Zaburi
Ni zaburi ya Dawidi.
144 Hashemezwe Yehova we Gitandara canje+,
we yigisha amaboko yanje kurwana,
akigisha intoke zanje intambara+.
2 Ni we rukundo* rwanje n’igihome canje gikomeye,
ubuhungiro bwanje butekanye* n’umurokozi wanje.
Ni we nkinzo yanje, uwo mpungirako+
kandi ni we amfasha kuganza amahanga+.
7 Nutume amaboko yawe uri mw’ijuru,
unkize kandi undokore mu mazi asuriranya,
unkure mu maboko* y’abanyamahanga+,
8 barya bavuga ibinyoma
kandi bakaduza ukuryo kwabo barahira ububeshi.
9 Ewe Mana, nzokuririmbira indirimbo nshasha+.
Nzokuririmbira amashemezo* nkoresheje igicurarangisho c’imirya cumi,
10 wewe utuma abami batahukana intsinzi*+,
wewe ukiza umusavyi wawe Dawidi inkota yica+.
11 Nunkize, undokore mu maboko y’abanyamahanga,
barya bavuga ibinyoma
kandi bakaduza ukuryo kwabo barahira ububeshi.
12 Maze abahungu bacu bazomera nk’ibiterwa bikura ningoga,
abakobwa bacu na bo bamere nk’inkingi zishariza imfuruka z’ikirimba.
13 Ibigega vyacu bizosesekara umwimbu w’ubwoko bwose,
ibitungwa vyacu mu gahinga na vyo bigwire incuro ibihumbi, mbere ibihumbi mirongo.
14 Inka zacu ziri mu kuvyara ntizizogira isanganya canke ngo ziramburure.
Nta maborogo azokwumvikana mu bibanza rusangi* vyacu.
15 Hahiriwe abantu ivyabo vyifashe gutyo!
Hahiriwe abantu Imana yabo ari Yehova+!