Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi y’abahungu ba Kora+.
49 Nimwumve ibi mwa mahanga mwese!
4 Nzotega ugutwi umugani,
ubupfindo bwanje ndabusigurire ku nanga.
bakaguma birata kubera itunga ryabo ryinshi+,
7 nta n’umwe muri bo ashobora gucungura mwenewabo,
canke ngo amutangire incungu ku Mana+,
8 (incungu y’ubuzima bwabo irazimvye cane
ku buryo batopfa bayironse,)
10 Kuko babona ko n’abantu b’inkerebutsi bapfa.
Igipfu n’imburabwenge bose barapfa+,
bagasigira abandi ubutunzi bwabo+.
11 Icipfuzo cabo ni uko amazu yabo yokwamaho ibihe vyose,
amahema yabo akamaho uko urunganwe rugenda rurakurikirana.
Amatongo yabo bayitirira amazina yabo.
12 Ariko umuntu, naho yoba afise icubahiro, ntazokwamaho+.
Nta co asumbije ibikoko, apfa nk’uko na vyo nyene bipfa+.
13 Iryo ni ryo herezo ry’abantu b’imburabwenge+
hamwe n’ababakurikira, bagahimbarwa n’amajambo yabo ata co amaze. (Sela*)
14 Bagenewe ukuzimu nka kurya kw’intama zo gukererwa.
Urupfu ruzobaragira nka kurya kw’umwungere.
Umugororotsi azobaganza+ mu gitondo.
16 Ntutinye ngo ni uko umuntu abaye umutunzi,
canke ngo ni uko icubahiro c’inzu yiwe congerekanye,
17 kuko iyo apfuye ata na kimwe atwara+,
kandi n’icubahiro ciwe ntikijana na we+.
(iyo uhiriwe abantu baraguhayagiza+,)
19 ariko aruhira guhamvya ba sekuruza,
kandi bose ntibazosubira kubona umuco.