ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 19
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Samweli: ibirimwo

      • Dawidi aririra Abusalomu (1-4)

      • Yowabu akebura Dawidi (5-8a)

      • Dawidi asubira i Yeruzalemu (8b-15)

      • Shimeyi asaba imbabazi (16-23)

      • Dawidi amenya ko Mefibosheti ata kibi yakoze (24-30)

      • Dawidi atera iteka Baruzilayi (31-40)

      • Impari mu miryango yo muri Isirayeli (41-43)

2 Samweli 19:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 18:5, 14

2 Samweli 19:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ubukiriro.»

2 Samweli 19:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 17:24

2 Samweli 19:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 18:33

2 Samweli 19:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 3:2-5; 5:14-16
  • +2Sm 13:1
  • +2Sm 5:13; 15:16

2 Samweli 19:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «kubwira umutima.»

2 Samweli 19:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 18:17

2 Samweli 19:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 17:50; 18:7; 19:5; 2Sm 5:25; 8:5
  • +2Sm 15:14

2 Samweli 19:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «twarobanuje amavuta.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 15:10, 12
  • +2Sm 18:14

2 Samweli 19:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 8:17; 15:25; 1Bm 1:8
  • +1Sm 22:20; 30:7; 2Sm 15:24; 1Ng 15:11, 12
  • +2Sm 2:4

2 Samweli 19:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «muri igufa ryanje n’umubiri wanje.»

2 Samweli 19:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 17:25; 1Ng 2:16, 17
  • +2Sm 8:16; 18:5, 14

2 Samweli 19:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «Amasa.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «agonda imitima.»

2 Samweli 19:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 5:9; 1Sm 11:14

2 Samweli 19:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 16:5; 1Bm 2:8, 9

2 Samweli 19:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 9:2, 10; 16:1

2 Samweli 19:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «bajabuka.»

2 Samweli 19:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 16:5

2 Samweli 19:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 23:18
  • +2Sm 2:18
  • +Kv 22:28; 2Sm 16:7; 1Bm 21:13

2 Samweli 19:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 3:39; 16:10

2 Samweli 19:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 2:8, 9

2 Samweli 19:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 9:3, 6; 16:3, 4

2 Samweli 19:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «avuye.»

2 Samweli 19:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 4:4
  • +2Sm 9:9

2 Samweli 19:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 19:16; 2Sm 16:3

2 Samweli 19:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 9:7-10

2 Samweli 19:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 16:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    8/2018, rup. 6

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2005, rup. 18

2 Samweli 19:31

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 17:27-29; 1Bm 2:7

2 Samweli 19:32

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 3:27

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    9/2018, rup. 9

2 Samweli 19:33

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 11:25

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2007, rup. 14

2 Samweli 19:34

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «imisi y’imyaka.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2007, rup. 14

2 Samweli 19:35

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 90:10
  • +Ums 2:8

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    9/2018, rup. 9-10

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    1/2017, rup. 23

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2007, rup. 14-15

2 Samweli 19:37

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 50:13
  • +1Bm 2:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2007, rup. 14-15

2 Samweli 19:39

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 31:55; 1Sm 20:41; Ivk 20:37

2 Samweli 19:40

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 11:14
  • +2Sm 2:4

2 Samweli 19:41

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 8:1; 12:1; 2Sm 19:15

2 Samweli 19:42

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 78:68, 70

2 Samweli 19:43

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «bakara kuruta.»

