Abalewi
12 Yehova yongera kubarira Musa ati: 2 «Bwira Abisirayeli uti: “Umugore niyasama inda hanyuma akavyara umuhungu, azomara imisi indwi ahumanye nka kurya bigenda ari mu misi y’ubutinyanka*+. 3 Ku musi ugira umunani, uwo mwana azogenyerwa*+. 4 Mu misi 33 ikurikira, uwo mugore azoguma yihumanura kubera amaraso yatakaje. Ntakwiye gukora ku kintu na kimwe ceranda canke ngo yinjire ahantu heranda imisi yiwe yo kwihumanura itarahera.
5 Niyavyara umukobwa, azomara imisi 14 ahumanye nka kurya bigenda ari mu butinyanka. Mu misi 66 ikurikira, azoguma yihumanura kubera amaraso yatakaje. 6 Niyaheza imisi yo kwihumanura ku bw’umuhungu canke umukobwa, azoca azana isuguru y’intama y’ishikanwa riturirwa+ imaze umwaka canke udashika hamwe n’inuma ikiri nto canke intunguru y’ishikanwa ry’igicumuro. Azobizanira umuherezi ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro. 7 Umuherezi azoca abizana imbere ya Yehova hanyuma amutangire impongano*, kandi azoba ahumanuwe ukuvirirana kwiwe. Iryo ni ryo tegeko ryerekeye umugore yavyaye umuhungu canke umukobwa. 8 Ariko nimba adashobora kuronka intama, azoca azana intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto+, imwe ibe ishikanwa riturirwa, iyindi ibe ishikanwa ry’igicumuro. Umuherezi azomutangira impongano, kandi azohumanuka.”»