Ngoma za kabiri
16 Mu mwaka ugira 36 Asa ari umwami, Bayasha+ umwami wa Isirayeli aza gutera Ubuyuda, maze yubaka* igisagara ca Rama+ kugira ngo ntihagire uwuva canke uwuja* mu karere Asa umwami w’Ubuyuda yatwara+. 2 Asa aca atora ifeza n’inzahabu mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova+ no mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami, abirungikira Beni-Hadadi umwami wa Siriya+ yaba i Damasiko. Amubwira ati: 3 «Twe nawe dufitaniye amasezerano nk’uko dawe na so bari bafitaniye amasezerano. Ehe raba nkurungikiye ifeza n’inzahabu. Ndagusavye rero uhagarike amasezerano ufitaniye na Bayasha umwami wa Isirayeli, ndabe ko yomvira mu karere.»
4 Nuko Beni-Hadadi yemera ivyo umwami Asa amusavye, arungika abakuru b’ingabo ziwe gutera ibisagara vyo muri Isirayeli. Bafata ahitwa Iyoni+, Dani+, Abeli-Mayimu, bafata n’ibibanza vyose vyo kubikamwo ibintu vyari mu bisagara vyo mu karere ka Nafutali+. 5 Bayasha akivyumva, aca areka kwubaka* igisagara ca Rama, aheba ivyo yariko arakorerayo. 6 Umwami Asa ni kwo guca ahitana abo mu Buyuda bose, maze baseha amabuye n’ibiti Bayasha yariko yubakisha igisagara ca Rama+. Asa aca avyubakisha* igisagara ca Geba+ n’ica Mizipa+.
7 Ico gihe umuntu yitwa Hanani+ yahishurirwa n’Imana, aza kuraba Asa umwami w’Ubuyuda, amubwira ati: «Kubera ko wizigiye* umwami wa Siriya aho kwizigira* Yehova Imana yawe, vyatumye ingabo z’umwami wa Siriya ziguca mu myanya y’intoke+. 8 Mbega ingabo z’Abanyetiyopiya n’Abanyalibiya ntizaje kugutera ari nyinshi cane, zifise imikogote myinshi n’abagendera ku mafarasi? Mugabo kubera ko wizigiye Yehova, yaragufashije urabatsinda+. 9 Erega amaso ya Yehova anyuragira mw’isi yose+ kugira ngo yerekane inkomezi ziwe mu gufasha* abamwumirako n’umutima wabo wose*+. Ico kintu wakoze ni ic’ubupfu. Kuva ubu uzokwama uri mu ntambara+.»
10 Ariko Asa ashavurira uwo muntu yahishurirwa n’Imana, aca amuta mw’ibohero*. Yabigize kubera ko yashavujwe cane n’ivyo amubwiye. Muri ico kiringo nyene, Asa atangura gukandamiza n’abandi banyagihugu. 11 Nayo ivyerekeye Asa, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu Gitabu c’abami b’Ubuyuda n’aba Isirayeli+.
12 Mu mwaka ugira 39 Asa ari umwami, afatwa n’indwara mu birenge gushika aho aremba. N’ico gihe yari arwaye, ntiyituye Yehova ahubwo yituye abavuzi. 13 Maze Asa arapfa+. Hari mu mwaka ugira 41 ari umwami. 14 Nuko bamuhamba mu mva yiwe ihambaye yari yarimbishije mu gisagara ca Dawidi+. Bamuryamitse ku buriri bwuzuyeko amavuta amota neza* n’ayandi mavuta adasanzwe bakoze mu kuvanga ibintu vy’ubwoko butandukanye+. Baraheza bacana umuriro udasanzwe ku maziko yiwe kugira bamutere iteka*.