Samweli wa kabiri
9 Maze Dawidi avuga ati: «Nta woba agisigaye mu muryango wa Sawuli ngo ndamugirire neza* kubera Yonatani+?» 2 Hari umusuku yitwa Ziba+ yakorera umuryango wa Sawuli. Bamuzana ku mwami Dawidi, maze amubaza ati: «Ni wewe Ziba?» Na we ati: «Ni jewe, databuja.» 3 Umwami yongera kumubaza ati: «Hari uwoba agisigaye mu muryango wa Sawuli ngo ndamwereke urukundo rudahera* nk’urw’Imana?» Ziba amwishura ati: «Haracariho umuhungu wa Yonatani amugaye ibirenge*+.» 4 Umwami amubaza ati: «Ari hehe?» Ziba yishura umwami ati: «Ari i Lo-Debari kwa Makiri+ mwene Amiyeli.»
5 Umwami Dawidi aca atuma uwuja kumutora i Lo-Debari kwa Makiri mwene Amiyeli. 6 Mefibosheti mwene Yonatani, Yonatani mwene Sawuli, yinjira aho Dawidi ari aca arunama mu maso hiwe hashika hasi. Maze Dawidi avuga ati: «Mefibosheti!» Na we ati: «Sabwe databuja.» 7 Dawidi aca amubwira ati: «Ntutinye kuko ntazobura kukugirira neza*+ kubera so wawe Yonatani. Nzogusubiza n’amatongo yose ya sogokuru wawe Sawuli, kandi uzokwama ufungurira* ku meza yanje+.»
8 Mefibosheti asubira kwunama avuga ati: «Mbaye nde ga databuja ngo unyitwararike* kandi ndi imbwa ipfuye+?» 9 Umwami aca atumako Ziba umusuku wa Sawuli, amubwira ati: «Ibintu vyose vyahora ari ivya Sawuli n’umuryango wiwe wose, ndabihaye umwuzukuru wa shobuja+. 10 Wewe n’abahungu bawe n’abasuku bawe muzorimira umwuzukuru wa shobuja mwongere muzane ivyo mwimbuye kugira abo mu muryango wiwe baronke ivyo bafungura. Mefibosheti umwuzukuru wa shobuja wewe, azokwama afungurira ku meza yanje+.»
Ziba yari afise abahungu 15 n’abasuku 20+. 11 Ziba yishura umwami ati: «Mwami, jewe umusuku wawe nzokora ivyo untegetse vyose.» Mefibosheti atangura kuza arafungurira ku meza ya Dawidi* nk’umwana w’umwami. 12 Nuko ababa mu rugo rwa Ziba bose baba abasuku ba Mefibosheti. Kandi Mefibosheti yari afise umuhungu akiri muto yitwa Mika+. 13 Mefibosheti aca aba i Yeruzalemu kuko yama afungurira ku meza y’umwami+. Yari amugaye ibirenge+.