Yesaya
2 Kirungika intumwa ziciye mu kiyaga,
zikajabuka amazi mu mato akozwe mu rufunzo, kikavuga giti:
«Nimugende mwa ntumwa zinyaruka,
muje kw’ihanga ry’abantu barebare kandi b’akabiri karemvye*,
ku bantu batinywa ahantu hose+,
muje kw’ihanga rikomeye kandi rinesha ayandi mahanga*,
isi yaho ikaba itwarwa n’inzuzi.»
3 Yemwe bantu aho muri hose, yemwe ababa kw’isi mwese,
muzobona ikintu kimeze nk’ikimenyetso* gishinzwe ku misozi,
mwumve ijwi rimeze nk’ijwi ry’inzamba.
4 Kuko Yehova yambwiye ati:
«Nzoguma ntekanye, ndabe ikibanza canje* ntayegayezwa,
nk’ubushuhe buca ibibatsi buzanana n’umuco w’izuba,
nk’igicu c’urume mu bushuhe bwo mu gihe c’iyimbura.
5 Kuko imbere y’uko iyimbura ritangura,
igihe ishurika rizoba ryarangiye, n’amashurwe agacika inzabibu zitanguye gusha,
imivyaro izokurwaho hakoreshejwe imihoro yo gututura,
n’uturandaranda ducibwe, dukurweho.
6 Ibiziga vyabo bizohebwa biribwe n’inyoni zihiga zo mu misozi
n’ibikoko vyo kw’isi.
Inyoni zihiga zizobimarako ici,
n’ibikoko vyose vyo kw’isi bibimareko igihe c’iyimbura.
7 Ico gihe Yehova Nyeningabo azozanirwa ingabire
ivuye mw’ihanga ry’abantu barebare kandi b’akabiri karemvye*,
ku bantu batinywa ahantu hose.
Izoza ivuye kw’ihanga rikomeye kandi rinesha ayandi mahanga*,
isi yaho ikaba itwarwa n’inzuzi.
Iyo ngabire izojanwa ahantu hitirirwa izina rya Yehova Nyeningabo, ku musozi Siyoni+.»