Yosuwa
11 Yabini umwami wa Hazori akimara kuvyumva, aca arungikira ubutumwa Yobabu umwami wa Madoni+, n’umwami wa Shimuroni n’umwami wa Akishafu+. 2 Aburungikira n’abami bo mu karere k’imisozi kari mu buraruko, abari mu biyaya* vyo mu bumanuko bwa Kinereti n’abo mu karere ka Shefela no mu mirambi y’i Dori+ mu burengero. 3 Ubwo butumwa aburungikira kandi Abanyakanani+ baba mu buseruko no mu burengero, Abamori+, Abaheti, Abaperizi, Abayebusi baba mu karere k’imisozi n’Abahiwi+ baba munsi y’umusozi Herumoni+ mu gihugu ca Mizipa. 4 Nuko baraza bari kumwe n’ingabo zabo zose, ari benshi cane nk’udutete tw’umusenyi wo ku nkengera y’ikiyaga kandi bari bafise amafarasi n’imikogote y’intambara vyinshi cane. 5 Abo bami bose bahana isango maze bahurira hafi y’amazi y’i Meromu, bahashinga ikambi kugira barwanye Abisirayeli.
6 Yehova aca abwira Yosuwa ati: «Ntubatinye+ kuko ejo nk’aya mango nzoha intsinzi Abisirayeli, bice abo bami bose. Amafarasi yabo muze muyavune amaguru*+, imikogote yabo na yo muyiturire.» 7 Nuko Yosuwa n’abasoda bose baza hafi y’amazi y’i Meromu maze batera abo bami batari bavyiteze. 8 Yehova afasha Abisirayeli barabatsinda+, baguma babakurikira gushika mu gisagara kinini citwa Sidoni+, n’i Misirefoti-Mayimu+ no mu kiyaya ca Mizipe mu buseruko. Barabica bose ntihagira n’umwe asigara+. 9 Yosuwa aca avuna amaguru y’amafarasi* yabo, imikogote yabo na yo arayiturira+, nk’uko Yehova yari yamutegetse.
10 Hanyuma Yosuwa arahindukira afata igisagara ca Hazori, umwami waco amwicisha inkota+. Ivyo yabikoze kubera yuko Hazori cahoze ari co gisagara gikuru muri ubwo bwami bwose. 11 Abahaba bose babicisha inkota, barabatikiza+. Nta gihumeka na kimwe casigaye+, maze aturira igisagara ca Hazori. 12 Yosuwa afata ivyo bisagara vyose, abami bavyo na bo abicisha inkota bose+. Arabahonya+, nk’uko nyene Musa umusavyi wa Yehova yari yarabitegetse. 13 Ariko rero ibisagara vyose vyari vyubatswe ku dusozi, Abisirayeli ntibabituriye kiretse Hazori. Ico gisagara conyene ni co Yosuwa yaturiye. 14 Abisirayeli basahura itunga ryose ry’ivyo bisagara n’ibitungwa vyaho+. Mugabo abantu bose babicisha inkota gushika babazimanganije+. Nta muntu n’umwe basigaje+. 15 Ivyo Yehova yari yarategetse umusavyi wiwe Musa, ni ko Musa na we yabitegetse Yosuwa+, kandi Yosuwa yabikoze ukwo nyene. Nta na kimwe atakoze mu vyo Yehova yari yarategetse Musa vyose+.
16 Nuko Yosuwa afata ico gihugu cose, ni ukuvuga akarere k’imisozi, aka Negebu kose+, igihugu cose ca Gosheni, akarere ka Shefela+, aka Araba*+, akarere k’imisozi ka Isirayeli n’uturambi twaho turi munsi y’imisozi*, 17 guhera ku musozi Halaki uduga amaja i Seyiri, gushika i Bayali-Gadi+ mu kiyaya ca Libani kiri munsi y’umusozi Herumoni+. Afata n’abami baho bose maze arabica. 18 Yosuwa yamaze igihe kirekire arwana n’abo bami bose. 19 Nta gisagara na kimwe cagiranye isezerano ry’amahoro n’Abisirayeli kiretse Abahiwi baba i Gibeyoni+. Ibindi bisagara vyose babifatishije umuheto+. 20 Yehova ni we yareka bakaba intagondwa*+ bakarwanya Abisirayeli, kugira abatikize ata kigongwe+. Bategerezwa kurandurwa, nk’uko nyene Yehova yari yarabitegetse Musa+.
21 Ico gihe Yosuwa azimanganya bene Anaki+ baba mu karere k’imisozi, ababa i Heburoni, i Debiri, i Anabu n’ababa mu karere k’imisozi k’Ubuyuda kose n’aka Isirayeli kose. Yosuwa arabatikiza, atikiza n’ibisagara vyabo+. 22 Mu bakomoka kuri Anaki nta n’umwe yasigaye mu gihugu c’Abisirayeli. Basigaye+ gusa i Gaza+, i Gati+ n’i Ashidodi+. 23 Yosuwa rero yigarurira igihugu cose nk’uko Yehova yari yarabisezeraniye Musa+. Araheza agiha Abisirayeli ngo kibe intoranwa yabo hisunzwe imiryango yabo, ku buryo umwe wose uronka umugabane wawo+. Nuko igihugu kiruhuka intambara+.