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Sam. 19:12Sm 18:5, 14
2 Sam. 19:32Sm 17:24
2 Sam. 19:42Sm 18:33
2 Sam. 19:52Sm 3:2-5; 5:14-16
2 Sam. 19:52Sm 13:1
2 Sam. 19:52Sm 5:13; 15:16
2 Sam. 19:82Sm 18:17
2 Sam. 19:91Sm 17:50; 18:7; 19:5; 2Sm 5:25; 8:5
2 Sam. 19:92Sm 15:14
2 Sam. 19:102Sm 15:10, 12
2 Sam. 19:102Sm 18:14
2 Sam. 19:112Sm 8:17; 15:25; 1Bm 1:8
2 Sam. 19:111Sm 22:20; 30:7; 2Sm 15:24; 1Ng 15:11, 12
2 Sam. 19:112Sm 2:4
2 Sam. 19:132Sm 17:25; 1Ng 2:16, 17
2 Sam. 19:132Sm 8:16; 18:5, 14
2 Sam. 19:15Yos 5:9; 1Sm 11:14
2 Sam. 19:162Sm 16:5; 1Bm 2:8, 9
2 Sam. 19:172Sm 9:2, 10; 16:1
2 Sam. 19:192Sm 16:5
2 Sam. 19:212Sm 23:18
2 Sam. 19:212Sm 2:18
2 Sam. 19:21Kv 22:28; 2Sm 16:7; 1Bm 21:13
2 Sam. 19:222Sm 3:39; 16:10
2 Sam. 19:231Bm 2:8, 9
2 Sam. 19:242Sm 9:3, 6; 16:3, 4
2 Sam. 19:262Sm 4:4
2 Sam. 19:262Sm 9:9
2 Sam. 19:27Lw 19:16; 2Sm 16:3
2 Sam. 19:282Sm 9:7-10
2 Sam. 19:292Sm 16:4
2 Sam. 19:312Sm 17:27-29; 1Bm 2:7
2 Sam. 19:32Img 3:27
2 Sam. 19:33Img 11:25
2 Sam. 19:35Zb 90:10
2 Sam. 19:35Ums 2:8
2 Sam. 19:37It 50:13
2 Sam. 19:371Bm 2:7
2 Sam. 19:39It 31:55; 1Sm 20:41; Ivk 20:37
2 Sam. 19:401Sm 11:14
2 Sam. 19:402Sm 2:4
2 Sam. 19:41Abc 8:1; 12:1; 2Sm 19:15
2 Sam. 19:42Zb 78:68, 70
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
  • 36
  • 37
  • 38
  • 39
  • 40
  • 41
  • 42
  • 43
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Samweli 19:1-43

Samweli wa kabiri

19 Yowabu bamumenyesha bati: «Umwami ariko araririra Abusalomu kandi aramugandariye+.» 2 Intsinzi* y’uwo musi ihinduka ikigandaro ku basoda bose kubera ko bumvise yuko umwami yariko araririra umuhungu wiwe. 3 Kuri uwo musi abasoda bagaruka mu gisagara+ mu gacerere, nka kurya abahunze urugamba bataha bamaramaye. 4 Umwami yitwikira mu maso, aguma aboroga avuga ati: «Mwananje Abusalomu, Abusalomu mwananje, mwananje+!»

5 Maze Yowabu yinjira aho umwami ari mu nzu, amubwira ati: «Uno musi uramaramaje abasuku bawe bose kandi ari bo bagukijije, bagakiza n’abahungu bawe+, n’abakobwa bawe+, n’abagore bawe, n’incoreke zawe+. 6 Ukunda abakwanka, ukanka abagukunda. Uyu musi urerekanye neza yuko intwazangabo zawe n’abasoda bawe ata co bavuze kuri wewe. Ndazi neza ko iyo Abusalomu aba akiriho uyu musi, natwe twapfuye, vyari kuguhimbara. 7 Va hasi rero usohoke, uje guhumuriza* ingabo zawe. Nutabigira, ndakurahiye Yehova yuko ata muntu n’umwe aza kugumana nawe muri iri ijoro. Kandi ivyo birakubera bibi kuruta ivyago vyose vyagushikiye kuva ukiri muto gushika ubu.» 8 Umwami arahaguruka rero aja kwicara kw’irembo ry’igisagara, maze abantu bose bamenyeshwa ko umwami yicaye kw’irembo. Nuko bose baza imbere yiwe.

