidi arungitse abaguhoza kugira ngo atere iteka so? Ahubwo abarungitse kugira bihweze igisagara, basume urusaku* maze bagitembagaze.» 4 Hanuni aca afata abo bantu ba Dawidi, abamwa ubwanwa ku ruhande rumwe+ yongera agegenera impuzu zabo ku bisusu, araheza arabarungika. 5 Umwami Dawidi abimenye, ubwo nyene aca atuma abaja guhura na bo, kuko bari bateterejwe rwose. Abatuma kubabwira ngo: «Nimugume i Yeriko+ gushika ubwanwa bwanyu busubiye gukura, muheze mugaruke.»
6 Mu nyuma Abamoni babona yuko basigaye banukira Dawidi. Baca barungika intumwa ngo zihe amahera abaza kubafasha kurwana: haza abasoda b’Abasiriya 20.000 bavuye i Beti-Rehobu+ n’i Zoba+, n’abagabo 1.000 b’umwami w’i Mayaka+, n’abagabo 12.000 b’i Ishitobu*+. 7 Dawidi avyumvise, arungika Yowabu n’ingabo zose, ari kumwe n’abarwanyi b’intwari kurusha abandi+. 8 Maze Abamoni barasohoka batonda urugamba imbere y’irembo ry’igisagara. Nayo Abasiriya b’i Zoba n’i Rehobu be n’ingabo zavuye i Ishitobu* n’i Mayaka, bari ukwabo mu gahinga.
9 Yowabu abonye ko ibitero biriko bimuturuka imbere n’inyuma, aca afata bamwe mu basoda b’abahizi bo muri Isirayeli, abatondesha urugamba kugira barwane n’Abasiriya+. 10 Abasoda basigaye, abazeza mwenewabo* Abishayi+ kugira ngo abatondeshe urugamba barwane n’Abamoni+. 11 Yowabu aca amubwira ati: «Abasiriya nibandusha inguvu, uce uza untabare. Nawe Abamoni nibakurusha inguvu ndaza kugutabara. 12 Dukomere kandi tugire umutima rugabo+, turwanire abantu bacu n’ibisagara vy’Imana yacu. Yehova na we araheza akore ico abona ko kibereye+.»
13 Nuko Yowabu n’ingabo ziwe baregera kugira batane mu mitwe n’Abasiriya, maze Abasiriya barabahunga+. 14 Abamoni babonye ko Abasiriya bahunze, na bo nyene baca bahunga Abishayi binjira mu gisagara. Yowabu ahejeje kurwana n’Abamoni, aca asubira i Yeruzalemu.
15 Abasiriya bamaze kubona ko batsinzwe n’Abisirayeli, baca basubira gukoranira hamwe+. 16 Hadadezeri+ aca atumako Abasiriya bo mu karere ka rwa ruzi runini*+ maze baza i Helamu. Shobaki umukuru w’ingabo za Hadadezeri ni we yari abarongoye.
17 Dawidi abimenye, aca akoranya ingabo za Isirayeli zose maze ajabuka Yorodani ashika i Helamu. Abasiriya na bo baca batonda urugamba maze batana mu mitwe na Dawidi+. 18 Mugabo Abasiriya bahunga Abisirayeli. Dawidi yica muri bo abasoda 700 batwara imikogote n’abasoda 40.000 barwanira ku mafarasi. Yica na Shobaki umukuru w’ingabo zabo, agwa aho+. 19 Abami bose batwarwa na Hadadezeri babonye ko batsinzwe n’Abisirayeli, baca bagirana amasezerano y’amahoro n’Abisirayeli bemera kuganzwa na bo+. Abasiriya baratinya ntibongera gufasha Abamoni.