Ngoma za kabiri
25 Amaziya yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza maze amara imyaka 29 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yehowadani, akaba yava i Yeruzalemu+. 2 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse, ariko ntiyabigiranye umutima wiwe wose. 3 Ubutegetsi bwiwe bukimara gutsimbatara, yica abari barishe se igihe yari akiri umwami+. 4 Mugabo ntiyishe abana babo. Yisunze ivyanditswe mu mategeko ari mu gitabu ca Musa, aho Yehova yategetse ati: «Ba sebibondo ntibaze bapfe bazira abana babo, n’abana ntibaze bapfe bazira ba se. Umwe wese azopfe azize igicumuro ciwe bwite+.»
5 Nuko Amaziya akoraniriza hamwe abo mu Buyuda maze abatondeka yisunze imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo. Iyo migwi yari ihagarikiwe n’abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100. Ukwo ni ko yabigize ku bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini+ bose. Yaharuye afatiye ku bafise imyaka 20 kuduga+, aronka abarwanyi 300.000 bamenyerejwe* boja mu ngabo, bazi gukoresha icumu n’inkinzo zagutse. 6 Vyongeye, atanga italanto* 100 z’ifeza kugira aronke abarwanyi b’intwari 100.000 abakuye muri Isirayeli. 7 Ariko hari umuntu w’Imana y’ukuri yaje kumuraba amubwira ati: «Mwami, ntujane n’ingabo za Isirayeli kuko Yehova adashigikiye Abisirayeli+. Nta n’umwe ashigikiye mu Befurayimu. 8 Ahubwo niwijane urwane, ube intwari mu rugamba. Ahandiho Imana y’ukuri yohava ireka ugatsindwa n’umwansi, kuko ifise ububasha bwo kugufasha+ canke gutuma utsindwa.» 9 Amaziya aca abwira uwo muntu w’Imana y’ukuri ati: «None ko nari nahaye italanto 100 ingabo za Isirayeli, bica bigenda gute?» Uwo muntu w’Imana y’ukuri aca yishura ati: «Yehova arashoboye kuguha vyinshi cane kuruta ivyo+.» 10 Amaziya aca arungika ingabo zari zavuye mu karere ka Efurayimu, zisubira iwabo. Ariko izo ngabo zishavurira cane abo mu Buyuda, zisubira iwabo riniga.
11 Nuko Amaziya agira umutima rugabo, atwara ingabo ziwe mu mubande w’Umunyu+ maze yica abantu b’i Seyiri+ 10.000. 12 Hari abandi 10.000 bafashwe n’abasoda b’Ubuyuda ari bazima. Baciye babajana kw’isonga ry’urutare babakororera hasi, bose baramenagurika. 13 Mugabo za ngabo Amaziya yasubiza inyuma ngo ntibajane ku rugamba+, zija gutera ibisagara vy’Ubuyuda, kuva i Samariya+ gushika i Beti-Horoni+. Zica abantu 3.000 zisahura n’ibintu vyinshi.
14 Mugabo Amaziya agarutse avuye kwica Abanyedomu, aza azanye imana z’abantu b’i Seyiri araheza azigira imana ziwe+. Nuko atangura kuzunamira no kuzishikanira ibimazi bigafumba umwotsi. 15 Yehova aca ashavurira cane Amaziya, amurungikira umuhanuzi amubwira ati: «Kubera iki usenga imana z’abo bantu kandi zitashoboye gukiza na benezo ngo ntubatsinde+?» 16 Akiriko aravugana na we, umwami aca amubwira ati: «Hora+! Hari uwakugize umujanama w’umwami+? Ukabandanya kuvuga ndakwicisha!» Uwo muhanuzi aca aragenda, mugabo asiga avuze ati: «Ndazi yuko Imana yafashe ingingo yo kugukuraho, kuko wakoze ivyo kandi ukaba utumvirije impanuro naguhaye+.»
17 Amaziya umwami w’Ubuyuda amaze kugisha inama abajanama biwe, arungikira Yehowasi ubutumwa bugira buti: «Ingo dutane mu mitwe*.» Yehowasi yari mwene Yehowahazi, Yehowahazi mwene Yehu umwami wa Isirayeli+. 18 Yehowasi umwami wa Isirayeli aca atuma kwishura Amaziya umwami w’Ubuyuda ati: «Icatsi c’amahwa c’i Libani carungikiye isederi y’i Libani ubutumwa bugira buti: “Mpa umukobwa wawe abe umugore w’umuhungu wanje.” Ariko igikoko co mw’ishamba ry’i Libani kirarengana, gikandagira ico catsi c’amahwa. 19 Wibwiye ngo: “Naratsinze* Abanyedomu+.” Waciye ugira ubwibone mu mutima, ushaka guhabwa icubahiro. Aho ntiwoguma iwawe*? Kubera iki wokwirirwa urikwegera ivyago, ugatembana n’Ubuyuda?»
20 Mugabo Amaziya yanka kwumva+. Imana y’ukuri ni yo yashaka ko bigenda ukwo kugira ngo we n’abantu biwe batsindwe n’abansi+, kuko bagiye mu vyo gusenga imana z’i Edomu+. 21 Nuko Yehowasi umwami wa Isirayeli aja gutana mu mitwe na Amaziya umwami w’Ubuyuda, barwanira i Beti-Shemeshi+ mu Buyuda. 22 Ingabo z’Ubuyuda zitsindwa n’iz’Abisirayeli, umwe wese ahungira iwe*. 23 Yehowasi umwami wa Isirayeli afatira Amaziya umwami w’Ubuyuda i Beti-Shemeshi. Amaziya yari mwene Yehowasi, Yehowasi mwene Yehowahazi*. Aza amuzanye i Yeruzalemu maze asenyura uruzitiro rwa Yeruzalemu ahareha n’intambwe 400*, kuva kw’irembo rya Efurayimu+ gushika kw’irembo ryo mu mfuruka+. 24 Araheza atwara inzahabu zose, ifeza zose n’ibindi bintu vyose vyo mu nzu y’Imana y’ukuri vyari bijejwe Obedi-Edomu*. Atwara n’ivyari mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami+ n’abo yagize imbohe, maze asubira i Samariya.
25 Amaziya+ mwene Yehowasi umwami w’Ubuyuda, abaho iyindi myaka 15 inyuma y’urupfu rwa Yehowasi+ mwene Yehowahazi umwami wa Isirayeli+. 26 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Amaziya, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu Gitabu c’abami b’Ubuyuda n’aba Isirayeli. 27 Kuva aho Amaziya atereye akagere Yehova, abantu bamwe b’i Yeruzalemu barateguye umugambi wo kumugirira nabi+, aca ahungira i Lakishi. Mugabo barungika abaja kumuhiga i Lakishi, bamwicirayo. 28 Nuko agarukanwa ku mafarasi maze ahambwa hamwe na ba sekuruza mu gisagara co mu Buyuda.