Zaburi
96 Nimuririmbire Yehova indirimbo nshasha+.
Nimuririmbire Yehova, yemwe abo kw’isi mwese+!
2 Nimuririmbire Yehova, mushemeze izina ryiwe.
Uko bukeye, nimutangaze inkuru nziza y’ubukiriro atanga+!
3 Nimumenyekanishe ubuninahazwa bwiwe mu mahanga,
mumenyekanishe ibikorwa vyiwe bitangaje mu makungu yose+.
4 Yehova arahambaye kandi arabereye gushemezwa cane.
Arateye akoba gusumba izindi mana zose.
7 Yemwe miryango y’amahanga, nimuhe Yehova ivyo akwiriye.
Nimuhe Yehova ivyo akwiriye kubera ubuninahazwa bwiwe n’inkomezi ziwe+.
9 Nimwunamire* Yehova mwambaye ivyambarwa vyeranda*.
Nimujugumire imbere yiwe, yemwe abo kw’isi mwese!
10 Nimutangaze mu mahanga muti: «Yehova abaye Umwami+!
Isi* yarashimangiwe, ntishobora kunyiganyizwa.