Samweli wa kabiri
20 Umugabo umwe w’umugumutsi yitwa Sheba+ ariyadukiza. Yari mwene Bikiri wo mu muryango w’Ababenyamini. Avuza inzamba+ maze avuga ati: «Dawidi nta co duhuriyeko kandi nta ntoranwa tuzoronka kuri mwene Yese+. Umwe wese nasubire ku mana ziwe*, yemwe Bisirayeli+!» 2 Abisirayeli bose baca bata Dawidi bakurikira Sheba mwene Bikiri+. Mugabo abo mu muryango wa Yuda bumira ku mwami wabo, baramuherekeza kuva kuri Yorodani gushika i Yeruzalemu+.
3 Umwami Dawidi ashitse iwe* i Yeruzalemu+, afata ba bagore cumi b’incoreke yari yarasize kugira bitwararike ikirimba+, abashira mu nzu icunzwe n’abarinzi. Yarabaronsa ibifungurwa ariko ntiyaryamana na bo+. Bagumye muri iyo nzu gushika bapfuye. Bari bameze nk’abapfakazi naho umugabo wabo yari akiriho.
4 Maze umwami abwira Amasa+ ati: «Tumako abagabo bo mu muryango wa Yuda, mu misi itatu bazobe bakoraniye hano. Na wewe ukwiye kuba ari ho uri.» 5 Amasa agenda rero gukoranya abo mu muryango wa Yuda, mugabo arenza igihe umwami yari yamuhaye. 6 Dawidi ni kwo kubwira Abishayi+ ati: «Sheba+ mwene Bikiri ashobora kutugirira nabi kuruta Abusalomu+. Tora bamwe mu basoda banje muje kumuhiga, ntahave aducika agahungira mu bisagara bikingijwe ibihome.» 7 Nuko ingabo za Yowabu+, Abakereti, Abapeleti*+ n’abagabo b’intwari bose bava i Yeruzalemu baja guhiga Sheba mwene Bikiri. 8 Bashitse hafi y’ibuye rinini ryari i Gibeyoni+, Amasa+ aza kubasanganira. Yowabu yari yambaye impuzu zo ku rugamba, akenyeye n’inkota yiwe iri mu rwubati. Yegereye Amasa, iyo nkota ica iva mu rwubati* irakoroka.
9 Yowabu abwira Amasa ati: «Ni impore ga mwenewacu?» Yowabu aca afata ubwanwa bwa Amasa n’ukuboko kwiwe kw’ukuryo, nk’uwugira amusome. 10 Nayo Amasa, ntiyicura inkota Yowabu yari afise mu minwe. Yowabu aca ayimuzibura mu nda+, amara yiwe aseseka hasi. Mu kumwica ntiyarinze kumuzibura kabiri, yagize rimwe gusa. Yowabu na mwenewabo Abishayi babandanya guhiga Sheba mwene Bikiri.
11 Maze umusore umwe wo mu ngabo za Yowabu ahagarara iruhande ya Amasa, akaza aravuga ati: «Uwo wese ari ku ruhande rwa Yowabu na Dawidi, nakurikire Yowabu!» 12 Aho hose, Amasa yariko akumbagara mu maraso hagati mw’ibarabara. Nya musore abonye ko abasoda bose bahashitse baca bahagarara, akura Amasa mw’ibarabara amushira mu murima. Aca amutererako impuzu kuko yabona ko uwuhashitse wese yaca ahagarara. 13 Amaze kumukura mw’ibarabara, ingabo zose zikurikira Yowabu guhiga Sheba+ mwene Bikiri.
14 Nuko Sheba anyuragira mu miryango yose ya Isirayeli gushika mu gisagara ca Abeli-Beti-Mayaka*+. Abo mu muryango wa Bikiri bose na bo baca bakoranira hamwe baramukurikira.
15 Yowabu n’ingabo ziwe bashika i Abeli-Beti-Mayaka, barahugariza kugira bafate Sheba. Kubera ko uruzitiro rw’ico gisagara rwari rukikujwe n’ikirundo c’ibivu kimeze nk’uruhome, baciye barunda hafi yaco ibivu buririrako kugira bagitere. Ingabo za Yowabu zose zica zitangura kwimba uruzitiro kugira zirusenyurire hasi. 16 Maze umugore umwe w’inkerebutsi asemerera ari mu gisagara ati: «Hemwe, nimwumvirize! Ndabasavye mubwire Yowabu aze ico ndamubwira.» 17 Yowabu aregera, nya mugore abaza ati: «Ni wewe Yowabu?» Na we ati: «Ni jewe.» Nya mugore aca amubwira ati: «Ndagusavye unyumvirize jewe umusuku wawe.» Yowabu na we ati: «Ndaguteze yompi.» 18 Nya mugore yongerako ati: «Aho hambere bakunda kuvuga ngo: Uwushaka umuti w’ikibazo afise, “naje guhanuza mu gisagara ca Abeli.” 19 Jewe nserukira abantu b’abanyamahoro kandi b’abizigirwa bo muri Isirayeli. Uriko urondera guhonya igisagara kimeze nk’umuvyeyi muri Isirayeli. Kubera iki ushaka kuzimanganya* intoranwa twahawe na Yehova+?» 20 Yowabu amwishura ati: «Sinokwubahuka kuzimanganya iki gisagara. 21 Ico si co kingenza. Nje kurondera umugabo yagararije* umwami Dawidi. Yitwa Sheba+ mwene Bikiri wo mu karere k’imisozi ka Efurayimu+. Mumuduhaye, duca tugenda.» Maze nya mugore abwira Yowabu ati: «Umutwe wiwe barawuguterera bawucishije hejuru y’uruzitiro.»
22 Nya mugore w’inkerebutsi aca aja kuvugana n’ababa muri ico gisagara bose. Maze Sheba mwene Bikiri bamuca umutwe, baraheza bawuterera Yowabu. Yowabu aca avuza inzamba, ingabo zica zirahava, umwe wese asubira iwe+. Yowabu na we asubira i Yeruzalemu iyo umwami ari.
23 Yowabu yari umukuru w’ingabo zose za Isirayeli+, Benaya+ mwene Yehoyada+ na we akaba umukuru w’Abakereti n’Abapeleti+. 24 Adoramu+ yari ajejwe abahamagawe ngo bakorere umwami, Yehoshafati+ mwene Ahiludi na we akaba umwanditsi w’ivyaja biraba. 25 Sheva yari umunyamabanga, Sadoki+ na Abiyatari+ na bo bakaba abaherezi. 26 Umuyayiri yitwa Ira na we nyene yakorera Dawidi ari umukuru mu nzego*.