Samweli wa mbere
26 Mu nyuma abantu b’i Zifu+ baza kuraba Sawuli i Gibeya+, bamubwira bati: «Dawidi yinyegeje ku gasozi ka Hakila karabana n’i Yeshimoni*+.» 2 Nuko Sawuli arahaguruka, amanuka mu bugaragwa bw’i Zifu ari kumwe n’abagabo b’intwari 3.000 bo muri Isirayeli, aja kurondera Dawidi muri ubwo bugaragwa+. 3 Sawuli akambika hafi y’inzira ku gasozi ka Hakila karabana n’i Yeshimoni. Ico gihe Dawidi yaba mu bugaragwa. Maze amenya ko Sawuli yaje kumuhiga muri ubwo bugaragwa. 4 Dawidi arungika rero abaja gusuma urusaku* ngo barabe ko Sawuli yaje vy’ukuri. 5 Mu nyuma Dawidi aja aho Sawuli yari akambitse, maze abona aho Sawuli na Abuneri baryamye. Abuneri+ yari mwene Neri, akaba n’umukuru w’ingabo za Sawuli. Sawuli yari aryamye hagati mw’ikambi, ingabo ziwe zimukikuje. 6 Dawidi abwira Ahimeleki Umuheti+ na Abishayi+ mwene Zeruwiya+, akaba na mwenewabo na Yowabu ati: «Ni nde tumanukana mw’ikambi aho Sawuli ari?» Abishayi amwishura ati: «Turamanukana.» 7 Dawidi na Abishayi bahengera mw’ijoro, baja aho ingabo zikambitse. Basanga Sawuli aryamye hagati mw’ikambi, icumu ryiwe rishinze hasi hafi y’umutwe wiwe. Abuneri n’ingabo bari baryamye irya n’ino yiwe.
8 Abishayi aca abwira Dawidi ati: «Uyu musi Imana iguhaye umwansi wawe+. Ndagusavye rero undeke ndamuzibure iri cumu ndarishikane hasi. Ndabigira rimwe gusa, sindinda kubigira irya kabiri.» 9 Ariko Dawidi abwira Abishayi ati: «Ntumugirire nabi. Hari uwogirira nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta*+ ntihagire icaha kimwagira+?» 10 Dawidi yongerako ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, Yehova ubwiwe azomwiyicira+, canke umusi uri izina+ apfe nk’abandi bose, canke aje ku rugamba agweyo+. 11 Kubera ko ntinya Yehova, sinokwubahuka kugirira nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta+! Ndagusavye rero utore icumu riri hafi y’umutwe wiwe n’ikarabo ry’amazi, duheze twigire.» 12 Nuko Dawidi atora icumu n’ikarabo ry’amazi vyari hafi y’umutwe wa Sawuli, maze barigira. Nta n’umwe yababonye+ canke ngo abumve canke ngo yikangure. Bose bari basinziriye kubera yuko Yehova yari yabateje itiro ryinshi. 13 Maze Dawidi aja hakurya, ahagarara kw’isonga ry’umusozi nka hariya, kure y’aho Sawuli yari.
14 Dawidi ahamagara Abuneri+ mwene Neri n’ingabo ziwe ati: «Abuneri, uranyumva?» Abuneri yishura ati: «Uri nde wewe wubahuka gukoma umwami?» 15 Dawidi abwira Abuneri ati: «Mbega nturi umugabo w’intwari? Muri Isirayeli hari uwumeze nkawe? Kubera iki none utarinze umwami wawe? Hari umusoda yinjiye mw’ikambi, agomba kwica umwami wawe+. 16 Ivyo wakoze si vyiza. Ndakurahiye Yehova Imana nzima, mwese mukwiye gupfa kuko mutarinze shobuja, uwo Yehova yarobanuje amavuta+. Raba irya n’ino yawe. Icumu ry’umwami n’ikarabo ry’amazi+ vyari iruhande y’umutwe wiwe biri hehe?»
17 Sawuli aca amenya ijwi rya Dawidi, avuga ati: «Iryo jwi ni rwawe ga mwananje Dawidi+?» Dawidi yishura ati: «Egome mwami.» 18 Yongerako ati: «Umpigira iki databuja+? Nakoze iki? Ikosa ryanje ni irihe+? 19 Ndagusavye databuja unyumvirize jewe umusuku wawe: nimba Yehova ari we agutuma kundwanya, aze yakire* ishikanwa ryanje ry’intete. Mugabo nimba ari abantu+, barakavumwa na Yehova kuko banyomoye bagatuma ntaba ncifatanya n’ihanga* rya Yehova+. Ni nk’aho bambwiye bati: “Genda usenge* izindi mana!” 20 Ndagusavye simpfire* kure ya Yehova. Mwami wa Isirayeli, kubera iki uje guhiga imbaragasa imwe rudende+ nk’uwuhiga inkware ku misozi?»
21 Sawuli amwishura ati: «Nacumuye+. Garuka mwananje Dawidi, sinzosubira kukugirira nabi kubera ko uyu musi werekanye ko uha agaciro ubuzima bwanje+. Nakoze ivy’ubupfu, nkora ikosa rikomeye.» 22 Dawidi asubizayo ati: «Ng’iri icumu ryawe mwami. Umwe mu misore yawe naze aritore. 23 Yehova ni we azohemba umuntu w’umugororotsi+ kandi w’umwizigirwa. Yehova yakumpaye uyu musi, ariko nanka kugirira nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta+. 24 Uyu musi nahaye agaciro ubuzima bwawe. Yehova na we nyene azohe agaciro ubuzima bwanje, andokore mu marushwa yose+.» 25 Sawuli yishura Dawidi ati: «Uragahezagirwa mwananje Dawidi. Ni ukuri uzokora ibintu bikomeye kandi uzororanirwa muri vyose+.» Dawidi aca arigira, Sawuli na we asubira iwe+.