ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 18
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yesaya: ibirimwo

      • Ubutumwa bwo gucira urubanza Etiyopiya (1-7)

Yesaya 18:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 20:3, 4; Ezk 30:4

Yesaya 18:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ihanga rikweguye kandi risenye.»

  • *

    Canke «ihanga ry’inkomezi zidacika kandi rihonyangira hasi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 12:2, 3; 14:9; 16:8

Yesaya 18:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»

Yesaya 18:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «ndabe ndi mu kibanza canje.»

Yesaya 18:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ihanga rikweguye kandi risenye.»

  • *

    Canke «ihanga ry’inkomezi zidacika kandi rihonyangira hasi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 8:18; 24:23

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yes. 18:1Yes 20:3, 4; Ezk 30:4
Yes. 18:22Ng 12:2, 3; 14:9; 16:8
Yes. 18:7Yes 8:18; 24:23
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yesaya 18:1-7

Yesaya

18 Kiragowe igihugu c’udukoko tw’amababa tuduma,

igihugu kiri mu karere k’inzuzi za Etiyopiya+!

 2 Kirungika intumwa ziciye mu kiyaga,

zikajabuka amazi mu mato akozwe mu rufunzo, kikavuga giti:

«Nimugende mwa ntumwa zinyaruka,

muje kw’ihanga ry’abantu barebare kandi b’akabiri karemvye*,

ku bantu batinywa ahantu hose+,

muje kw’ihanga rikomeye kandi rinesha ayandi mahanga*,

isi yaho ikaba itwarwa n’inzuzi.»

 3 Yemwe bantu aho muri hose, yemwe ababa kw’isi mwese,

muzobona ikintu kimeze nk’ikimenyetso* gishinzwe ku misozi,

mwumve ijwi rimeze nk’ijwi ry’inzamba.

 4 Kuko Yehova yambwiye ati:

«Nzoguma ntekanye, ndabe ikibanza canje* ntayegayezwa,

nk’ubushuhe buca ibibatsi buzanana n’umuco w’izu⁠ba,

nk’igicu c’urume mu bushuhe bwo mu gihe c’iyimbura.

 5 Kuko imbere y’uko iyimbura ritangura,

igihe ishurika rizoba ryarangiye, n’amashurwe agacika inzabibu zitanguye gusha,

imivyaro izokurwaho hakoreshejwe imihoro yo gututura,

n’uturandaranda ducibwe, dukurweho.

 6 Ibiziga vyabo bizohebwa biribwe n’inyoni zihiga zo mu misozi

n’ibikoko vyo kw’isi.

Inyoni zihiga zizobimarako ici,

n’ibikoko vyose vyo kw’isi bibimareko igihe c’iyimbura.

 7 Ico gihe Yehova Nyeningabo azozanirwa ingabire

ivuye mw’ihanga ry’abantu barebare kandi b’akabiri karemvye*,

ku bantu batinywa ahantu hose.

Izoza ivuye kw’ihanga rikomeye kandi rinesha ayandi mahanga*,

isi yaho ikaba itwarwa n’inzuzi.

Iyo ngabire izojanwa ahantu hitirirwa izina rya Yehova Nyeningabo, ku musozi Siyoni+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika