ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 28
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Ibizoshikira umwami wa Tiro (1-10)

        • «Ndi imana» (2, 9)

      • Akaririmbo k’intimba ku mwami wa Tiro (11-19)

        • «Wari muri Edeni» (13)

        • «Umukerubi yarobanuwe ngo akingire» (14)

        • «Watanguye gukora ibitagororotse» (15)

      • Ibizoshikira Sidoni (20-24)

      • Abisirayeli bazogarukanwa (25, 26)

Ezekiyeli 28:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 28:5
  • +Ezk 27:4

Ezekiyeli 28:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Dn 2:48

Ezekiyeli 28:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zk 9:3

Ezekiyeli 28:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 23:1, 3; Ezk 27:12

Ezekiyeli 28:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 30:10, 11
  • +Yes 23:9

Ezekiyeli 28:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu mva.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 27:26

Ezekiyeli 28:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Kugenyera hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).

Ezekiyeli 28:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ikidodo cerekana icitegererezo ni we wagishirako.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 28:3
  • +Ezk 27:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2005, rup. 23-24

Ezekiyeli 28:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 27:16

Ezekiyeli 28:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 14:13

Ezekiyeli 28:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yw 3:4; Am 1:9

Ezekiyeli 28:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 10:11; 2Ng 9:21; Ezk 27:12
  • +Yw 3:6
  • +Yes 23:9; Yr 25:17, 22; 47:4; Yw 3:8

Ezekiyeli 28:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 27:3
  • +Yes 14:14
  • +Yes 14:15

Ezekiyeli 28:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Am 1:9, 10

Ezekiyeli 28:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 27:35
  • +Ezk 27:36

Ezekiyeli 28:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 23:4; Yr 25:17, 22; Ezk 32:30

Ezekiyeli 28:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 26:6

Ezekiyeli 28:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 33:55; Yos 23:12, 13

Ezekiyeli 28:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 30:3; Yes 11:12; Yr 30:18; Hs 1:11
  • +Yes 5:16
  • +Yr 23:8
  • +It 28:13

Ezekiyeli 28:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 32:18; Yr 23:6; Hs 2:18
  • +Yes 65:21, 22; Yr 31:5; Am 9:14
  • +Yr 30:16

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 28:2Ezk 28:5
Ezk. 28:2Ezk 27:4
Ezk. 28:3Dn 2:48
Ezk. 28:4Zk 9:3
Ezk. 28:5Yes 23:1, 3; Ezk 27:12
Ezk. 28:7Ezk 30:10, 11
Ezk. 28:7Yes 23:9
Ezk. 28:8Ezk 27:26
Ezk. 28:12Ezk 28:3
Ezk. 28:12Ezk 27:3
Ezk. 28:13Ezk 27:16
Ezk. 28:14Yes 14:13
Ezk. 28:15Yw 3:4; Am 1:9
Ezk. 28:161Bm 10:11; 2Ng 9:21; Ezk 27:12
Ezk. 28:16Yw 3:6
Ezk. 28:16Yes 23:9; Yr 25:17, 22; 47:4; Yw 3:8
Ezk. 28:17Ezk 27:3
Ezk. 28:17Yes 14:14
Ezk. 28:17Yes 14:15
Ezk. 28:18Am 1:9, 10
Ezk. 28:19Ezk 27:35
Ezk. 28:19Ezk 27:36
Ezk. 28:21Yes 23:4; Yr 25:17, 22; Ezk 32:30
Ezk. 28:23Ezk 26:6
Ezk. 28:24Gh 33:55; Yos 23:12, 13
Ezk. 28:25Gus 30:3; Yes 11:12; Yr 30:18; Hs 1:11
Ezk. 28:25Yes 5:16
Ezk. 28:25Yr 23:8
Ezk. 28:25It 28:13
Ezk. 28:26Yes 32:18; Yr 23:6; Hs 2:18
Ezk. 28:26Yes 65:21, 22; Yr 31:5; Am 9:14
Ezk. 28:26Yr 30:16
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 28:1-26

Ezekiyeli

28 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, bwira indongozi ya Tiro uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati:

‘Kubera ko umutima wawe usigaye wibona+, uguma uvuga ngo: “Ndi imana.

Nicaye ku ntebe y’imana hagati mu kiyaga+.”

Mugabo uri umuntu buntu, nturi imana,

naho mu mutima wawe wiyumvira ko uri imana.

 3 Aho rero ngo urusha Daniyeli+ ubukerebutsi,

ukibaza ko ata kinyegezwa kibaho kuri wewe!

 4 Biciye ku bukerebutsi bwawe no ku gutahura kwawe wabaye umutunzi,

kandi uguma wegeranya inzahabu n’ifeza mu bigega vyawe+.

 5 Kubera ko ukerebutse mu vy’urudandaza+,

waratunze cane maze umutima wawe ugira ubwibone kubera ubutunzi ufise.’”

6 “Umukama Segaba Yehova avuze rero ati:

‘Kubera ko wiyumvira ko uri imana mu mutima wawe,

 7 ngira ndagushuhurireko abanyamahanga bo mw’ihanga rikaze kuruta ayandi+.

Bazosokora inkota zabo batikize ibintu vyose vyiza waronse biciye ku bukerebutsi bwawe,

bahumanye ubwiza bwawe bw’agatangaza+.

 8 Bazokumanukana mu cobo*,

kandi uzopfa urupfu rubi, uri iyo kure hagati mu kiyaga+.

 9 Woba uzoba ukivuga ko uri imana, ubwira uwukwica?

Imbere y’abaguhumanya, uzoba uri umuntu buntu, ntuzoba uri imana.’”

10 “Abanyamahanga bazokwica urupfu nk’urw’abatagenyerewe*,

kuko ari jewe ndabivuze”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

11 Yehova yongera kumbwira ati: 12 «Mwana w’umuntu, ririmba akaririmbo k’intimba ku bijanye n’umwami wa Tiro, umubwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati:

‘Wari akarorero mu bijanye no kutagira akanenge*,

ufise ubukerebutsi bwinshi+ n’ubwiza butagira akanenge+.

13 Wari muri Edeni, rya tongo ry’Imana.

Wari wuzuyeko amabuye y’agaciro yose:

uri ayitwa rubi, topazi, yasipi, kirizolito, onigisi, yade, safiro, tirikwaze+ na emerode.

Ayo mabuye yose yari ateretse mu tuntu tw’inzahabu.

Vyateguwe ku musi waremeweko.

14 Nakugize umukerubi yarobanuwe* ngo akingire.

Wari ku musozi mweranda w’Imana+, kandi wagendagenda hagati y’amabuye yaka umuriro.

15 Wagumye uri intungane kuva umusi waremwa

gushika utanguye gukora ibitagororotse+.

16 Kubera ko wakora cane urudandaza+,

iwawe haragwiriye ubukozi bw’ikibi, utangura gucumura+.

Ewe mukerubi ukingira, nzokwirukana rero ku musozi w’Imana nk’umuntu ahumanye, ndakurandure+,

uve hagati y’amabuye yaka umuriro.

17 Ubwiza bwawe bwatumye ugira ubwibone mu mutima+.

Warononye ubukerebutsi bwawe kubera ubwiza bwawe bw’agatangaza+.

Nzoguterera hasi+,

ndakugire akabarore imbere y’abami.

18 Kubera amakosa yawe menshi n’urudandaza rwawe rurimwo ububeshi, warahumanije ibibanza vyawe vyeranda.

Nzotuma umuriro waduka hagati muri wewe, ugufyete+.

Nzoguhindura iminyota kw’isi, mu maso y’abakwitegereza bose.

19 Abari bakuzi bose mu mahanga bazokuraba bumiwe+.

Iherezo ryawe rizoza bukwi na bukwi, kandi rizoba riteye ubwoba.

Ntuzopfa wongeye kubaho+.’”»

20 Yehova yongera kumbwira ati: 21 «Mwana w’umuntu, hindukiza amaso urabe i Sidoni+, uvuge ubuhanuzi bw’ibizohashikira. 22 Uvuge uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati:

‘Ngira nkurwanye, ewe Sidoni, ninahazwe hagati muri wewe.

Abantu bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova ninashitsa urubanza namuciriye, nkerekana ko ndi mweranda biciye kuri we.

23 Nzomurungikamwo ikiza, amaraso aseseke mu mabarabara yiwe.

Inkota niyamutera impande zose, abantu bazopfa, bagwe hagati muri we.

Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.

24 Ico gihe Abisirayeli ntibazokwongera gukikuzwa n’ibihandambwa bicumita canke amahwa ababaza+, ba bandi babagaya. Kandi abantu bazomenya vy’ukuri yuko ndi Umukama Segaba Yehova.’”

25 “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ninasubira gukoraniriza hamwe Abisirayeli ndabakuye mu mahanga basanzarijwemwo+, nzokwerekana ko ndi mweranda mu maso y’amahanga biciye kuri bo+. Bazokwibera mu gihugu cabo+ nahaye umusavyi wanje Yakobo+. 26 Bazokibamwo mu mutekano+, bubake amazu, batere imirima y’imizabibu+. Bazokwibera mu mutekano ninashitsa urubanza naciriye ababakikuje bose babagaya+. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova Imana yabo.’”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika