ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 16
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Ngoma: ibirimwo

      • Amasezerano hagati ya Asa na Siriya (1-6)

      • Hanani akebura Asa (7-10)

      • Urupfu rwa Asa (11-14)

2 Ngoma 16:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «akomeza», «asubira kwubaka.»

  • *

    Canke «uwusohoka canke uwinjira.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 15:25, 27
  • +Yos 18:21, 25
  • +1Bm 15:17-19

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2012, rup. 10

2 Ngoma 16:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ikirimba.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 7:51
  • +1Bm 20:1; 2Bm 12:18; 16:8

2 Ngoma 16:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 15:29
  • +Abc 18:29
  • +1Bm 15:20-22

2 Ngoma 16:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «gukomeza», «gusubira kwubaka.»

2 Ngoma 16:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abikoresha mu gukomeza», «abikoresha mu gusubira kwubaka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 18:21, 25; 1Bm 15:17
  • +Yos 18:21, 24; 1Ng 6:60, 64
  • +Yos 18:21, 26; Abc 20:1

2 Ngoma 16:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «wishimikije.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «kwishimikiza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 16:1; 2Ng 19:2; 20:34
  • +Yr 17:5

2 Ngoma 16:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 14:9, 11; Zb 37:39, 40

2 Ngoma 16:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kugira ngo ashigikire.»

  • *

    Canke «n’umutima ukwiye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zk 4:10
  • +1Pt 3:12
  • +1Bm 15:32

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwiyegereze, rup. 42-43

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2002, rup. 14

2 Ngoma 16:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’impatane z’ibiti.»

2 Ngoma 16:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 15:23

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2009, rup. 32

2 Ngoma 16:12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2012, rup. 10

2 Ngoma 16:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 15:24

2 Ngoma 16:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).

  • *

    Biboneka ko bataturiye ikiziga ca Asa, ahubwo baturiye ibintu bimota neza.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 5:7
  • +Mr 16:1; Lk 23:55, 56; Yoh 19:40

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/12/2005, rup. 20

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Ngo. 16:11Bm 15:25, 27
2 Ngo. 16:1Yos 18:21, 25
2 Ngo. 16:11Bm 15:17-19
2 Ngo. 16:21Bm 7:51
2 Ngo. 16:21Bm 20:1; 2Bm 12:18; 16:8
2 Ngo. 16:42Bm 15:29
2 Ngo. 16:4Abc 18:29
2 Ngo. 16:41Bm 15:20-22
2 Ngo. 16:6Yos 18:21, 25; 1Bm 15:17
2 Ngo. 16:6Yos 18:21, 24; 1Ng 6:60, 64
2 Ngo. 16:6Yos 18:21, 26; Abc 20:1
2 Ngo. 16:71Bm 16:1; 2Ng 19:2; 20:34
2 Ngo. 16:7Yr 17:5
2 Ngo. 16:82Ng 14:9, 11; Zb 37:39, 40
2 Ngo. 16:9Zk 4:10
2 Ngo. 16:91Pt 3:12
2 Ngo. 16:91Bm 15:32
2 Ngo. 16:111Bm 15:23
2 Ngo. 16:131Bm 15:24
2 Ngo. 16:142Sm 5:7
2 Ngo. 16:14Mr 16:1; Lk 23:55, 56; Yoh 19:40
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Ngoma 16:1-14

Ngoma za kabiri

16 Mu mwaka ugira 36 Asa ari umwami, Bayasha+ umwami wa Isirayeli aza gutera Ubuyuda, maze yubaka* igisagara ca Rama+ kugira ngo ntihagire uwuva canke uwuja* mu karere Asa umwami w’Ubuyuda yatwara+. 2 Asa aca atora ifeza n’inzahabu mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova+ no mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami, abirungikira Beni-Hadadi umwami wa Siriya+ yaba i Damasiko. Amubwira ati: 3 «Twe nawe dufitaniye amasezerano nk’uko dawe na so bari bafitaniye amasezerano. Ehe raba nkurungikiye ifeza n’inzahabu. Ndagusavye rero uhagarike amasezerano ufitaniye na Bayasha umwami wa Isirayeli, ndabe ko yomvira mu karere.»

4 Nuko Beni-Hadadi yemera ivyo umwami Asa amusavye, arungika abakuru b’ingabo ziwe gutera ibisagara vyo muri Isirayeli. Bafata ahitwa Iyoni+, Dani+, Abeli-Mayimu, bafata n’ibibanza vyose vyo kubikamwo ibintu vyari mu bisagara vyo mu karere ka Nafutali+. 5 Bayasha akivyumva, aca areka kwubaka* igisagara ca Rama, aheba ivyo yariko arakorerayo. 6 Umwami Asa ni kwo guca ahitana abo mu Buyuda bose, maze baseha amabuye n’ibiti Bayasha yariko yubakisha igisagara ca Rama+. Asa aca avyubakisha* igisagara ca Geba+ n’ica Mizipa+.

7 Ico gihe umuntu yitwa Hanani+ yahishurirwa n’Imana, aza kuraba Asa umwami w’Ubuyuda, amubwira ati: «Kubera ko wizigiye* umwami wa Siriya aho kwizigira* Yehova Imana yawe, vyatumye ingabo z’umwami wa Siriya ziguca mu myanya y’intoke+. 8 Mbega ingabo z’Abanyetiyopiya n’Abanyalibiya ntizaje kugutera ari nyinshi cane, zifise imikogote myinshi n’abagendera ku mafarasi? Mugabo kubera ko wizigiye Yehova, yaragufashije urabatsinda+. 9 Erega amaso ya Yehova anyuragira mw’isi yose+ kugira ngo yerekane inkomezi ziwe mu gufasha* abamwumirako n’umutima wabo wose*+. Ico kintu wakoze ni ic’ubupfu. Kuva ubu uzokwama uri mu ntambara+.»

10 Ariko Asa ashavurira uwo muntu yahishurirwa n’Imana, aca amuta mw’ibohero*. Yabigize kubera ko yashavujwe cane n’ivyo amubwiye. Muri ico kiringo nyene, Asa atangura gukandamiza n’abandi banyagihugu. 11 Nayo ivyerekeye Asa, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu Gitabu c’abami b’Ubuyuda n’aba Isirayeli+.

12 Mu mwaka ugira 39 Asa ari umwami, afatwa n’indwara mu birenge gushika aho aremba. N’ico gihe yari arwaye, ntiyituye Yehova ahubwo yituye abavuzi. 13 Maze Asa arapfa+. Hari mu mwaka ugira 41 ari umwami. 14 Nuko bamuhamba mu mva yiwe ihambaye yari yarimbishije mu gisagara ca Dawidi+. Bamuryamitse ku buriri bwuzuyeko amavuta amota neza* n’ayandi mavuta adasanzwe bakoze mu kuvanga ibintu vy’ubwoko butandukanye+. Baraheza bacana umuriro udasanzwe ku maziko yiwe kugira bamutere iteka*.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika