Ngoma za mbere
16 Bazana rero ya sandugu y’Imana y’ukuri, bayishira mw’ihema Dawidi yari yayiteguriye+. Baca bashikanira imbere y’Imana y’ukuri amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira+. 2 Dawidi arangije gushikana ivyo bimazi biturirwa+ n’ivyo gusangira+, aca ahezagira abantu mw’izina rya Yehova. 3 Vyongeye Abisirayeli bose, baba abagabo canke abagore, umwe wese amuha umukate w’umuzingi n’akantu ko kurya gakozwe mu vyamwa vy’itende* n’agakozwe mu nzabibu zumye. 4 Maze atora bamwe mu Balewi ngo bakorere imbere y’isandugu ya Yehova+, ngo batere iteka* Yehova Imana ya Isirayeli, bamukengurukire bongere bamushemeze. 5 Asafu+ ni we yari umukuru agakurikirwa na Zakariya. Yeyeli, Shemiramoti, Yehiyele, Matitiya, Eliyabu, Benaya, Obedi-Edomu na Yeyeli+ bavuza ibicurarangisho vy’imirya n’inanga+. Asafu yavuza ivyuma bisama+, 6 abaherezi Benaya na Yahaziyeli na bo bakama bavuza inzumbete imbere y’isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri.
7 Kuri uwo musi ni ho Dawidi yatunganya* ari bwo bwa mbere indirimbo yo gushemeza Yehova biciye kuri Asafu+ na benewabo ati:
10 Nimwiratire izina ryiwe ryeranda+.
Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+.
11 Nimurondere Yehova+ n’inkomezi ziwe.
Nimugume murondera gushimwa na we*+.
12 Nimwibuke ibikorwa bitangaje yakoze+,
mwibuke ibitangaro yakoze n’imanza yaciye,
13 yemwe ruvyaro* rw’umusavyi wiwe Isirayeli+,
yemwe bahungu ba Yakobo, abo yitoreye+.
Imanza ziwe zikora* mw’isi yose+.
15 Nimwibuke isezerano ryiwe ibihe bidahera,
mwibuke umuhango yatanze*, gushika ku runganwe* rugira igihumbi+.
16 Nimwibuke isezerano yagiraniye na Aburahamu+,
n’indahiro yarahiye Izahaki+.
17 Iyo ndahiro yayigize itegeko kuri Yakobo+,
ayigira isezerano ryamaho kuri Isirayeli,
18 avuga ati: “Nzoguha igihugu ca Kanani+,
kibe intoranwa yawe+.”
21 Ntiyemeye ko hagira umuntu n’umwe abacinyiza+,
ahubwo yarakosoye abami kubera bo+,
22 ababwira ati: “Ntimukore ku bo narobanuye*,
kandi ntihagire ikibi na kimwe mukorera abahanuzi banje+.”
23 Nimuririmbire Yehova, yemwe abo kw’isi mwese!
Uko bukeye, nimutangaze ubukiriro atanga+!
24 Nimumenyekanishe ubuninahazwa bwiwe mu mahanga,
mumenyekanishe ibikorwa vyiwe bitangaje mu makungu yose.
25 Kuko Yehova ahambaye kandi akaba abereye gushemezwa cane.
Arateye akoba gusumba izindi mana zose+.
28 Yemwe miryango y’amahanga, nimuhe Yehova ivyo akwiriye.
Nimuhe Yehova ivyo akwiriye kubera ubuninahazwa bwiwe n’inkomezi ziwe+.
Nimwunamire* Yehova mwambaye ivyambarwa vyeranda*+.
30 Nimujugumire imbere yiwe, yemwe abo kw’isi mwese!
Isi* yarashimangiwe, ntishobora kunyiganyizwa+.
32 Ikiyaga n’ibicuzuye vyose nibituragare.
Imirima n’ibiyirimwo vyose nibinezerwe.
33 Ibiti vyo mw’ishamba na vyo nyene nibivuze impundu imbere ya Yehova,
kuko aje* gucira urubanza isi.
35 Nimuvuge muti: “Dukize, ewe Mana y’ubukiriro bwacu+,
udukoranye maze udukure mu mahanga,
kugira dutazire izina ryawe ryeranda+
Abantu bose baca bavuga bati: «Amen*!», maze bashemeza Yehova.
37 Maze Dawidi asiga Asafu+ na benewabo ng’aho imbere y’isandugu y’isezerano rya Yehova ngo babandanye gukorera imbere y’iyo sandugu+, nk’uko bisanzwe bigirwa buri musi+. 38 Obedi-Edomu na benewabo 68, na Obedi-Edomu mwene Yedutuni na Hosa bari abarinzi b’amarembo. 39 Umuherezi Sadoki+ n’abaherezi bagenziwe na bo yabasize imbere y’ihema ryeranda rya Yehova ryari mu kibanza co gusengeramwo* cari i Gibeyoni+, 40 kugira ngo bame bashikanira Yehova mu gitondo no ku mugoroba amashikanwa aturirwa ku gicaniro c’amashikanwa aturirwa, no kugira ngo bitwararike ibintu vyose vyanditswe mu mategeko Yehova yahaye Isirayeli+. 41 Bari kumwe na Hemani na Yedutuni+ n’abandi bagabo bari batowe* ngo bakengurukire Yehova+, kuko urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+. 42 Hemani+ na Yedutuni bari bajejwe kuvuza inzumbete, ivyuma bisama n’ibindi bicurarangisho bakoresha mu gushemeza Imana y’ukuri*. Bene Yedutuni+ bari bajejwe irembo. 43 Maze abantu bose barataha, Dawidi na we aja guhezagira abo mu rugo rwiwe.