Zaburi
3 Nimwiratire izina ryiwe ryeranda+.
Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+.
4 Nimurondere Yehova+ n’inkomezi ziwe.
Nimugume murondera gushimwa na we*.
5 Nimwibuke ibikorwa bitangaje yakoze,
mwibuke ibitangaro yakoze n’imanza yaciye+,
6 yemwe ruvyaro* rw’umusavyi wiwe Aburahamu+,
yemwe bahungu ba Yakobo, abo yitoreye+.
Imanza ziwe zikora* mw’isi yose+.
8 Yama yibuka isezerano ryiwe ibihe bidahera+,
akibuka umuhango yatanze*, gushika ku runganwe* rugira igihumbi+.
9 Yama yibuka isezerano yagiraniye na Aburahamu+,
n’indahiro yarahiye Izahaki+.
10 Iyo ndahiro yayigize itegeko kuri Yakobo,
ayigira isezerano ryamaho kuri Isirayeli,
11 avuga ati: «Nzoguha igihugu ca Kanani+,
kibe intoranwa yawe+.»
14 Ntiyemeye ko hagira umuntu n’umwe abacinyiza+,
ahubwo yarakosoye abami kubera bo+,
15 ababwira ati: «Ntimukore ku bo narobanuye*,
kandi ntihagire ikibi na kimwe mukorera abahanuzi banje+.»
18 Babohesha* ibirenge vyiwe amapingu+,
izosi ryiwe barishira mu vyuma,
19 gushika ijambo ry’Imana rirangutse+.
Ijambo rya Yehova ni ryo ryamutyoroye.
21 Maze amugira umukuru w’urugo rwiwe+,
amuha kuganza ivyo atunze vyose,
22 kugira aganze* abaganwa biwe uko ashaka
no kugira yigishe ubukerebutsi abashingantahe biwe+.
24 Imana iraheza ituma abantu bayo bagwira cane+,
ituma bakomera kuruta abansi babo+.
25 Yararetse umutima wabo urahinduka kugira banke abantu bayo,
kugira bagirire nabi abasavyi bayo+.
33 Yarahoneje imizabibu yabo n’imisukoni yabo,
ivunagura ibiti vyo mu gihugu cabo.
35 Zarariye ibimera vyose vyo mu gihugu
hamwe n’ivyeze mu mirima yabo.
37 Nuko isohora abantu bayo, bagenda batwaye ifeza n’inzahabu+,
kandi nta n’umwe mu miryango yayo yagenda aratsitara.
39 Yashizeho igicu kugira kibahishe+
hamwe n’umuriro kugira ubamurikire mw’ijoro+.
40 Maze bayisaba inyama, na yo ibazanira inkware+,
iguma ibaha umukate uvuye mw’ijuru, bararya barahaga+.
42 Kuko yibutse isezerano ryeranda yagiraniye n’umusavyi wayo Aburahamu+.
44 Yabahaye akarere k’amahanga+,
bigarurira ivyo abandi babiriye akuya+,
45 kugira bakurikize ingingo yashinze+
kandi bubahirize amategeko yayo.
Shemeza Yehova*!