ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Ngoma 16
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

1 Ngoma: ibirimwo

      • Isandugu bayishira mw’ihema (1-6)

      • Indirimbo ya Dawidi yo gushima (7-36)

        • «Yehova abaye Umwami!» (31)

      • Abakorera imbere y’isandugu (37-43)

1 Ngoma 16:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 8:1; 1Ng 15:1
  • +2Sm 6:17-19; 1Bm 8:5

1 Ngoma 16:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 1:3
  • +Lw 3:1

1 Ngoma 16:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Itende ni ubwoko bw’ikigazi.

1 Ngoma 16:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «bibuke.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 18:2

1 Ngoma 16:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 6:31, 39
  • +1Ng 15:18
  • +1Ng 15:21
  • +1Ng 15:17, 19

1 Ngoma 16:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «yatanga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 6:31, 39

1 Ngoma 16:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 106:1
  • +Zb 67:2; 105:1-6; Yes 12:4

1 Ngoma 16:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mumucurarangire.»

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «nimuvuge.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 23:1; Ef 5:19
  • +Zb 107:43

1 Ngoma 16:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 22:32; Yes 45:25; Yr 9:24
  • +1Ng 28:9; Fp 4:4

1 Ngoma 16:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «murondera mu maso hiwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Am 5:4; Zf 2:3
  • +Zb 24:5, 6

1 Ngoma 16:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 111:2-4

1 Ngoma 16:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 41:8
  • +Zb 135:4

1 Ngoma 16:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «zikwiragiye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 95:7
  • +Zb 105:7-11

1 Ngoma 16:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ijambo yategetse.»

  • *

    Canke «iyaruka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 7:9

1 Ngoma 16:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 15:18; 17:1, 2
  • +It 26:3-5

1 Ngoma 16:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 28:14

1 Ngoma 16:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 12:7; 17:8; 35:12
  • +Gus 32:8

1 Ngoma 16:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 34:30; Gus 26:5; Zb 105:12-15

1 Ngoma 16:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 20:1; 46:6

1 Ngoma 16:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 31:7, 42
  • +It 12:17; 20:3

1 Ngoma 16:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 20:7

1 Ngoma 16:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 40:10; 96:1-6

1 Ngoma 16:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 15:11

1 Ngoma 16:26

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 45:20; 1Kr 8:4
  • +Yes 44:24

1 Ngoma 16:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «iteka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 33:26; Zb 8:1
  • +1Tm 1:11

1 Ngoma 16:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 68:34; 96:7-13

1 Ngoma 16:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nimusenge.»

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «kubera ubwiza buhebuje bw’ubweranda bwiwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:58; Neh 9:5; Zb 148:13
  • +1Ng 29:3-5; Mt 5:23
  • +Gus 26:10

1 Ngoma 16:30

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «isi yimbuka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 104:5; Ums 1:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2005, rup. 11

1 Ngoma 16:31

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 97:1
  • +Ivh 19:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2014, rup. 10-11

1 Ngoma 16:33

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «yaje.»

1 Ngoma 16:34

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 5:13; Lk 18:19
  • +Zb 103:17; Yr 31:3; Int 3:22

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/2/2002, rup. 9

1 Ngoma 16:35

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «duhimbarwe no kugushemeza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 68:20
  • +Zb 122:4
  • +Yes 43:21

1 Ngoma 16:36

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»

  • *

    Canke «nibibe gutyo nyene.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 9

1 Ngoma 16:37

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 15:16, 17
  • +1Ng 16:4-6
  • +Kv 29:38; 2Ng 13:11; Ezr 3:4

1 Ngoma 16:39

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ikibanza gitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 12:28
  • +1Bm 3:4

1 Ngoma 16:40

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 29:39; 2Ng 2:4

1 Ngoma 16:41

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «batowe bakavugwa amazina.»

  • *

    Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 25:1
  • +1Ng 16:4
  • +2Ng 5:13; Ezr 3:11

1 Ngoma 16:42

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «vy’indirimbo z’Imana y’ukuri.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 6:31, 33; 15:16, 17
  • +1Ng 25:1, 3