Nayo ingabo z’Abisirayeli zari zahunze, umwe wese aja iwe+. 9 Mu miryango yose ya Isirayeli baguma baharira bavuga bati: «Umwami yadukijije abansi bacu+, adukiza n’Abafilisitiya. None ubu yarahunze igihugu kubera Abusalomu+. 10 Nayo Abusalomu, uwo twimitse* ngo atubere umwami+, yaguye ku rugamba+. Kubera iki none ata kiriko kirakorwa ngo umwami agaruke?»

11 Umwami Dawidi arungikira ubutumwa abaherezi Sadoki+ na Abiyatari+ ati: «Mubwire abashingantahe bo mu muryango wa Yuda+ muti: “Kubera iki mushaka kuba aba nyuma mu kugarukana umwami ku kirimba? Erega hari ubutumwa bwansanze aho mba bumenyesha ko iyindi miryango yose ya Isirayeli ishaka ko umwami agaruka. 12 Mwebwe muri benewacu, dusangiye amaraso*. Kubera iki none mwoba aba nyuma mu kugarukana umwami?” 13 Amasa+ na we mumubwire muti: “Mbega ntidusangiye amaraso? Imana impane bimwe bikomeye nintakugira umukuru w’ingabo mu gishingo ca Yowabu+ kuva ubu.”»

14 Nuko umwami* ajijura* abantu bose bo mu muryango wa Yuda ku buryo bose hamwe bamurungikira ubutumwa bugira buti: «Garuka, wewe n’abasuku bawe bose.»

15 Umwami afata urugendo rwo kugaruka, ashika kuri Yorodani. Abo mu muryango wa Yuda na bo baza i Gilugali+ gusanganira umwami no kumujabutsa Yorodani. 16 Maze Shimeyi+ mwene Gera, wa Mubenyamini w’i Bahurimu, amanuka ningoga gusanganira umwami Dawidi ari kumwe n’abo mu muryango wa Yuda. 17 Yari kumwe kandi n’Ababenyamini 1.000. Wa musuku wo mu muryango wa Sawuli yitwa Ziba+ na we nyene yihutira kumanuka ku ruzi Yorodani ngo asanganire umwami. Yari kumwe n’abahungu biwe 15 n’abasuku biwe 20. 18 Maze ajabuka* uruzi kugira ngo afashe abo mu rugo rw’umwami kujabuka, akore n’ivyo umwami yipfuza vyose. Umwami agira ajabuke Yorodani, Shimeyi mwene Gera aramwunamira ashika hasi. 19 Abwira umwami ati: «Databuja, mwami wanje, ntumparureko ikosa kandi ntiwibuke ikibi jewe umusuku wawe nagukoreye+ igihe wava i Yeruzalemu. Ndagusavye ntugishireko umutima. 20 Databuja, ndazi neza yuko nacumuye. Ni co gituma mu muryango wose wa Yozefu ari jewe natanguye kuza kugusanganira mwami.»

21 Abishayi+ mwene Zeruwiya+ aca avuga ati: «Shimeyi yari akwiye kwicwa kubera yavumye uwo Yehova yarobanuje amavuta+.» 22 Mugabo Dawidi avuga ati: «Mbega yemwe bene Zeruwiya+, ivyo birabaraba? Kubera iki uyu musi mushaka kundwanya? Nta n’umwe agenda yishwe muri Isirayeli uyu musi. Erega ndazi neza ko ndi umwami wa Isirayeli.» 23 Umwami aca abwira Shimeyi ati: «Ntupfa.» Maze umwami aramurahira+.

24 Mefibosheti+ wa mwuzukuru wa Sawuli, na we nyene aza gusanganira umwami. Kuva umusi umwami yagenda gushika agarutse amahoro, Mefibosheti ntiyigeze agirira isuku ibirenge vyiwe canke ngo amwe ubwanwa bwo haruguru, canke ngo amese impuzu ziwe. 25 Ashitse* i Yeruzalemu gusanganira umwami, umwami amubaza ati: «Kubera iki utajanye nanje ga Mefibosheti?» 26 Na we avuga ati: «Mwami wanje, databuja, urazi yuko mugaye+. Rero nabwiye umusuku wanje+ nti: “Ntegurira indogobwa ngenderako kugira njane n’umwami.” Ariko yarampenze. 27 Mwami wanje, databuja, yaciye aza iwawe arambeshera+. Mugabo mwami wanje, umeze nk’umumarayika w’Imana y’ukuri. Nukore rero ico ubona ko kibereye. 28 Abo mu muryango wa dawe bose wari kubacira urwo gupfa mwami wanje, mugabo jewe umusuku wawe wanshize mu bafungurira ku meza yawe+. Hari ikirenze ivyo nokwubahuka gusaba umwami?»

