Ni zaburi ya Dawidi.
28 Ewe Yehova gitandara canje, ni wewe nguma ntabaza+.
Ntiwice amatwi.
Hamwe woguma wihoreye,
noca mera nk’abamanuka mu cobo+.
2 Niwumve ugutakamba kwanje igihe ndagutabaje
ndugije amaboko ndayerekeza aheranda cane h’urusengero rwawe+.
3 Ntunjaniranye n’ababisha, barya bakora ibintu bibi+,
barya bayaga nk’abagenzi ariko mu mitima huzuye ikibi+.
4 Nubishure ibihuye n’ibikorwa vyabo+,
ibikwiranye n’ibibi bakora.
Nubasubirize mu nkoko ibihuye n’ibikorwa vy’amaboko yabo,
ibikwiranye n’ivyo bakoze+.
5 Kuko batitaho ibikorwa vya Yehova+
canke ibikorwa vy’amaboko yiwe+.
Azobasambura kandi ntazobubaka.
6 Yehova nashemezwe,
kuko yumvise ugutabaza kwanje.
7 Yehova ni inkomezi zanje+ n’inkinzo yanje+.
Ni we umutima wanje wizigira+.
Yarantabaye kandi umutima wanje uranezerewe.
Ni co gituma nzomushemeza mu kumuririmbira.
8 Yehova ni we nkomezi z’abantu biwe.
Ni igihome gikomeye, ni we arokora uwo yarobanuje amavuta+.
9 Nukize abantu bawe, uhezagire intoranwa yawe+.
Nubabere umwungere, ubaterure mu maboko gushika ibihe bidahera+.