Zaburi
Shemeza Yehova mu majuru+,
mumushemeze iyo hejuru.
2 Yemwe bamarayika biwe mwese, nimumushemeze+!
Yemwe ngabo ziwe mwese+, nimumushemeze!
3 Yemwe zuba n’ukwezi, nimumushemeze!
Nimumushemeze, yemwe nyenyeri mwaka mwese+!
7 Nimushemeze Yehova kw’isi,
yemwe biremwa binini vyo mu mazi namwe mabenga yose y’amazi,
8 yemwe miravyo n’urubura namwe bibarafu* n’ibicu bizitanye,
yemwe bihuhusi mushitsa ijambo ryiwe+,
9 yemwe misozi namwe mitumba mwese+,
yemwe biti vy’ivyamwa namwe masederi mwese+,
10 yemwe bikoko vyo mw’ishamba+ namwe bitungwa mwese,
yemwe bikoko bikwega inda hasi namwe nyoni mwese,
11 yemwe bami bo kw’isi namwe mahanga mwese,
yemwe baganwa namwe bacamanza mwese bo kw’isi+,
yemwe batama namwe mwese abakiri bato.
13 Vyose nibishemeze izina rya Yehova,
kuko izina ryiwe ryonyene ari ryo riri hejuru cane hadashikwa+.
Icubahiro ciwe kirengeye isi n’ijuru+.
14 Azokwongera inguvu* abantu biwe,
kugira ngo intahemuka ziwe zose zininahazwe,
abana ba Isirayeli, abantu bari hafi yiwe.
Shemeza Yehova*!