Yesaya
31 Baragowe abamanuka mu Misiri kurondera imfashanyo+,
abishimira amafarasi+,
bakizigira imikogote y’intambara kubera ari myinshi,
bakizigira n’amafarasi y’intambara* kubera ko akomeye.
Mugabo ntibahanga amaso wa Mweranda wa Isirayeli,
ntibarondera Yehova.
2 Erega na we nyene ni inkerebutsi kandi azoteza ivyago,
kandi ntazokwihindukiza mw’ijambo.
Azohagurukira inzu y’ababisha
n’abafasha abakora ikibi+.
Igihe Yehova azoramvura ukuboko kwiwe,
uwurondera gufasha azotsitara,
uwufashwa na we atembe.
Bose bazohonera icarimwe.
4 Kuko Yehova ambwiye ati:
«Nka kurya intambwe, intambwe y’umukangara*, irohera ku co yafashe
igihe abungere benshi bahamagaranye ngo bayirwanye,
mugabo ijwi ryabo ntiriyitere ubwoba
canke ngo iteshwe n’urwamo rwabo,
ni ko na jewe Yehova Nyeningabo
nzomanuka kurwanira umusozi Siyoni n’umurambi wawo.
5 Kurya kw’inyoni zimanuka mu cari gukingira utwana twazo, ni ko na jewe Yehova Nyeningabo nzorwanira Yeruzalemu+.
Nzoharwanira, ndaharokore.
Nzohaziguriza, ndahakize.»
6 «Yemwe Bisirayeli, nimugaruke kuri Umwe mwagararije vyeruye+. 7 Kuko kuri uwo musi umwe wese azota imana ziwe ata co zimaze z’ifeza n’imana ziwe zitagira akamaro z’inzahabu, izo mwakoze n’amaboko yanyu mugacumura.
Bazohungishwa n’inkota,
kandi abasore babo bazokoreshwa ibikorwa vy’agahato.