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

1 Ngo. 16:11Bm 8:1; 1Ng 15:1
1 Ngo. 16:12Sm 6:17-19; 1Bm 8:5
1 Ngo. 16:2Lw 1:3
1 Ngo. 16:2Lw 3:1
1 Ngo. 16:4Gh 18:2
1 Ngo. 16:51Ng 6:31, 39
1 Ngo. 16:51Ng 15:18
1 Ngo. 16:51Ng 15:21
1 Ngo. 16:51Ng 15:17, 19
1 Ngo. 16:71Ng 6:31, 39
1 Ngo. 16:8Zb 106:1
1 Ngo. 16:8Zb 67:2; 105:1-6; Yes 12:4
1 Ngo. 16:92Sm 23:1; Ef 5:19
1 Ngo. 16:9Zb 107:43
1 Ngo. 16:10Lw 22:32; Yes 45:25; Yr 9:24
1 Ngo. 16:101Ng 28:9; Fp 4:4
1 Ngo. 16:11Am 5:4; Zf 2:3
1 Ngo. 16:11Zb 24:5, 6
1 Ngo. 16:12Zb 111:2-4
1 Ngo. 16:13Yes 41:8
1 Ngo. 16:13Zb 135:4
1 Ngo. 16:14Zb 95:7
1 Ngo. 16:14Zb 105:7-11
1 Ngo. 16:15Gus 7:9
1 Ngo. 16:16It 15:18; 17:1, 2
1 Ngo. 16:16It 26:3-5
1 Ngo. 16:17It 28:14
1 Ngo. 16:18It 12:7; 17:8; 35:12
1 Ngo. 16:18Gus 32:8
1 Ngo. 16:19It 34:30; Gus 26:5; Zb 105:12-15
1 Ngo. 16:20It 20:1; 46:6
1 Ngo. 16:21It 31:7, 42
1 Ngo. 16:21It 12:17; 20:3
1 Ngo. 16:22It 20:7
1 Ngo. 16:23Zb 40:10; 96:1-6
1 Ngo. 16:25Kv 15:11
1 Ngo. 16:26Yes 45:20; 1Kr 8:4
1 Ngo. 16:26Yes 44:24
1 Ngo. 16:27Gus 33:26; Zb 8:1
1 Ngo. 16:271Tm 1:11
1 Ngo. 16:28Zb 68:34; 96:7-13
1 Ngo. 16:29Gus 28:58; Neh 9:5; Zb 148:13
1 Ngo. 16:291Ng 29:3-5; Mt 5:23
1 Ngo. 16:29Gus 26:10
1 Ngo. 16:30Zb 104:5; Ums 1:4
1 Ngo. 16:31Zb 97:1
1 Ngo. 16:31Ivh 19:6
1 Ngo. 16:342Ng 5:13; Lk 18:19
1 Ngo. 16:34Zb 103:17; Yr 31:3; Int 3:22
1 Ngo. 16:35Zb 68:20
1 Ngo. 16:35Zb 122:4
1 Ngo. 16:35Yes 43:21
1 Ngo. 16:371Ng 15:16, 17
1 Ngo. 16:371Ng 16:4-6
1 Ngo. 16:37Kv 29:38; 2Ng 13:11; Ezr 3:4
1 Ngo. 16:391Ng 12:28
1 Ngo. 16:391Bm 3:4
1 Ngo. 16:40Kv 29:39; 2Ng 2:4
1 Ngo. 16:411Ng 25:1
1 Ngo. 16:411Ng 16:4
1 Ngo. 16:412Ng 5:13; Ezr 3:11
1 Ngo. 16:421Ng 6:31, 33; 15:16, 17
1 Ngo. 16:421Ng 25:1, 3
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
  • 38
  • 39
  • 40
  • 41
  • 42
  • 43
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
1 Ngoma 16:1-43

Ngoma za mbere

16 Bazana rero ya sandugu y’Imana y’ukuri, bayishira mw’ihema Dawidi yari yayiteguriye+. Baca bashikanira imbere y’Imana y’ukuri amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira+. 2 Dawidi arangije gushikana ivyo bimazi biturirwa+ n’ivyo gusangira+, aca ahezagira abantu mw’izina rya Yehova. 3 Vyongeye Abisirayeli bose, baba abagabo canke abagore, umwe wese amuha umukate w’umuzingi n’akantu ko kurya gakozwe mu vyamwa vy’itende* n’agakozwe mu nzabibu zumye. 4 Maze atora bamwe mu Balewi ngo bakorere imbere y’isandugu ya Yehova+, ngo batere iteka* Yehova Imana ya Isirayeli, bamukengurukire bongere bamushemeze. 5 Asafu+ ni we yari umukuru agakurikirwa na Zakariya. Yeyeli, Shemiramoti, Yehiyele, Matitiya, Eliyabu, Benaya, Obedi-Edomu na Yeyeli+ bavuza ibicurarangisho vy’imirya n’inanga+. Asafu yavuza ivyuma bisama+, 6 abaherezi Benaya na Yahaziyeli na bo bakama bavuza inzumbete imbere y’isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri.

7 Kuri uwo musi ni ho Dawidi yatunganya* ari bwo bwa mbere indirimbo yo gushemeza Yehova biciye kuri Asafu+ na benewabo ati:

8 «Nimukengurukire Yehova+, mwambaze izina ryiwe.

Nimumenyeshe ibikorwa vyiwe mu mahanga+.

9 Nimumuririmbire, mumuririmbire amashemezo*+.

Nimuzirikane* ibikorwa vyiwe vyose bitangaje+.

10 Nimwiratire izina ryiwe ryeranda+.

Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+.

11 Nimurondere Yehova+ n’inkomezi ziwe.

Nimugume murondera gushimwa na we*+.