29 Mugabo umwami amwishura ati: «Geza aho nakwumvise. Wewe na Ziba muzogabura amatongo. Iyo ni yo ngingo mfashe+.» 30 Mefibosheti aca abwira umwami ati: «Nashake ayatware yose, kizima umwami wanje yagarutse iwe amahoro.»

31 Baruzilayi+ Umunyagileyadi yari yamanutse avuye i Rogelimu kugira aherekeze umwami gushika ku ruzi Yorodani. 32 Baruzilayi yari ashaje cane, akaba yari afise imyaka 80. Yari atunze cane kandi igihe umwami yari i Mahanayimu+, Baruzilayi yaramuronkeje ibifungurwa. 33 Umwami amubwira rero ati: «Ingo tujabukane. Uzohora ufungurira ku meza yanje i Yeruzalemu+.» 34 Mugabo Baruzilayi yishura umwami ati: «Nsigaje imisi* ingahe yo kubaho, aho nojana nawe i Yeruzalemu ga mwami? 35 Raba mfise imyaka 80+. Noba ngishobora gutandukanya ikintu ciza n’ikitari ciza? Jewe umusuku wawe noba ngishobora kwumva uburyohe bw’ivyo mfungura n’ivyo nywa? Noba ngishobora kwumva ijwi ry’abaririmvyi b’abagabo canke b’abagore+? Kubera iki none jewe umusuku wawe nokwirirwa ndakubera umuzigo ga mwami? 36 Kuguherekeza gushika kuri Yorodani vyonyene, ni iteka mwami. Kubera iki none mwami wokwirirwa uranyishura ineza ingana ukuraho? 37 Ndagusavye databuja ureke nsubire inyuma, nje gupfira mu gisagara iwacu hafi y’aho data na mama bahambwe+. Mugabo uyu musuku wawe Kimuhamu+ murashobora kujabukana mwami. Uze umukorere ico ubona ko kibereye.»

38 Umwami na we amubwira ati: «Kimuhamu naze tujabukane. Kandi ico ushima ko ndamukorera nzokimukorera. Mbarira ico wipfuza cose nzogikora.» 39 Abantu bose batangura rero kujabuka Yorodani. Umwami agira ajabuke abanza gusoma Baruzilayi+ aramuhezagira. Baruzilayi aca asubira iwe. 40 Maze umwami arajabuka aja i Gilugali+. Yari kumwe na Kimuhamu hamwe n’abo mu muryango wa Yuda bose, n’ica kabiri c’abandi Bisirayeli bajabukanye na we+.

41 Maze abo mu yindi miryango yose y’Abisirayeli baraza babwira umwami bati: «Kubera iki benewacu bo mu muryango wa Yuda bakuzanye mu mpisho, wewe n’abo mu rugo rwawe n’ingabo zawe zose, bakabajabukana Yorodani+?» 42 Abo mu muryango wa Yuda bose babishura bati: «Mwibagiye yuko umwami ari incuti yacu+? None mushavujwe n’iki? Erega nta ndya z’umwami turya kandi nta n’ingabire aduha.»

43 Ariko abo mu yindi miryango ya Isirayeli bishura abo mu muryango wa Yuda bati: «Turi imiryango cumi. Umwami Dawidi ni twebwe rero tumufiseko uburenganzira kubarusha. Kubera iki none mwatugaye? Si twebwe none twari kugarukana umwami wacu mu ba mbere?» Mugabo abo mu muryango wa Yuda batsinda* abo Bisirayeli bandi muri izo mpari.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika