Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi. Indirimbo.
65 Ewe Mana, amashemezo arakurindiriye i Siyoni+.
Tuzoshitsa indagano twakuraganiye+.
2 Wewe wumva amasengesho, abantu b’ubwoko bwose bazoza iwawe+.
3 Amakosa yanje yandengeye+,
ariko urapfuka ibicumuro vyacu+.
4 Hahiriwe umuntu utora ukamwiyegereza
kugira yibere mu bigo vyawe+!
Tuzohazwa n’ivyiza vyo mu nzu yawe+,
urusengero rwawe rweranda+.
5 Ewe Mana y’ubukiriro bwacu,
uzotwishura ukoresheje ibikorwa vy’ubugororotsi biteye ubwoba+.
Ababa kw’isi iyo iva ikagera barakwizigira+,
mbere n’ababa kure cane hakurya y’ikiyaga.
6 Washimangiye imisozi ukoresheje ububasha bwawe.
Emwe, ukenyeye ubushobozi+.
7 Utururuza ibiyaga bisuriranya+,
ugahwamika imipfunda yavyo n’urwamo rw’amahanga+.
8 Ababa kure bazoterwa ubwoba n’ibikorwa vyawe+.
Uzotuma amahanga anezerwa kuva mu buseruko gushika mu burengero.
9 Witwararika isi,
ugatuma imera cane, ikimbuka rwose+.
Umugezi uva ku Mana wuzuye amazi.
Ukwo ni ko wateguye isi,
kugira uronse abantu ibifungurwa+.
10 Uvomera imirima yayo, ukaringaniza ubusize bwayo.
Urayorosha ukoresheje imvura, ugahezagira ibimera kuri yo+.
11 Umwaka uwambika urugori rw’ivyiza vyawe,
inzira zawe zuzuye umusesekara+.
12 Uburagiro bwo mu bugaragwa buguma butotahaye+,
kandi imisozi yambaye akanyamuneza+.
13 Uburagiro bwuzuyemwo ibitungwa,
ibiyaya na vyo bitwikiriwe n’ibiterwa vy’intete+.
Vyose biravuza impundu, emwe biraririmba+!