12 Nimwibuke ibikorwa bitangaje yakoze+,

mwibuke ibitangaro yakoze n’imanza yaciye,

13 yemwe ruvyaro* rw’umusavyi wiwe Isirayeli+,

yemwe bahungu ba Yakobo, abo yitoreye+.

14 Ni Yehova Imana yacu+.

Imanza ziwe zikora* mw’isi yose+.

15 Nimwibuke isezerano ryiwe ibihe bidahera,

mwibuke umuhango yatanze*, gushika ku runganwe* rugira igihumbi+.

16 Nimwibuke isezerano yagiraniye na Aburahamu+,

n’indahiro yarahiye Izahaki+.

17 Iyo ndahiro yayigize itegeko kuri Yakobo+,

ayigira isezerano ryamaho kuri Isirayeli,

18 avuga ati: “Nzoguha igihugu ca Kanani+,

kibe intoranwa yawe+.”

19 Ico gihe bari bake,

emwe bake cane, kandi bari abanyamahanga muri ico gihugu+.

20 Bava mw’ihanga rimwe baja mu rindi,

bakava mu bwami bumwe baja mu bundi+.

21 Ntiyemeye ko hagira umuntu n’umwe abacinyiza+,

ahubwo yarakosoye abami kubera bo+,

22 ababwira ati: “Ntimukore ku bo narobanuye*,

kandi ntihagire ikibi na kimwe mukorera abahanuzi banje+.”

23 Nimuririmbire Yehova, yemwe abo kw’isi mwese!

Uko bukeye, nimutangaze ubukiriro atanga+!

24 Nimumenyekanishe ubuninahazwa bwiwe mu mahanga,

mumenyekanishe ibikorwa vyiwe bitangaje mu makungu yose.

25 Kuko Yehova ahambaye kandi akaba abereye gushemezwa cane.

Arateye akoba gusumba izindi mana zose+.

26 Imana zose z’amahanga ni imana ata co zimaze+,

mugabo Yehova ni we yaremye* ijuru+.

27 Icubahiro* n’ubwiza buhebuje biri imbere yiwe+.

Inkomezi n’akanyamuneza bibarizwa aho aba+.

28 Yemwe miryango y’amahanga, nimuhe Yehova ivyo akwiriye.

Nimuhe Yehova ivyo akwiriye kubera ubuninahazwa bwiwe n’inkomezi ziwe+.

29 Nimuhe Yehova ubuninahazwa bubereye izina ryiwe+.

Nimurenguke imbere yiwe muzanye ingabire+.

Nimwunamire* Yehova mwambaye ivyambarwa vyeranda*+.

30 Nimujugumire imbere yiwe, yemwe abo kw’isi mwese!

Isi* yarashimangiwe, ntishobora kunyiganyizwa+.

31 Ijuru nirihimbarwe, isi na yo inezerwe+.

Nimutangaze mu mahanga muti: “Yehova abaye Umwami+!”

32 Ikiyaga n’ibicuzuye vyose nibituragare.

Imirima n’ibiyirimwo vyose nibinezerwe.

33 Ibiti vyo mw’ishamba na vyo nyene nibivuze impundu imbere ya Yehova,

kuko aje* gucira urubanza isi.

34 Nimukengurukire Yehova kuko ari mwiza+.

Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.

35 Nimuvuge muti: “Dukize, ewe Mana y’ubukiriro bwacu+,

udukoranye maze udukure mu mahanga,

kugira dutazire izina ryawe ryeranda+

kandi tugushemeze twigina*+.

36 Yehova Imana ya Isirayeli nashemezwe

gushika ibihe bidahera*.”»

Abantu bose baca bavuga bati: «Amen*!», maze bashemeza Yehova.

37 Maze Dawidi asiga Asafu+ na benewabo ng’aho imbere y’isandugu y’isezerano rya Yehova ngo babandanye gukorera imbere y’iyo sandugu+, nk’uko bisanzwe bigirwa buri musi+. 38 Obedi-Edomu na benewabo 68, na Obedi-Edomu mwene Yedutuni na Hosa bari abarinzi b’amarembo. 39 Umuherezi Sadoki+ n’abaherezi bagenziwe na bo yabasize imbere y’ihema ryeranda rya Yehova ryari mu kibanza co gusengeramwo* cari i Gibeyoni+, 40 kugira ngo bame bashikanira Yehova mu gitondo no ku mugoroba amashikanwa aturirwa ku gicaniro c’amashikanwa aturirwa, no kugira ngo bitwararike ibintu vyose vyanditswe mu mategeko Yehova yahaye Isirayeli+. 41 Bari kumwe na Hemani na Yedutuni+ n’abandi bagabo bari batowe* ngo bakengurukire Yehova+, kuko urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+. 42 Hemani+ na Yedutuni bari bajejwe kuvuza inzumbete, ivyuma bisama n’ibindi bicurarangisho bakoresha mu gushemeza Imana y’ukuri*. Bene Yedutuni+ bari bajejwe irembo. 43 Maze abantu bose barataha, Dawidi na we aja guhezagira abo mu rugo rwiwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika