Zakariya
12 Ibi ni vyo Imana imenyesheje:
«Ubu ni ubutumwa bwa Yehova bwerekeye Isirayeli», ni ko Yehova avuze,
umwe yaramvuye ijuru+,
agashinga umushinge w’isi+
kandi akarema impwemu* iri mu muntu.
2 «Yeruzalemu ngira ndayigire igikombe* gituma amahanga ayikikuje adandabagirana. Ubuyuda na Yeruzalemu bizokwugarizwa+. 3 Kuri uwo musi Yeruzalemu nzoyigira ibuye riremera* amahanga yose. Abazoriterura bose ntibazogenda badakomeretse cane+. Amahanga yose yo kw’isi azokoranira hamwe ngo ayirwanye+.» 4 Yehova avuze ati: «Kuri uwo musi amafarasi yose nzoyatera ubwoba, abayagenderako ndabateze ibisazi. Nzogumiza amaso ku Buyuda, mugabo amafarasi yose y’amahanga nzoyateza uruhumyi. 5 Abatware* b’Ubuyuda bazokwibwira mu mutima bati: “Ababa i Yeruzalemu ni inkomezi zacu kubera Yehova Nyeningabo Imana yabo+.” 6 Kuri uwo musi, abatware bo mu Buyuda nzobagira nk’inkono yaka umuriro hagati mu biti, ndabagire nk’ikimuri mu miganda y’ibinyantete bimbuye+. Bazoturira amahanga yose abakikuje iburyo n’ibubamfu+. Ababa i Yeruzalemu bazosubira kuba mu gisagara cabo*, ari co Yeruzalemu+.
7 Yehova azobanza gukiza amahema yo mu Buyuda, kugira ngo ubwiza* bw’umuryango* wa Dawidi n’ubw’ababa i Yeruzalemu ntibusumbe cane ubw’Ubuyuda. 8 Kuri uwo musi, Yehova azokingira ababa i Yeruzalemu impande zose+. Kuri uwo musi uwuzotsitara* muri bo azoba nka Dawidi, umuryango wa Dawidi na wo ube nk’Imana, nk’umumarayika wa Yehova abaja imbere+. 9 Kuri uwo musi, nzotikiza koko amahanga yose aza gutera Yeruzalemu+.
10 Nzosuka ku muryango wa Dawidi no ku baba i Yeruzalemu impwemu y’ugushimwa n’ukwinginga. Bazoraba uwo basogose+, bamuborogere nk’ababorogera umwana w’ikinege. Bazomugandarira batuntuye cane nk’abagandariye umwana w’imfura. 11 Kuri uwo musi, i Yeruzalemu hazoba amaborogo akomeye, nk’amaborogo y’i Hadadirimoni mu kiyaya ca Megido+. 12 Igihugu kizoboroga, umuryango umwumwe ukwawo: umuryango w’abakomoka kuri Dawidi* ukwawo n’abagore babo ukwabo, umuryango w’abakomoka kuri Natani+ ukwawo n’abagore babo ukwabo, 13 umuryango w’abakomoka kuri Lewi+ ukwawo n’abagore babo ukwabo, umuryango w’Abashimeyi+ ukwawo n’abagore babo ukwabo, 14 n’imiryango yose isigaye, umuryango umwumwe ukwawo n’abagore babo ukwabo.